ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w06 15/10 rup. 18-23
  • Ubugeni buteye iteka imbere y’Imana n’abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubugeni buteye iteka imbere y’Imana n’abantu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umubano uteye iteka ni uwushingwa hisunzwe amategeko
  • Umubano ushingwa hisunzwe imico be n’uwushingwa mu gusezerana muri Leta
  • Umubano wanyu nugume urangwamwo icubahiro
  • Nimwongereze umunezero n’iteka vy’umusi wanyu w’ubugeni
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ingene mwotegura ubugeni butera iteka Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Ni ibiki biba ku bugeni bw’Ivyabona vya Yehova?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ubugeni Bunezereye Butera Iteka Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
w06 15/10 rup. 18-23

Ubugeni buteye iteka imbere y’Imana n’abantu

“Haba ubukwe i Kana . . . Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n’abigishwa biwe”.​—YOHANA 2:1, 2.

1. Inkuru ivuga ibijanye n’igihe Yezu yari i Kana itubwira ivyerekeye iki?

YEZU, nyina wiwe be na bamwe mu bigishwa biwe bariboneye umunezero uzanwa n’ubugeni buteye iteka bugirwa mu basavyi b’Imana. Kirisitu yaranatumye ubugeni bumwe buba ubudasanzwe mu gukora igitangaro ciwe ca mbere canditswe muri Bibiliya, maze ico gitangaro gituma ubwo bugeni burushiriza kuryoha (Yohana 2:1-11). Ushobora kuba umaze kwitaba no guhimbarirwa ubugeni bw’abakirisu bipfuza gukorera Yehova ari abubakanye bahimbawe. Canke na wewe ubwawe hari aho woba wipfuza kuzogira ubugeni nk’ubwo kibure gufasha umugenzi kugira ngo ubugeni bwiwe buzogende neza. Ni igiki none gishobora gutuma ubugeni bugenda neza?

2. Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubugeni?

2 Abakirisu basanze impanuro zo mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe zifasha cane igihe hari abantu babiri bitegurira kwubaka urwabo (2 Timoteyo 3:16, 17). Yamara, Bibiliya ntivuga ido n’ido ry’ukuntu ubugeni bw’abakirisu bukwiye kugenda. Kandi ivyo birumvikana kubera yuko imico kama, eka mbere n’ibisabwa n’amategeko ya Leta usanga bigenda biratandukana bivanye n’ahantu canke n’igihe. Nk’akarorero, muri Isirayeli ya kera nta birori vy’ubugeni umuntu yasabwa kugira. Ku musi w’ubugeni, umukwe yarazana mu nzu iwe umugeni canke akamujana mu nzu kwa se (Itanguriro 24:67; Yesaya 61:10; Matayo 1:24). Rero, ubugeni bwari ico kintu nyene yaba agize bene umurango babona, hatarinze kugirwa vya birori usanga biba mu bugeni bwinshi bwo muri iki gihe.

3. Ni urubanza bwoko ki rwabereye i Kana Yezu yagize ico aterereyemwo?

3 Abisirayeli babona ko ukwo kuzana umugeni mu nzu ari bwo bugeni. Amaze kumushikana mu nzu, barashobora guca bagira amazimano y’ubwo bugeni, nk’amwe avugwa muri Yohana 2:1. Uravye muri Bibiliya nyinshi, usanga uwo murongo uvuga mu buryo busa n’ubu uti: “Haba ubugeni i Kana”. Ariko ijambo ryo mu rurimi rw’intango ryahinduwe ng’aho ngo “ubugeni”, umuntu arihinduye neza yovuga ngo “ubukwe” canke “amazimano y’ubugeni”a (Matayo 22:2-10; 25:10; Luka 14:8). Iyo nkuru yerekana neza yuko Yezu yitavye amazimano ajanye n’ubugeni bw’Abayuda, kandi aranagira ico aterereyemwo. Ariko rero, ikintu nyamukuru cibonekeza ni uko ukuntu ubugeni bwagirwa ico gihe gutandukanye n’ukuntu bukunda kugirwa muri iki gihe.

4. Abakirisu bamwebamwe bashima kugira ubugeni bumeze gute, kandi kubera iki?

4 Mu bihugu vyinshi muri iki gihe, abakirisu bipfuza kwubaka izabo usanga babwirizwa gukurikiza ivyo amategeko ya Leta abasaba. Igihe bakurikije ivyo bintu bisabwa, ni ho bashobora guca bashinga urwabo mu buryo bwemewe n’amategeko. Ivyo bishobora kugirwa mu birori birimwo abantu bake kandi bibayabaye, bihagarikiwe n’umucamanza, umukuru w’igisagara, canke umusuku mukirisu abirekuriwe na Leta. Hari abashima kwubaka izabo muri ubwo buryo, kumbure bagasaba incuti nkeyi canke abagenzi bakirisu bakeyi ngo babe ari ho bari kugira ngo bababere ivyabona canke kugira ngo gusa banezeranwe na bo kuri uwo musi uhambaye (Yeremiya 33:11; Yohana 3:29). Muri ubwo buryo nyene, hari abandi bakirisu boshobora gushima kutagira umusi mukuru canke agatutu birimwo abantu benshi vyosaba igikorwa kitoroshe co kubitegura canke vyosaba uburyo bwinshi. Ahubwo riho, hari aho boshima gutegekanya yuko haba ukwihereza udufungurwa, bari ahantu hatekanye bari kumwe n’abagenzi nka bangahe bashika. Naho umwe wese muri twebwe yoshobora kuba afise ukuntu we abona ibintu ku bijanye n’ivyo, dukwiye gutahura yuko abandi bakirisu bahumuye boshobora kuba babibona mu buryo butandukanye n’uko twebwe tubibona.​—Abaroma 14:3, 4.

5. Ni kubera iki abakirisu benshi bashima ko hashikirizwa insiguro y’ubugeni igihe bashinze urwabo, kandi iyo nsiguro iba ivugwamwo ibiki?

5 Abakirisu benshi barashima yuko ku musi w’ubugeni bwabo hashikirizwa insiguro ishingiye kuri Bibiliyab. Baratahura yuko Yehova ari we yatanguje umubano w’abubatse be n’uko mw’Ijambo ryiwe atanga impanuro ziranga ubukerebutsi zijanye n’ukuntu umubano ushobora kuroranirwa ukongera ukarangwamwo agahimbare (Itanguriro 2:22-24; Mariko 10:6-9; Abanyefeso 5:22-33). Kandi abageni benshi barashima yuko abagenzi babo b’abakirisu be n’incuti zabo bifatanya na bo kuri ico kintu gihimbaye. Ariko none, twobona gute ibintu vyinshi bitandukanye bisabwa n’amategeko, ibintu bitari bimwe usanga bigirwa mu bijanye n’ubugeni, be n’imico kama itari imwe ikurikizwa mu mihingo itandukanye? Iki kiganiro kiraza guca irya n’ino ibigirwa mu mihingo itandukanye. Bimwebimwe muri ivyo woshobora gusanga bitandukanye n’ivyo usanzwe uzi canke n’ibisanzwe bigirwa aho iwanyu. Naho ari ukwo, urashobora kubona ingingo ngenderwako zimwezimwe be n’imice imwimwe abasavyi b’Imana bahurizako kandi bihambaye kuri bo.

Umubano uteye iteka ni uwushingwa hisunzwe amategeko

6, 7. Ni kubera iki twokwitwararika gukurikiza ibisabwa n’amategeko ku bijanye n’ugushinga urugo, kandi ivyo twobigira gute?

6 Naho Yehova ari we yatanguje umubano w’abubatse, intwaro z’abantu zirafise ububasha ku bintu bimwebimwe abantu bakora igihe bitegurira kwubaka urwabo. Kandi ivyo birabereye. Yezu yavuze ati: “Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana” (Mariko 12:17). Intumwa Paulo na we nyene yaduhimirije ati: “Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana”.​—Abaroma 13:1; Tito 3:1.

7 Mu bihugu vyinshi, Kayisari, ni ukuvuga abategetsi, ni we ashinga ibisabwa abubaka izabo. Igihe rero abakirisu babiri barekurirwa n’Ivyanditswe gushinga urwabo bashimye kurushinga, baritaho gukurikiza amategeko y’aho baba. Ivyo vyoshobora kuba birimwo ukuronka urukaratasi rubarekurira gushinga urwabo, ukuraganishwa n’umuntu abirekuriwe na Leta, hamwe n’ugutera umukono wemeza ko bubakanye. Igihe Kayisari Augusito yasaba ko abantu baja “kwandikwa”, Mariya na Yozefu barumviye iryo tegeko, baraja i Betelehemu “kwiyandikisha”.​—Luka 2:1-5.

8. Ni ibiki Ivyabona vya Yehova batagira, kandi kubera iki?

8 Igihe abakirisu babiri bashinze urwabo mu buryo buhuje n’amategeko kandi bwemewe, uwo mubano wabo uratuma umwe wese muri bo agira ico abazwa ku wundi imbere y’Imana. Ni co gituma rero Ivyabona vya Yehova badasubiramwo ubugeni bwabo mu kuza barasubira kugira ibirori bisabwa n’amategeko canke ngo basubiremwo indagano z’umubano, nk’akarorero igihe bibuka imyaka 25 canke 50 baba bamaze bubakanye (Matayo 5:37). (Mu madini amwamwe ntibafatana uburemere ibirori vy’ubugeni bwemewe n’amategeko bwagizwe mu gusezerana muri Leta gusa. Bavuga yuko mwene uwo mubano utaba ubereye vy’ukuri kubera ko ata birori vyo mu vy’idini bihagarikiwe n’umupatiri canke umukuru kanaka mw’idini biba vyagizwe, kibure ngo yemeze ko babaye umugabo n’umugore.) Mu bihugu bimwebimwe, Leta iraha umusuku w’Icabona ca Yehova uburenganzira bwo kuraganisha abageni. Mu gihe bishoboka, hari aho yoshima ko ibirori vyo kuraganisha abageni be n’insiguro y’ubugeni bibera ku Ngoro y’Ubwami. Ico ni co kibanza co mu kibano kigirirwamwo ibijanye n’ugusenga kw’ukuri, kikaba rero ari ikibanza kibereye co gutangirwamwo insiguro ijanye n’iyo ndinganizo Yehova Imana yashizeho.

9. (a) Ni igiki abakirisu bipfuza kuzokwubakana boshobora guhitamwo kuzogira bahejeje gusezerana muri Leta? (b) Abakurambere boshobora gute kugira uruhara mu myiteguro y’ubugeni?

9 Mu bindi bihugu, amategeko arasaba abagomba kwubakana ko baja ku biro binaka vya Leta, nk’akarorero kuri komine, canke ko baja ku muntu munaka yagenywe na Leta araganisha abageni. Abakirisu akenshi barashima ko inyuma y’ivyo birori haca hashikirizwa insiguro y’ubugeni ku Ngoro y’Ubwami kuri uwo musi nyene canke ku musi ukurikira (Ntiboshima yuko insiguro ishingiye kuri Bibiliya ishikirizwa haciye imisi myinshi barasezeranye muri Leta, narirya uwo mubano waciye muri Leta uba wemewe ku Mana no ku bantu, ushizemwo n’ishengero rya gikirisu.). Mu gihe abazosezerana muri Leta bipfuje ko hoshikirizwa insiguro ku Ngoro y’Ubwami ikoreshwa n’ishengero rinaka, bakwiye gusaba hakiri kare abakurambere bagize Komite y’umurimo y’iryo shengero uruhusha rwo gukoresha iyo Ngoro. Abo bakurambere, uretse ko bazokwiyemeza ko abo bipfuza kwubakana bigenza neza, bazoraba kandi nimba insiguro itazoba mu mwanya usanzwe uberako amakoraniro canke iyindi mirimo yategekanijwe izobera aho kuri iyo Ngoro (1 Ab’i Korinto 14:33, 40). Bazokwihweza kandi ibikorwa vyo gutegura Ingoro vyoba vyarasabwe n’abo bipfuza kuzokwubakana, bongere barabe nimba hoshikirizwa itangazo rivuga ko iyo Ngoro izokoreshwa ku bw’ubwo bugeni.

10. Mu gihe abageni bategerezwa kubanza gusezerana muri komine, ivyo vyogira ico bikoze gute ku nsiguro y’ubugeni?

10 Umukurambere azoshikiriza iyo nsiguro y’ubugeni azogerageza kuyishikiriza n’igishika, mu buryo bwubaka mu vy’impwemu kandi buteye iteka. Nimba abageni baramaze gusezerana muri komine, azotomora yuko bamaze gushinga urwabo hisunzwe amategeko ya Kayisari. Niba igihe abo bageni basezerana muri komine batabwiranye za ndagano z’ababirana, hari aho boshima kubigira mu gihe c’iyo nsiguroc. Nimba na ho izo ndagano barazigiriraniye igihe basezerana muri komine, maze bakaba bahisemwo no kuzigira imbere ya Yehova n’ishengero, bobigira mu buryo bwumvikanisha ko bari bamaze kubigira, gutyo bakerekana ko Imana yari ‘yarabamatanije’.​—Matayo 19:6; 22:21.

11. Mu mihingo imwimwe, abantu bashinga urwabo gute, kandi ivyo bigira ico bikoze gute ku nsiguro y’ubugeni yoshobora gushikirizwa?

11 Mu mihingo imwimwe, amategeko yoshobora kuba adasaba yuko abagomba kwubakana bagira ibirori binaka, canke mbere adasaba ko baca imbere y’umuntu kanaka aserukira Leta ngo abaraganishe. Bitwa ko bubakanye igihe beretse umuntu kanaka aserukira Leta urukaratasi rwabigenewe bo nyene bateyeko umukono rwerekana yuko bipfuza kwubakana. Ico gihe, urwo rukaratasi ni rwo ruheza rukaba icemeza yuko umubano wabo wemewe na Leta. Gutyo rero baca babonwa ko ari umugabo n’umugore, uwo musi nyene ugaca uba ryo genekerezo ry’ubugeni bwabo. Rero, nk’uko twamaze kubibona, abashinze urwabo muri ubwo buryo hari aho na bo nyene boshima ko inyuma y’ukwo kwandikwa hashikirizwa insiguro ishingiye kuri Bibiliya ku Ngoro y’Ubwami. Umuvukanyi ahumuye mu vy’impwemu bazoba bashimye ko aba ari we ashikiriza iyo nsiguro, azomenyesha abayitavye yuko abo bageni bamaze kurushinga kubera yuko umubano wabo wamaze kwandikwa. Ivyo kugiriranira indagano vyoshobora kugirwa nk’uko vyavuzwe mu ngingo ya 10 no mu kajambo k’epfo bijanye. Abazoba bitavye iyo nsiguro ku Ngoro y’Ubwami bazonezeranwa n’abo bageni bongere bungukire ku mpanuro zo mw’Ijambo ry’Imana zizohatangirwa.​—Indirimbo ya Salomo 3:11.

Umubano ushingwa hisunzwe imico be n’uwushingwa mu gusezerana muri Leta

12. Umubano ushingwa hisunzwe imico kama ugirwa gute, kandi abubakana muri ubwo buryo vyoba vyiza bagize iki bamaze kurushinga?

12 Mu bihugu bimwebimwe, hari abubakana hisunzwe imico kama y’aho baba. Uwo mubano ntiwerekeza ku bantu babiri bapfa kwibanira. Eka kandi ntiwerekeza ku mubano woshobora kuba wemerwa mu mihingo imwimwe kubera gusa abantu bamaranye igihe kirekire ariko ukaba udahuje n’amategeko y’igihugud. Ahubwo umubano turiko tuvuga ni uwushingwa hisunzwe imico kama ijanye n’ubugeni isanzwe yemewe n’abantu bo mu bwoko bunaka canke bo mu karere kanaka. Ivyo hari igihe usanga birimwo ugutanga inkwano n’ukuyakira, gutyo abageni bakaba barushinze mu buryo bwemewe n’amategeko y’aho hantu kandi buhuje n’Ivyanditswe. Leta y’aho hantu iba ibona ko mwene uwo mubano wemewe, ko uhuje n’amategeko, kandi ko utuma bene kwubakana bagira ico babazwa imbere y’amategeko. Inyuma y’ivyo, mu bisanzwe birashoboka ko uwo mubano uca wandikishwa, maze abo bubakanye bagaca bahabwa urukaratasi rwemeza ko bubakanye. Ukwo kwandikisha mwene uwo mubano muri Leta kurashobora gukingira abubakanye bompi canke umugore mu gihe apfakaye, kukazonakingira abana bashobora kuzovuka. Ishengero ryoremesha abashinze urwabo muri ubwo buryo kwandikisha umubano wabo vuba bishoboka. Biri n’ico bivuze kubona mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa abubakana be n’abana bavuka, barandikwa.​—Matayo 1:1-16.

13. Igihe hari abashinze urwabo bisunze imico kama y’iwabo, ni ibiki vyoba bibereye ku bijanye n’insiguro y’ubugeni?

13 Abantu bashinze urwabo mu buryo bwemewe na Leta hisunzwe imico kama, baba umugabo n’umugore igihe ubugeni bwabo bubaye. Nk’uko vyamaze kuvugwa, abakirisu bubakanye muri ubwo buryo buhuje n’amategeko, hari aho boshima ko hashikirizwa insiguro y’ubugeni ku Ngoro y’Ubwami hakabamwo n’ukugiriranira indagano. Mu gihe bigenze gutyo, umushikirizansiguro yomenyesha yuko abo bageni bamaze kwubakana mu buryo buhuye n’amategeko ya Kayisari. Hoshikirizwa insiguro y’ubugeni imwe gusa. Ko mwene ubwo bugeni bugirwa incuro imwe gusa, na bwo bukaba ari ubugeni bwemerwa n’amategeko bwisunga imico kama, n’insiguro ishingiye ku Vyanditswe ishikirizwa yoba imwe. Gukurikiranya ivyo bintu bibiri bikagirwa hadaciye igihe kinini, bishobotse kuri uwo musi nyene, biratuma umubano w’abakirisu uba uwuteye iteka mu kibano.

14. Umukirisu yoshobora gukora iki mu gihe aho aba umubano ushingwa hisunzwe imico kama be n’uwushingwa mu gusezerana muri Leta, yompi yemerwa?

14 Mu bihugu bimwebimwe aho umubano ushingwa hisunzwe imico kama wemerwa n’amategeko, usanga hari n’abagira ubugeni mu gusezerana muri Leta. Ubugeni mwene ubwo akenshi bubera imbere y’umuntu kanaka aserukira Leta, bukaba bushobora kuba burimwo ukugiriranira indagano be n’ugutera umukono mu gitabu kinaka. Hari abakirisu bashima kugira mwene ubwo bugeni aho kugira ubwisunga imico kama y’aho baba. Amategeko ntasaba ko umuntu yogira ubwo bugeni bwompi; bumwe bwose muri ubwo buba bwemewe n’amategeko yo muri ico gihugu. Igihe abakirisu babiri baba barashinze urwabo mu buryo bwisunga imico kama y’aho baba kandi bwemewe na Leta bahisemwo mu nyuma kuja gusezerana muri Komine (atari ku Ngoro y’Ubwami), ico kiba ari ikibazo kibega bo ubwabo. Ukwo gusezerana muri Komine nta co guhindura kuri uwo mubano uba usanzwe wemewe. Ico gihe ntivyoba bikenewe ko hatunganywa ivyo gushikiriza insiguro y’ubugeni canke ivy’agatutu. Ibivugwa mu ngingo ya 9 n’iya 10 ku bijanye n’insiguro y’ubugeni be n’indagano bikora gusa ku bugeni bugirwa mu gusezerana muri Leta. Igihambaye ni uko umugabo n’umugore baba bubakanye mu buryo buteye iteka ku Mana no ku bantu.​—Luka 20:25; 1 Petero 2:13, 14.

Umubano wanyu nugume urangwamwo icubahiro

15, 16. Ni mu buryo ki ubugeni be n’umubano w’abubatse bikwiye kurangwamwo icubahiro?

15 Igihe havyuka ingorane mu mubano w’umwami umwe w’Umuperesi, umujanama mukuru wiwe yitwa Memukani yaratanze impanuro yovuyemwo ikintu ciza, iyo na yo ikaba yari iy’uko ‘abagore bose bubaha abagabo babo’ (Esiteri 1:20). Mu mibano y’abakirisu, iyo mpanuro si ngombwa ngo itangwe bwa tegeko n’umwami w’umuntu n’umwe; abakenyezi barubaha abanega babo bivuye ku mutima. Abanega bakirisu na bo baraha icubahiro abakenyezi babo bakongera bakabashimagiza (Imigani 31:11, 30; 1 Petero 3:7). Umubano wacu ntukwiye gutangura kurangwamwo icubahiro igihe gusa haba haciye imyaka myinshi twubakanye. Bikwiye gutangura kuva ugishingwa, ni ukuvuga guhera ku musi w’ubugeni.

16 Umugabo n’umugore si bo bonyene bakwiye gutera iteka umusi w’ubugeni bwabo. Nimba bitegekanijwe ko umukurambere mukirisu ashikiriza insiguro y’ubugeni, iyo nsiguro na yo nyene ikwiye kurangwamwo icubahiro. Iyo nsiguro ikwiye kwerekezwa ku bageni. Kubera yuko iyo nsiguro ari kimwe mu bintu bitera iteka abo bageni, umushikirizansiguro ntazovuga ibintu bigenewe gutwenza abantu gusa canke ngo ashimikire cane ku mvugo zinaka abantu bakunda gukoresha. Akwiye kudashira muri iyo nsiguro ivyiyumviro vyiwe bwite be n’ibiraba abo bageni canke abumviriza, vyoshobora kubatera ubuyega. Ahubwo riho, azogerageza gushikiriza iyo nsiguro n’igishika kandi mu buryo bwubaka, ashimike kuri Nyene gutanguza umubano w’abubatse be no ku mpanuro nziza cane atanga. Vy’ukuri, insiguro y’ubugeni iteye iteka uwo mukurambere ashikiriza izoterera agacumu k’ubumwe mu gutuma ubwo bugeni butera iteka Yehova Imana.

17. Ni kubera iki abakirisu bakurikiza amategeko ya Leta igihe bitegurira kugira ubugeni?

17 Muri iki kiganiro, ushobora kuba wabonye ibintu vyinshi vyavuzwe ku bijanye n’ukwisunga amategeko ajanye n’ivy’ubugeni. Hari aho imice imwimwe yoba idakurikizwa mu karere ubamwo. Yamara, twese turakwiye gutahura yuko bihambaye ko ubugeni bw’Ivyabona vya Yehova bugaragaza ko twubaha amategeko y’aho tubaye, ni ukuvuga amategeko ya Kayisari (Luka 20:25). Paulo yaduhimirije ati: “Muhe bose ivyo bakwiye: abahabga ikori mubahe ikori; ababuguza mubabugurire; . . . abo kwubahwa mububahe” (Abaroma 13:7). Ni vyo, birabereye ko abakirisu, guhera ku musi w’ubugeni, bagaragaza ko bubaha indinganizo iriho ku bw’Imana muri iki gihe.

18. Ni ikintu ikihe bibereye ko twitwararika umuntu ashobora guhitamwo kugira mu bugeni bwiwe, kandi amakuru ajanye n’ico kintu twoyasanga hehe?

18 Mu bugeni bwinshi bw’abakirisu, abatumire barahurira hamwe kugira ngo bahimbaze umusi mukuru w’ubugeni, basangire udufungurwa, canke baje mu gatutu. Wibuke yuko Yezu yahisemwo kwitaba umusi mukuru mwene uwo. Mu gihe habaye umusi mukuru mwene uwo, impanuro zo muri Bibiliya zishobora gute kudufasha gutuma uwo musi mukuru na wo nyene utera iteka Imana ukongera ugatera iteka abo bageni be n’ishengero rya gikirisu? Ikiganiro gikurikira ni vyo gica irya n’inoe.

[Akajambo k’epfo]

a Iryo jambo nyene ryo mu rurimi rw’intango ryarashobora gukoreshwa no ku musi mukuru utajanye n’ubugeni.​—Esiteri 9:22, wisunze ya Bibiliya yitwa Septante.

b Ivyabona vya Yehova barakoresha urucacagu rw’insiguro y’ubugeni imara iminuta 30 ifise umutwe uvuga ngo “Umubano w’ababiranye uteye iteka mu nyonga z’Imana”. Iyo nsiguro ishingiye ku mpanuro zo mu Vyanditswe ziri muri ca gitabu Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo be no mu bindi bitabu vy’Ivyabona vya Yehova. Iyo nsiguro irafasha abageni hamwe n’ababa bitavye ubwo bugeni bose.

c Uretse mu gihe amategeko ya Leta y’aho umuntu aba yoba asaba ko bigenda ukundi, izi ndagano zitera iteka Imana ni zo abageni bagiriranira. Umugabo avuga ati: “Jewe [izina ry’umugabo] ndagutwaye wewe [izina ry’umugore] ngo umbere umugore w’impeta, ngukunde kandi nguhoze ku mutima, nkurikije itegeko ry’Imana nk’uko riri mu Vyanditswe Vyeranda ku banega bakirisu, igihe cose tuzoba tubana kw’isi, nk’uko vyaringanijwe n’Imana mu mubano w’ababiranye”. Umugore na we avuga ati: “Jewe [izina ry’umugore] ndemeye ko untwara wewe [izina ry’umugabo] ngo umbere umugabo w’impeta, ngukunde kandi nguhoze ku mutima nongere nkwubahe bimwe bigera kure, nkurikije itegeko ry’Imana nk’uko riri mu Vyanditswe Vyeranda ku bakenyezi bakirisu, igihe cose tuzoba tubana kw’isi, nk’uko vyaringanijwe n’Imana mu mubano w’ababiranye”.

d Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 1 Rusama 1962, ku rupapuro rwa 287, uragira ico uvuze ku bijanye n’umubano mwene uwo.

e Raba kandi ikiganiro kivuga ngo “Nimwongereze umunezero n’iteka vy’umusi wanyu w’ubugeni”, ku rupapuro rwa 28.

Woba uvyibuka?

• Ku bijanye n’ivy’ubugeni, ni kubera iki twokwitwararika gukurikiza ibisabwa n’amategeko ya Leta tukongera tukitwararika ivy’impwemu?

• Igihe abakirisu bubakanye biciye mu gusezerana muri Leta, ni igiki boshobora guhitamwo kugira hataraca igihe kinini?

• Ni kubera iki insiguro z’ubugeni zitangirwa ku Ngoro y’Ubwami?

[Ifoto ku rup. 18]

Mu bugeni bwo muri Isirayeli ya kera, umukwe yarazana umugeni mu nzu yiwe canke mu nzu kwa se

[Ifoto ku rup. 21]

Igihe abakirisu bashinze urwabo bisunze imico kama y’iwabo, hari aho boshima ko hashikirizwa insiguro y’ubugeni ku Ngoro y’Ubwami

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika