ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbv ikiganiro 1
  • Mariko 1:15: “Ubgami bg’Imana buri hafi”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mariko 1:15: “Ubgami bg’Imana buri hafi”
  • Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico muri Mariko 1:15 hasobanura
  • Uko ibintu vyari vyifashe igihe ibiri muri Mariko 1:15 vyavugwa
  • Ivyo Yezu yigishije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ubwami bw’Imana Buraganza
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Yezu Kristu ni nde?
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
ijwbv ikiganiro 1

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Mariko 1:15: “Ubgami bg’Imana buri hafi”

“Igihe cashinzwe carangutse, kandi ubwami bw’Imana buregereje. Nimwigaye, kandi mwizere inkuru nziza.”​—Mariko 1:15, Bibiliya y’isi nshasha.

“Igihe kirashitse, ubgami bg’Imana buri hafi: mwihane, mwemere ubutumwa bgiza.”​—Mariko 1:15, Bibiliya Yera.

Ico muri Mariko 1:15 hasobanura

Yezu Kristu yabwiye abariko baramwumviriza ko Ubwami bw’Imanaa bwari “hafi,” canke ko bwari ‘bwegereje,’ kubera ko uwobaye Umwami w’ubwo Bwami, ni ukuvuga we ubwiwe yari kumwe na bo ng’aho.

Yezu ntiyashaka kuvuga ko ubwo Bwami bwari bwamaze gutangura kuganza. Kanatsinda, mu nyuma yarabwiye abigishwa biwe ko ubwo Bwami bwoje muri kazoza. (Ivyakozwe 1:6, 7) Yamara Yezu yari yaramaze gushika, kandi yashitse mu mwaka nyene Bibiliya yari yaravuze ko uwobaye Umwami wabwo yoshikiyeko.b Ni co gituma yashoboye kuvuga ati: “Igihe cashinzwe carangutse,” ni ukuvuga igihe c’uko atangura igikorwa co kwamamaza ubutumwa bwiza, ari yo nkuru nziza y’Ubwami.​—Luka 4:16-21, 43.

Kugira abantu bashobore kwungukira ku nkuru nziza y’Ubwami, bari bakeneye kwigaya, ni ukuvuga kwumva ko bababajwe n’ivyaha bakoze maze bakabaho bisunga amategeko y’Imana. Abigaye barerekanye ko bizera inkuru nziza y’ubwo Bwami bwoje.

Uko ibintu vyari vyifashe igihe ibiri muri Mariko 1:15 vyavugwa

Yezu yavuze ayo majambo igihe yatangura kwamamaza i Galilaya. Inkuru isa na yo iri muri Matayo 4:17 ivuga ko “guhera ico gihe” Yezu yaciye atangura kwamamaza Ubwami bw’Imana. Ubwo Bwami ni co kintu nyamukuru Yezu yigisha. Nkako, ubwo Bwami buvugwa incuro zirenga 100 muri za Njili zinec, henshi hakaba ari mu vyo Yezu yavuze. Muri Bibiliya, Ubwami bw’Imana ni co kintu Yezu yavuze incuro nyinshi kuruta ibindi vyose.

Nusome Mariko ikigabane ca 2 hamwe n’utujambo tw’epfo be n’ivyanditswe vy’inyongera biri ku mubari.

a Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru yashinzwe n’Imana kugira ngo itume ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:10) Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo “Ubwami bw’Imana ni iki?”

b Yezu yabwirizwa kuba umwami kugira ashitse rimwe mu mabanga yoranguye ryo kuba Mesiya, intumwa y’Imana idasanzwe. Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekanye ko Yezu ari we Mesiya, raba ikiganiro kivuga ngo “Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?”

c Injili ni ibitabu bine vya mbere bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, ibikunze kwitwa Isezerano rishasha. Ivyo bitabu vyigana ibijanye n’ubuzima bwa Yezu be n’igikorwa yakoze co kwamamaza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika