UBUZIMA BW’UMUKIRISU
Woba uriko urungukira ku gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi?
Mu rutonde rwawe rw’ivy’impwemu, hoba harimwo gusoma icanditswe c’umusi n’insasanuro zaco biri mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi? Nimba atari ukwo biri, ubona wobishira mu rutonde rw’ivyo ukora? Benshi basuzuma icanditswe kare mu gatondo, kugira birirwe barazirikana kuri ivyo vyiyumviro mu bikorwa vyabo vya buri musi. (Yos 1:8; Zb 119:97) None worushiriza gute kwungukira ku canditswe c’umusi? Nusome amakikuro y’uwo murongo wo muri Bibiliya kugira uronke amakuru yiyongereye. Niwiyumvire inkuru yo muri Bibiliya ishira ahabona ingingo ngenderwako iri muri ico canditswe. Nuce rero uvyerekeza ku buzima bwawe bwite. Niwisunga Ijambo ry’Imana mu ngingo ufata, rizokuyobora mu buzima kandi uzovyungukirako cane.—Zb 119:105.
Imiryango ya Beteli hirya no hino kw’isi irimbura icanditswe c’umusi mu gitondo imbere yo gutangura ibikorwa. Muri iyi myaka ya vuba, nyinshi muri izo porogarama z’ugusenga kwo mu gitondo zarashizwe kuri televiziyo ya JW®, ahavuga ngo INSIGURO N’IVYABAYE. Uheruka kubiraba ryari? Hari aho wosanga bimwe muri vyo bihuye neza na neza n’ivyo ukeneye. Nk’akarorero, inkuru ya Loti yogufasha gute mu ngingo ufata?
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO NTIMUKUNDE ISI (1YH 2:15), MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:
Mu kiringo c’umusi wose, nokwerekana gute ko mpa agaciro Ijambo rya Yehova?