UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Nta na kimwe capfuye ubusa
Yezu amaze kugaburira abagabo 5.000 hamwe n’abagore n’abana, yategetse abigishwa biwe ati: “Nimwegeranye utumanyu dusigaye, kugira ntihagire igipfa ubusa.” (Yoh 6:12) Yezu yarerekanye ko akenguruka ivyo Yehova yari abaronkeje mu kutabisesagura.
Muri iki gihe, Inama Nyobozi irihatira kwigana Yezu mu gukoresha neza intererano zitangwa. Nk’akarorero, igihe hubakwa inyubakwa z’icicaro gikuru i Warwick muri New York, abavukanyi bahisemwo imigero yotumye hakoreshwa amahera make.
TWOKWIRINDA GUTE GUSESAGURA IGIHE . . .
turi ku makoraniro?
turonse ibitabu tuzokoresha ku giti cacu? (km 5/09 3 ing. 4)
dutora ibitabu tuzokoresha mu ndimiro? (mwb17.02 “Dukoreshe neza ibitabu vyacu” ing. 1)
twamamaza? (mwb17.02 “Dukoreshe neza ibitabu vyacu” ing. 2, n’uruzitiro)