ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w25 Kigarama rup. 20-25
  • Ingene mwotegura ubugeni butera iteka Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene mwotegura ubugeni butera iteka Yehova
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • KUBERA IKI MUKWIYE GUTERA ITEKA YEHOVA?
  • MWOTERA ITEKA YEHOVA GUTE?
  • IVYOBAFASHA KWIRINDA INTAMBAMYI ZIMWEZIMWE BE N’INGENE MWOZITSINDA
  • Nimwongereze umunezero n’iteka vy’umusi wanyu w’ubugeni
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ubugeni Bunezereye Butera Iteka Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Inyishu ku bibazo vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ubugeni buteye iteka imbere y’Imana n’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
w25 Kigarama rup. 20-25

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 51

URURIRIMBO RWA 132 Ubu rero tubaye umwe

Ingene mwotegura ubugeni butera iteka Yehova

«Ibintu vyose nibibe mu buryo bubereye kandi ku rutonde.»—1 KOR. 14:40.

ICIYUMVIRO NYAMUKURU

Turaza kubona ingene abimirije kwubakana botera iteka Yehova ku musi w’ubugeni bwabo.

1-2. Yehova abona gute ubugeni?

WOBA wimirije kwubaka urwawe? Nimba ari ko bimeze, turagukeje cane. Ushobora kuba uriko uratigita mu myiteguro y’urwo rubanza. Yehova yipfuza ko ubugenia bwanyu bwogenda neza, mukaryoherwa kandi mukazobana ibihe vyose muhimbawe.—Imig. 5:18; Ind. 3:11.

2 Birabereye ko mutera iteka Yehova ku musi w’ubugeni bwanyu. Kubera iki? Kandi mwobigira gute? Naho ahanini iki kiganiro cerekeye abariko barategura urubanza rw’ubugeni, ibivugwamwo birashobora kudufasha twese gutera iteka Yehova igihe twitavye mwene urwo rubanza, canke igihe badusavye guterera ivyiyumviro ku kuntu ruriko rurategurwa.

KUBERA IKI MUKWIYE GUTERA ITEKA YEHOVA?

3. Igihe abimirije kwubakana bariko barategura ubugeni ni igiki bakwiye kwitwararika, kandi kubera iki?

3 Abariko barategura ubugeni bwakwiye kubigira bisunze ingingo ngenderwako za Yehova dusanga muri Bibiliya. Uti kubera iki? Kubera ko Yehova ari we yatanguje umubano. Ni we yahuje Adamu na Eva nk’umugabo n’umugore, gutyo aba atanguje umubano wa mbere. (Ita. 1:28; 2:24) Ku bw’ivyo rero, abategura urubanza rw’ubugeni bakwiye kwitwararika ko urubanza rwabo rwotera iteka Yehova.

4. Ni iyindi mvo iyihe ikwiye gutuma abimirije kwubakana batera iteka Yehova ku musi w’ubugeni bwabo?

4 Iyindi mvo ihambaye ikwiye gutuma mwiyumvira Yehova igihe mutegura ubugeni bwanyu, ni uko ari Umuvyeyi wanyu akaba n’Umugenzi wanyu somambike. (Heb. 12:9) Nta nkeka ko mwipfuza kuguma mufitaniye ubucuti bwiza na we. Ntimwoshima rero ko kuri uwo musi canke ku wundi uwo ari wo wose, hogira ikintu cobabaza uwo Mugenzi wanyu. (Zab. 25:14) None muzirikanye ku vyo Yehova amaze kubakorera no ku vyo azobakorera muri kazoza, ntimuca mubona ko bibereye ko mumutera iteka ku musi w’ubugeni bwanyu?—Zab. 116:12.

MWOTERA ITEKA YEHOVA GUTE?

5. Bibiliya yofasha gute abariko barategura urubanza rw’ubugeni?

5 Nta rutonde rw’amategeko Bibiliya itanga ku bijanye n’ivyokorwa ku nsiguro y’ubugeni canke ku gatutu. Abantu rero barashobora gutegura urwo rubanza bisunze uko ivyabo vyifashe, imico yabo, be n’ivyo bakunda. Ariko abasavyi ba Yehova baritwararika no kwubahiriza amategeko y’igihugu agenga umubano. (Mat. 22:21) Yamara ico bohitamwo cose, igihe bateguye ubugeni bwabo bisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, biratera iteka Yehova kandi bigatuma anezerwa. None ni ingingo ngenderwako izihe bokwisunga?

6. Kubera iki bihambaye ko abipfuza kwubakana bubahiriza amategeko y’igihugu agenga umubano?

6 Nimwubahirize amategeko y’igihugu. (Rom. 13:​1, 2) Mu bihugu vyinshi, hariho amategeko abipfuza kwubakana babwirizwa gukurikiza imbere yo kubana. Abipfuza kwubakana rero, bakwiye kwitwararika kumenya ivyo basabwa n’amategeko mu gihugu iwabo. Nimba mwipfuza uwobafasha kubimenya, ntimwitinye kwitura abakurambere.b

7. Urubanza rw’ubugeni rukwiye kuba ari ikiringo kimeze gute, kandi ni igiki cotuma rumera gutyo?

7 Nimutume ico kiringo kiba igiteye iteka. (1 Kor. 10:​31, 32) Nimwihatire gutuma urubanza rw’ubugeni bwanyu rurangwamwo kamere ziva ku mpwemu y’Imana, aho kurangwa n’impwemu y’isi. (Gal. 5:​19-26) Kubera ko Bibiliya ivuga ko umugabo ari we mutwe w’umuryango, ni we rero afise ibanga ryo kwitwararika ko urubanza rw’ubugeni bwabo ruba ikiringo gihimbaye kandi giteye iteka. Ni igiki none cotuma ruba uruteye iteka? Ni insiguro y’ubugeni ishingiye kuri Bibiliya itanzwe mu buryo buranga urukundo n’igishika kandi buteye iteka. Iyo nsiguro iratuma abumviriza bose babona ko umubano w’abubatse ari ingabire iva ku Mana kandi ko atari ikintu co gukinisha. Ni co gituma abimirije kwubakana benshi bashima ko iyo nsiguro ibera ku Ngoro y’Ubwami igihe cose bishoboka. Nimba mwipfuza gukoresha Ingoro y’Ubwami, murakwiye kwandikira inama y’abakurambere hakiri kare kugira ngo mubisabe.

8. Ni ibiki vyotuma ikiringo c’agatutu kiba igiteye iteka? (Abaroma 13:13)

8 Soma Abaroma 13:13. Nimba mutegekanya kuzogira agatutu k’ubugeni, mwokora iki kugira ngo ico kiringo ntikizorangwemwo impwemu y’isi? Imvugo yo mu kigiriki yahinduwe ngo «kwidagadura birenze», yerekeza ku mitororokano irangwa no kunywa inzoga zirenze urugero be no gutamba imiziki gushika mw’ijoro rikuze. Nimwahitamwo rero gutanga inzoga ku rubanza rwanyu, muritwararika ko hatagira n’umwe anywa izirenze urugero.c Nimba na ho hazovuzwa imiziki, muritwararika ko ivuzwa kuri vorime yorohereza abatumire kuyaga. Vyongeye, muritwararika cane guhitamwo ubwoko bw’imiziki yovuzwa be no gusuzuma ibivugwamwo kugira ntihagire uwo mutsitaza.

9. Ni ibiki abimirije kwubakana bokwitwararika ku bijanye n’amajambo azovugirwa ku gatutu canke ibindi birori bizohabera?

9 Ku gatutu k’urubanza rwanyu hoba hari abazovuga amajambo? Hoba hozokwerekanwa amafoto canke amavidewo? Hoba hazoba ibindi birori? Ivyo bintu akenshi biratuma urubanza ruryoha. Ariko rero, muritwararika ko ibizovugwa be n’ibirori vyose bizogirwa bizoba ari ivyubaka. (Flp. 4:8) Nimwibaze rero muti: «Vyoba bizokwerekana ko twubaha abandi? Vyoba ari ibintu bitera iteka umubano w’ababiranye? N’igihambaye kuruta, vyoba bizotera iteka Yehova?» Naho kuvuga ibintu bitwenza ata kibi kirimwo, abahabwa ijambo bakwiye kwirinda kuvuga ibintu bitabereye, nk’ivyerekeza ku gitsina. (Ef. 5:3) Nimba hari incuti n’abagenzi bazovuga ijambo, muritwararika kubamenyesha ivyo mutoshima ko bavuga.

10. Kubera iki abimirije kwubakana bakwiye kwifata ruto igihe bategura urubanza rwabo rw’ubugeni? (1 Yohani 2:​15-17)

10 Nimwifate ruto. (Soma 1 Yohani 2:​15-17.) Yehova arahimbarwa igihe abasavyi biwe barondera kumutera iteka, aho kurondera kwiyerekana. Ku bw’ivyo, abakirisu bifata ruto baririnda gusesagura amahera no kurondera ‘guhayagiza ivyo batunze.’ None gukora urubanza rworoheje vyobafasha gute? Kumbure vyobagendera nk’uko vyagendeye umuvukanyi umwe yitwa Mike wo muri Norvège. Avuga ati: «Kwirinda amadeni vyatumye inyuma y’ubugeni tubandanya gukora ubutsimvyi. Naho ubugeni bwacu bwari ubusanzwe, bwari bwiza cane kandi bw’intibagirwa.» Mushiki wacu yitwa Tabitha wo mu Buhindi na we avuga ati: «Kugira urubanza rworoheje vyaraturinze gushuha umutwe. Vyatumye tutagira vyinshi vyo gutegura, ivyo bica bigabanya ivyo twari guhava tutumvikanako.»

Amafoto: Abavukanyi na bashiki bacu bo hirya no hino kw’isi baryohewe ku musi w’ubugeni bwabo. 1. Abageni bicaye imbere y’uwuriko arabashikiriza insiguro y’ubugeni mu Ngoro y’Ubwami. 2. Umugabo n’umugore bariko barakeza abageni mu kiringo c’agatutu. 3. Abageni be n’abatumire babo bariko barihereza ibifungurwa. 4. Abageni bahagaze imbere y’umuvukanyi ariko arabashikiriza insiguro y’ubugeni mu busitani.

Aho abakirisu boba baba hose, barashobora gutegura ubugeni buciye bugufi, bwiza, kandi bw’intibagirwa (Raba ingingo ya 10-11)


11. Umukwe n’umugeni bokwerekana gute ko bifata ruto mu nyambaro no mu kwitunganya? (Raba n’amafoto.)

11 Mwoba murahitamwo ivyo muzokwambara? Nta nkeka ko mwipfuza ko muzoba mushajije. Mbere no mu bihe vya Bibiliya, umukwe n’umugeni baritwararika gushaza. (Yes. 61:10) Ego ni ko, uko muzokwambara ku bugeni birashobora kuba bitandukanye n’uko mwambara mu bindi biringo. Naho ari ukwo, impuzu muzokwambara ku bugeni zikwiye kuba ari iziranga urupfasoni. (1 Tim. 2:9) Ntimureke ngo uko muzokwambara n’uko muzokwitunganya, canke ikindi kintu cose c’ivy’umubiri, bibe ari vyo ahanini urubanza rwanyu ruzokwibukirwako.—1 Pet. 3:​3, 4.

12. Kubera iki abimirije kwubakana bakwiye kwirinda imigenzo yose idashingiye kuri Bibiliya, ikunda kugirwa mu karere iwabo?

12 Nimwirinde imigenzo idashingiye kuri Bibiliya. (Ivyah. 18:4) Ubugeni bwinshi muri iki gihe, usanga bugirwamwo imigenzo ifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma, ubupfumu be n’ibintazi. Yehova aratugabisha mu buryo butomoye ngo twirinde mwene ivyo bintu bihumanye. (2 Kor. 6:​14-17) Nimba mu karere iwanyu hagirwa ibintu biteye amakenga, vyoba vyiza mubanje gusuzuma inkomoko yavyo be n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zobafasha, imbere yo guhitamwo ivyo mwoshira mu rubanza rwanyu.

13. Abimirije kwubakana bokwigana gute ingene Yehova yakira ingabire tumuha?

13 Mu karere iwanyu, vyoba bimenyerewe ko abitavye ubukwe baha amakado abageni? Amakado abantu batanga yoshobora gutandukana kubera ko batanganya uburyo. Ego ni ko abakirisu baremeshwa gutanga, kandi kubigira birabahimbara. (Imig. 11:25; Ivyak. 20:35) Naho ari ukwo, turakwiye kwirinda ivyotuma abitavye ubugeni bwacu bumva ko bategerezwa kugira ico batanze, canke ivyotuma bagira ubuyega bwo gutanga ikado iciye bugufi. Turagerageza kwigana Yehova mu gushima ikado iyo ari yo yose abandi boduha babikuye ku mutima.—2 Kor. 9:7.

IVYOBAFASHA KWIRINDA INTAMBAMYI ZIMWEZIMWE BE N’INGENE MWOZITSINDA

14. Abantu bamwebamwe bahura n’intambamyi izihe iyo bariko barategura ubugeni?

14 Igihe mwihatira gutegura ubugeni butera iteka Yehova, mwoshobora guhura n’intambamyi. Nk’akarorero, vyoshobora kubabera urugamba gutegura urubanza ruciye bugufi. Umuvukanyi yitwa Charlie wo mu mazinga ya Salomo avuga ati: «Ntivyatworoheye namba guhitamwo abo twotumira ku gatutu k’ubugeni bwacu. Dufise abagenzi benshi cane, kandi mu mico y’iwacu uwo ari we wese aba yiteze ko uzomutumira.» Umwe Tabitha twavuga kare, na we agira ati: «Mu karere iwacu abantu bamenyereye ko agatutu k’ubugeni kaba kagizwe n’isinzi ry’abantu. Vyafashe igihe kugira ngo abavyeyi bacu bemere ingingo twari twafashe yo gutumira abantu nka 100 gusa.» Uwitwa Sara wo mu Buhindi na we avuga ati: «Abantu bamwebamwe usanga barazwa ishinga cane n’ukuntu babonwa mu kibano. Kubera ko bavyaranje bagize imanza n’ubugeni zihanitse, hari abandemereye ngo nanje nzogire uruhanitse kubaruta.» Ni ibiki none vyobafasha gutsinda izo ntambamyi tuvuze, hamwe n’izindi?

15. Kubera iki bihambaye ko musenga igihe muriko murategura urubanza rw’ubugeni?

15 Nimusenge kenshi igihe muriko murategura urubanza. Murashobora kubwira Yehova ingingo iyo ari yo yose mwipfuza gufata be n’ibintu vyose bibaraje ishinga. (Flp. 4:​6, 7) Mwoshobora kumusaba ngo abafashe gufata ingingo nziza, gutekana igihe mwumva ko mwataye umutwe, canke kugaragaza umutima rugabo igihe bikenewe. (1 Pet. 5:7) Mwiboneye ingene yishura amasengesho yanyu, muca murushiriza kumwizigira. Umwe Tabitha twavuga, agira ati: «Jewe n’umufiyanse wanje twari dufise impungenge z’uko twoshobora kudahuza hagati yacu no kudahuza n’imiryango yacu. Igihe cose rero twaba tugomba kuganira ku nteguro y’ubugeni bwacu, twatangura n’isengesho. Twariboneye koko ingene Yehova adufasha, turarutegura twese dushize hamwe.»

16-17. Guhanahana amakuru neza vyobafasha gute igihe mutegura ubugeni?

16 Nimuhanahane amakuru neza kandi mu cubahiro. (Imig. 15:22) Muzokenera gufata ingingo nyinshi ku bijanye n’ubugeni bwanyu. Aho harimwo gushinga itariki buzoberako, amahera muzokoresha, urutonde rw’abo muzotumira, n’ibindi vyinshi. Imbere yo gufata ingingo, banze mushire hamwe ivyiyumviro, muganire no ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zobafasha, no ku mpanuro muhabwa n’abakirisu bahumuye bazi utuntu n’utundi. Igihe umwe wese avuga ingene abona uko rubanza rwogenda, nabigirane ubwitonzi kandi yirinde kudadaza. Igihe na ho abo mu muryango wa hafi, nk’akarorero abavyeyi banyu, babasavye gushiramwo ikintu mubona ko cumvikana, nimubatere iteka mukibemerere. Kanatsinda, urubanza rwanyu na bo nyene ni rwabo. Ariko mubonye ko ikintu basavye kitokunda, nimubasigurire impamvu mu bugwaneza. (Kol. 4:6) Nimubatomorere ko ikintu nyamukuru mwipfuza ari uko urubanza rwanyu rwoba ikiringo gihimbaye kandi gitera iteka Yehova.

17 Gusigurira abavyeyi banyu ingingo muba mwafashe, birashobora kuba urugamba na canecane igihe badasenga Yehova. Naho ari ukwo, birashobora kugenda neza. Umuvukanyi umwe wo mu Buhindi yitwa Santhosh avuga ati: «Imiryango yacu yashaka ko dushiramwo imigenzo itandukanye y’abahindu. Twe n’umufiyanse wanje vyadutwaye igihe kinini kugira ngo tubasigurire ingingo twari twafashe. Ariko rero, bimwebimwe mu vyo badusavye twabona ko bitobabaza Yehova, twarabibemereye. Nk’akarorero, twarahinduye ibifungurwa twari twateguye mu gihe c’agatutu, tubihuza n’ivyo bashaka. Twarafashe n’ingingo yo gukuramwo imiziki be n’ivyo gutamba kuko batari basanzwe babimenyereye.»

18. Ni igiki cotuma urubanza rw’ubugeni bwanyu rugenda neza? (1 Abakorinto 14:40) (Raba n’ifoto.)

18 Nimurutegure mwitonze. Nimwatunganya neza ibintu, bizotuma mudashuha umutwe ku musi w’ubugeni bwanyu. (Soma 1 Abakorinto 14:40.) Uwitwa Wayne wo muri Tayiwani avuga ati: «Hasigaye imisi mikeyi ngo tugire ubugeni, twaragize akanama gatoyi n’abari bemeye kudufasha ku rubanza rwacu. Twaraganiriye ku nteguro y’urubanza twongera turagira n’imyimenyerezo y’ukuntu ibintu bimwebimwe bizogenda kugira ngo ku musi w’urubanza ntihaze hagire abajuragirika.» Muragaragarize icubahiro abatumire banyu mu kwihatira kwubahiriza umwanya.

Umusore n’inkumi bimirije kwubakana bariko baraganira n’abagenzi babo bemeye kubafasha urubanza. Uwo musore ariko arabereka muri tablete yiwe ingene biyumviriye uko abantu bokwicara ku gatutu.

Gutegura neza ibintu imbere y’igihe, birashobora gutuma urubanza rwanyu rugenda neza (Raba ingingo ya 18)


19. Ni igiki cotuma urubanza rwanyu ruguma rurimwo urutonde?

19 Kuzirikana ku bintu imbere y’igihe, birashobora gukinga ingorane nyinshi. (Imig. 22:3) Nk’akarorero, nimba mu karere iwanyu abantu bakunda kwitaba urubanza kandi batatumiwe, nimwiyumvire ico mwokora kugira ngo ntibizobe. Nimwitwararike kumenyesha incuti zitizera uko ibintu bitegekanijwe, mwongere mubasigurire ingene mubona imigenzo imwimwe ijanye n’imanza z’ubugeni. Mwoshobora kubarungikira ikiganiro co kuri jw.org kivuga ngo «Ni ibiki biba ku bugeni bw’Ivyabona vya Yehova?» Kugira ngo urubanza rwanyu rugume rurimwo urutonde, mwoshobora gusaba umuvukanyi ahumuye akababera ‘umuhagarikizi w’urubanza.’ (Yoh. 2:8) Mumusiguriye neza uko ibintu bitunganijwe ku rubanza rwanyu, arashobora kubafasha gutuma ruguma ruteye iteka kandi ibintu bikagenda nk’uko mwari mwavyipfuje.

20. Abimirije kwubakana bakwiye kuguma bibuka iki ku bijanye n’urubanza rwabo?

20 Muzirikanye ku bintu vyose bijanye no gutegura urubanza rwanyu, mwoshobora guhagarika umutima. Ariko rero, nimwibuke ko urwo rubanza ruzomara umusi umwe gusa. Ni intango gusa y’ubuzima bwiza mushobora kuzogira bwo gukorera Yehova muri kumwe. Nimwihatire rero kworosha ubugeni bwanyu no gutuma buba ubuteye iteka. Nimwizigire Yehova. Nimwisunga impanuro abaha, muzoshobora gutegura ubugeni muzokwama mwibuka mukaryoherwa, aho kwicuza.—Zab. 37:​3, 4.

WOKWISHURA GUTE?

  • Kubera iki abimirije kwubakana bakwiye gutera iteka Yehova ku musi w’ubugeni bwabo?

  • Abimirije kwubakana bokora iki kugira ngo urubanza rwabo ruzogende neza kandi ruzobe uruteye iteka?

  • Kworosha urubanza vyofasha gute abimirije kwubakana?

URURIRIMBO RWA 107 Akarorero Imana yatanze k’urukundo

a INSIGURO Y’AMAJAMBO: Mu mihingo myinshi, ubugeni usanga bugizwe n’insiguro y’ubugeni be n’indagano bijana, aho umwe wese mu bagiye kwubakana asezeranira Imana na mugenziwe ko bazobana ubudatana. Ivyo biheze, hari abahitamwo guca bagira agatutu. Mu yindi mihingo na ho, usanga ivy’ubugeni bitagenda gutyo. Ariko n’ico gihe nyene, birahambaye ko abimirije kwubakana bakurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ku musi w’ubugeni bwabo.

b Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’ingene abakirisu babona amategeko y’igihugu agenga umubano, raba ikiganiro kivuga ngo «Ubugeni buteye iteka imbere y’Imana n’abantu», mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2006.

c Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Noba notanga inzoga mu rubanza?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika