Woba uvyibuka?
Woba warasomye witonze inomero z’Umunara w’Inderetsi zo muri uyu mwaka? Raba rero nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
Kubera iki tuninahaza Yehova?
Tumuninahaza kubera ko tumwubaha cane no kubera ko tumukunda cane. Tumuninahaza kandi kubera ko twipfuza yuko abandi bamumenya.—w25.01, rup. 3.
Igihe abandi batubabaje, ni ibiki vyodufasha kurushiriza kubababarira?
Kutirengagiza umubabaro tuba dufise. Naho ari ukwo, gutsinda ishavu no kutabika inzika biraturinda kuguma tudundumiwe mu mutima.—w25.02, rup. 15-16.
Kubera iki Mariko ari akarorero keza ku bavukanyi bakiri bato?
Mariko yaremeye gukorera abandi n’umutima ukunze. Naho hari ikintu gishobora kuba caramubabaje kandi kikamuvuna umutima, ntiyaciye acika intege ngo areke gukorera abavukanyi biwe. Vyongeye, yaragiraniye ubugenzi somambike na Pawulo be n’abandi bakirisu bahumuye.—w25.04, rup. 27.
Yezu yashaka kuvuga iki igihe yasenga avuga ngo: «Narabamenyesheje izina ryawe»? (Yoh. 17:26)
Abigishwa biwe bari basanzwe bazi izina ry’Imana. Ahubwo Yezu yabamenyesheje nyene iryo zina, ushizemwo imigambi yiwe, ibikowa vyiwe be na kamere ziwe.—w25.05, rup. 20-21.
Igihe turi abantu bifata ruto, ni ibiki twemera?
Turemera ko hariho ibintu bimwebimwe tutazi. Nk’akarorero, ntituzi umusi iherezo rizozirako canke ingene Yehova azodufasha ico gihe. Vyongeye, ntituzi ibizoba ejo canke ngo dutahure neza ingene Yehova atuzi.—w25.06, rup. 15-18.
Ni biki vyodufasha kwungukira ku kiganiro kanaka canke ku nsiguro ya bose?
Twokwibaza duti: «Ni ibimenyamenya ibihe biriko biratangwa mu ntumbero yo kujijura abumviriza? Hoba hari akarorero gakora ku mutima batanze nokoresha mu kwigisha? Ni bande boshimishwa n’iki ciyumviro?»—w25.07, rup. 19.
Ingene Imana yafashe Dawidi bitwigisha iki ku bijanye n’imbabazi zayo?
Naho Dawidi yakoze ibicumuro bikomeye, igihe yigaya vy’ukuri Yehova yaramubabariye. (1 Abm. 9:4, 5) Iyo Imana ibabariye umuntu ibicumuro vyiwe, ntisubira kubimuharurako canke ngo izobimuhanire muri kazoza.—w25.08, rup. 17.
Wokora iki igihe uwo wigisha Bibiliya hari iciyumviro kimugoye gutahura?
Igihe ugerageje uko ushoboye kwose kumusigurira iciyumviro kanaka ukoresheje Bibiliya mugako kikamugora gutahura, nube uracihojeje maze muzokigarukeko hanyuma.—w25.09, rup. 24.
Ni mu buryo ki igicumuro gifise «ububasha buhendana»? (Heb. 3:13)
Igicumuro kirashobora kuturyosharyosha ngo dukore ibintu bibi. Kirashobora no gutuma tuguma dukekeranya, nk’akarorero tukibaza nimba vy’ukuri Imana idukunda.—w25.10, rup. 16.
Ni ibintu bitatu ibihe twokora kugira amasengesho yacu atume turushiriza kwiyegereza Yehova?
(1) Twozirikana kuri kamere za Yehova. (2) Twozirikana ku biriko biradushikira hanyuma tukabishira mw’isengesho, nk’akarorero nimba hari umuntu dukeneye kubabarira. (3) Twofata kandi umwanya ukwiye igihe dusenga. Ivyo vyoshobora gutuma amasengesho yacu aba ayavuye ku mutima koko.—w25.10, rup. 19-20.
Twofasha gute abageze mu zabukuru?
Twobagendera canke tukabaterefona. Twoshobora no kubaherekeza kwa muganga canke tugakorana na bo mu mice itandunye y’indimiro.—w25.11, rup. 6-7.
Ni ibintu nyamukuru ibihe vyotuma ubugeni buba ubuteye iteka?
Kwubahiriza amategeko y’igihugu agenga umubano. Kwitwararika ko urwo rubanza, ushizemwo n’agatutu, birangwamwo kamere ziva ku mpwemu y’Imana. Kwifata ruto mu bijanye n’inyambaro no kwirinda imigenzo iteye kubiri n’Ivyanditswe. Guhanahana neza amakuru mu gihe co gutegura urubanza rw’ubugeni.—w25.12, rup. 21-24.