Aburahamu na Sara—Urashobora kwigana ukwizera kwabo!
YITWA “sekuruza w’abizera bose” (Abaroma 4:11). Umukenyezi wiwe mukundwa na we nyene yari afise iyo kamere (Abaheburayo 11:11). Abo ni umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu hamwe n’umukenyezi wiwe yubaha Imana ari we Sara. Ni kubera iki babaye uturorero twiza mu vy’ukwizera? Bimwebimwe mu bigeragezo bihanganiye ni ibihe? Kandi inkuru y’ubuzima bwabo idufitiye akamaro akahe?
Aburahamu yaragaragaje ukwizera igihe Imana yamutegeka kuva iwabo. Yehova yavuze ati: “Va mu gihugu canyu, no mu muryango wanyu, no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka (Itanguriro 12:1). Uwo sekuruza w’imiryango yaragamburutse, kubera ko tubwirwa tuti: “Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’aja” (Abaheburayo 11:8). Rimbura ico ukwo kwimuka kwasigura.
Aburahamu yaba i Uri, muri iki gihe hakaba ari mu Bumanuko bw’igihugu ca Iraki. Uri cari ikibanza gikuru gisagamvye c’i Mezopotamiya cashoreranira ibidandazwa n’ibihugu vyo mu Kigobe c’Abarabu hamwe kumbure n’umubande witwa Indus. Uwitwa Leonard Woolley, akaba ari we yayoboye ivy’ubucukuzi bwitondewe bwagizwe i Uri, avuga yuko mu gihe ca Aburahamu inzu nyinshi zari zubakishijwe amatafari, zifise impome zigizwe n’ubwoko bw’isima bita platre kandi zisizwe ishwagara. Nk’akarorero, hari inzu y’umunyagisagara umwe w’umutunzi yari inyubakwa y’igorofa, ifise imbuga yo hagati isizwe isima. Inzu yo hasi yabamwo abakozi be n’abashitsi. Mu nzu yo hasi, uruhome rwari rukikujwe n’akayira gakozwe mu mbaho, ari ko bacamwo bagiye mu vyumba vyakoreshwa n’abo mu muryango. Mwene ayo mazu yari agizwe n’ivyumba biva kuri 10 gushika kuri 20, nk’uko Woolley abivuga, “ugereranije yari yagutse kandi agatuma bumva borohewe mu buzima, bakumva amaraha, kandi ufatiye ku kuntu abo mu bihugu vyo mu Buseruko babibona, yari amazu y’abantu bifise. Mu zindi nzu zose, izo ni zo abantu b’abaterambere babamwo, zikaba ari na zo zari zihuje n’ubuzima bwo mu gisagara buteye imbere cane”. Kubona Aburahamu na Sara barahevye inzu nka mwene iyo biteze kuba mu mahema, vyerekana yuko bemeye guheba ibintu vyinshi kugira ngo bagamburukire Yehova.
Aburahamu yabanje kwimukana n’umuryango wiwe baja i Harani, igisagara cari mu Buraruko bwa Mezopotamiya, hanyuma bimukira i Kanani. Urwo rwari urugendo rw’ibilometero nka 1.600, rukaba rutari ruto ku munega n’umutambukanyi wiwe bageze mu zabukuru! Igihe bava i Harani, Aburahamu yari afise imyaka 75 y’amavuka Sara na we 65.—Itanguriro 12:4.
Wibaza ko Sara yumvise amerewe gute igihe Aburahamu yamumenyesha yuko bagiye kuva muri Uri? Kuva mu nzu ubamwo utekaniwe, kwimukira mu gihugu kitazwi kandi gishobora kubamwo ingeramizi no kwemera kugira ubuzima buciye bugufi, bishobora kuba vyaramuhagaritse umutima. Ariko rero, Sara yari umuntu ayoboka, akabona ko Aburahamu ari “umwami” wiwe (1 Petero 3:5, 6). Incabwenge zimwezimwe zibona yuko ubwo bwari uburyo Sara “yamugaragariza agatima n’inyifato yamana biranga icubahiro”, ico kikaba cari ikimenyamenya c’“ivyo yama yiyumvira kandi akiyumvamwo koko”. Mugabo ikiruta vyose, Sara yarizigira Yehova. Ukuyoboka kwiwe be n’ukwizera kwiwe ni akarorero keza ku bakenyezi bakirisu.
Ariko ntiwumve, ntidusabwa guheba inzu yacu kugira ngo tugamburukire Imana, naho abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose bamwebamwe bavuye mu bihugu vyabo vy’amavukiro bakaja kwamamaza inkuru nziza mu kindi gihugu. Twaba dusukurira Imana turi hehe, magingo dushize ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwacu, izoturonsa ivyo dukeneye.—Matayo 6:25-33.
Yaba Sara canke Aburahamu ntibigeze bicuza ku bijanye n’ingingo bafashe. “Iyo baba barakumbuye ico bavuyemwo, baba barabonye uburyo bgo gusubirayo”. Ukwo ni ko intumwa Paulo avuga. Mugabo ntibasubiyeyo. Kubera ko bari bizigiye yuko Yehova ‘aha impera abamurondera’, barizeye imihango yatanze. Na twebwe nyene dutegerezwa kwizera imihango ya Yehova nimba dushaka kubandanya kumuyobokera n’ubugingo bwacu bwose.—Abaheburayo 11:6, 15, 16.
Ubutunzi bwo mu vy’impwemu be n’ubwo mu vy’umubiri
Aburahamu amaze gushika i Kanani, Imana yamubwiye iti: “Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu”. Aburahamu yaciye yubakira Yehova igicaniro kandi yambaza “izina ryiwe” (Itanguriro 12:7, 8). Yehova yararonkeje Aburahamu itunga, kandi abari kumwe na we aho yari aganditse bari benshi cane. Kubera ko yigeze kugaba abagabo 318 bize kurwana, bakaba bari abashumba bavukiye mu rugo iwe, haratanzwe iciyumviro c’uko “abantu bari kumwe na we bose hamwe bategerezwa kuba bararenga igihumbi”. Imvo iyo ari yo yose yoba yarabitumye, abantu babona ko ari “umuntu ahambaye cane”.—Itanguriro 13:2; 14:14; 23:6.
Aburahamu yaraja imbere mu vy’ugusenga, akigisha abo mu rugo rwiwe ‘gukomeza inzira ya Yehova, no gukora ibiroranye n’ibigororotse’ (Itanguriro 18:19). Abahagarikiye imiryango ya gikirisu bo muri iki gihe, barashobora gukura indemesho ku karorero ka Aburahamu k’ukuba yari umuntu yerewe mu vyo kwigisha abo mu rugo rwiwe kwiheka kuri Yehova no gukora mu buryo bugororotse. Ntibitangaje rero kubona Hagari ya ncoreke ya Sara y’Umunyamisirikazi, wa musuku wa Aburahamu yari akuze kuruta abandi bose na Isaka umwana wa Aburahamu bariheka kuri Yehova Imana.—Itanguriro 16:5, 13; 24:10-14; 25:21.
Aburahamu yararondera amahoro
Ibintu vyabaye mu buzima bwa Aburahamu vyarahishuye yuko Aburahamu yari umuntu afise kamere ihuza n’iy’Imana. Aho kugira ngo areke intonganya zibandanye hagati y’abungere biwe n’ab’umuhungwabo Loti, Aburahamu yatanze iciyumviro c’uko bosagaza ahantu hatandukanye arongera asaba uwo mugabo Loti yari muto kuri we, guhitamwo akarere kamushika ku nyota. Aburahamu yari indemeshamahoro.—Itanguriro 13:5-13.
Nka hamwe twoba tubwirizwa guhitamwo hagati yo kwumira ku bintu dufitiye uburenganzira no kugira ivyo duhevye kugira ngo tuzigame amahoro, twoshobora kwibuka yuko Yehova ataretse Aburahamu ngo amererwe nabi ngo ni uko yashize imbere ivyipfuzo vya Loti. Ahubwo, mu nyuma Imana yasezeraniye Aburahamu be n’uruvyaro rwiwe kuzobaha igihugu cose Aburahamu yashoboye kubona atereje amaso hirya no hino (Itanguriro 13:14-17). Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abaremesha amahoro, kuko bazokwitwa abana b’Imana”.—Matayo 5:9, UB.
Ni nde yotoranye ivya Aburahamu?
Naho hari haratanzwe umuhango w’uko hobonetse uruvyaro, Sara yagumye ari ingumba. Aburahamu yaratuye Imana ico kibazo. Mbega none umusuku wiwe Eliyezeri, ni we yari gutorana ibintu vyose yari afise? Si we yari kubitorana, kubera ko Yehova yavuze ati: “Uyo si we azotora ivyawe, arik’ūzova mu kara kawe ni we azobitora”.—Itanguriro 15:1-4.
Naho ibintu vyari vyifashe gutyo, nta mwana bari bafise, vyongeye Sara, uwari afise imyaka 75 y’amavuka, yari amaze kwikuramwo icizigiro co gusama. Ni co gituma yabwiye Aburahamu ati: “Uhoraho yanyimye ivyara; enda vyara ku ncoreke yanje: kumbure nzoronkera akana kuri we”. Nuko Aburahamu afata Hagari amugira umugore wa kabiri, aryamana na we, maze asama inda. Hagari amaze kumenya ko yasamye inda, yaciye atangura gukengera inabuja. Sara yaridogeye Aburahamu bimwe bikomeye arongera akoresha Hagari agatuzo canke amushira hasi bituma iyo ncoreke ihunga.—Itanguriro 16:1-6.
Aburahamu na Sara bakoze ico babona ko kibereye, barakurikira ingendo ihuye n’ivyagirwa vyari vyemewe muri ico gihe. Ariko rero, ubwo ntibwari bwo buryo Yehova yari gutangamwo uruvyaro rwa Aburahamu. Hari aho imico kama twakuriyemwo yodutegeka gukora ibikorwa binaka mu bihe bitandukanye, mugabo ivyo ntibisobanura yuko Yehova aca avyemera. Ukuntu ivyacu vyifashe ashobora kuba abibona mu buryo ata ho busa busana n’ukuntu tubibona. Tuba dukeneye rero kurondera ubuyobozi bw’Imana, tugasenga tuyisaba ngo itwereke uburyo ishaka ko dukora.—Zaburi 25:4, 5; 143:8, 10.
Nta “kinanira Uhoraho”
Igihe kigeze, Hagari yaravyariye Aburahamu umwana w’umuhungu yitwa Ishimayeli. Ariko rero, si we yari rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe. Sara ubwiwe yategerezwa kwivyarira urwo ruvyaro, naho yari ageze mu zabukuru.—Itanguriro 17:15, 16.
Igihe Imana yatomora ko Sara yovyariye umunega wiwe umwana w’umuhungu, “Aburahamu [yarapfukamye], arūnama aratwenga, yivuganiriza mu mutima, ati Mbeg’umwana yovyarwa n’ūmaze imyaka ijana? Na Sara amaze imyaka mirongwicenda yoba akivyara?” (Itanguriro 17:17). Igihe umumarayika yasubiramwo ubwo butumwa maze Sara rikamugwa mu gutwi, vyatumye “atwengera mu mutima”. Mugabo nta “kinanira Uhoraho”. Turashobora kwizera yuko ashobora gukora ikintu cose agomba.—Itanguriro 18:12-14.
“Ukwizera ni kwo kwatumye na Sara ashobozwa gusama inda, naho yari yaraciye, kuko yiyumviriye yukw iyasezeranye ar’iyo kwizerwa” (Abaheburayo 11:11). Mu nyuma, Sara yaravyaye Isaka, uwo izina ryiwe risobanura ngo “Agatwengo”.
Yarizigiye imihango y’Imana n’umutima wiwe wose
Yehova yavuze ko Isaka ari umwe samuragwa yarindiriwe igihe kirekire (Itanguriro 21:12). Aburahamu ategerezwa rero kuba yabaye nk’uwukubiswe n’inkuba igihe Imana yamusaba gutangako inkuka umuhungu wiwe. Yamara, Aburahamu yari afise imvo zumvikana zo kwizigira Yehova n’umutima wiwe wose. Yehova yoba atari ashoboye kuzura Isaka mu bapfuye (Abaheburayo 11:17-19)? Mbega none Imana ntiyari yaragaragaje ububasha bwayo mu kunagura ku gitangaro ububasha bwo kwibaruka ibibondo bwa Aburahamu na Sara kugira ngo bivyarire Isaka? Kubera yuko Aburahamu yari yarajijutse yuko Imana ifise ububasha bwo gushitsa imihango yayo, yari yiteguriye kugamburuka. Ego ni ko, Imana ntiyamukundiye kwica umuhungu wiwe (Itanguriro 22:1-14). Ariko rero, uruhara Aburahamu yagize muri ivyo ruradufasha kubona ingene bitegerezwa kuba vyari bigoye kuri Yehova Imana ‘gutanga Umwana wiwe w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaze apfe rubi, ariko ahabwe ubuzima budahera’.—Yohana 3:16; Matayo 20:28.
Ukwizera Imana kwatumye Aburahamu atomokerwa yuko samuragwa Yehova yari yarasezeranye atari kwabira umuntu wo mu nsengo y’ikinyoma wo mu gihugu c’i Kanani. Wumva none umuvyeyi atinya Imana yari kwemera ko umwana wiwe yabira umuntu adasukurira Yehova? Ni co gituma Aburahamu yarondereye Isaka umugore abereye mu ncuti ziwe zaba i Mezopotamiya, ku bilometero birenga 800. Imana yarahezagiye ako kigoro mu kwerekana yuko Rebeka ari we mugore yari yahisemwo ngo abe umugeni wa Isaka yongere abe inakuruza wa Mesiya. Ego cane, Yehova “yarahaye Aburahamu umugisha muri vyose”.—Itanguriro 24:1-67; Matayo 1:1, 2.
Imihezagiro ku mahanga yose
Aburahamu na Sara bari intangakarorero mu kwihanganira ibigeragezo no mu kwizera imihango y’Imana. Iranguka ry’iyo mihango rirafise ico rikora ku vyizigiro vy’ibihe bidahera umuryango w’abantu ufise, kubera yuko Yehova yakuye amazinda Aburahamu ati: “Mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye”.—Itanguriro 22:18.
Ego ni ko, Aburahamu na Sara bari abanyagasembwa nk’uko na twebwe nyene turi abanyagasembwa. Ariko rero, igihe baba batahuye neza ivyo Imana igomba, baca bahuza na vyo badatebaganye, naho vyaba bibasaba iki. Ni co gituma Aburahamu yibukirwa ku kuba yari “umukunzi w’Imana”, Sara na we akibukirwa ku kuba yari ‘umugore yera yizigira Imana’ (Yakobo 2:23; 1 Petero 3:5). Tugerageje kwigana ukwizera kwa Aburahamu na Sara, na twebwe nyene turashobora kugiriranira n’Imana ubucuti somambike. N’ikindi kandi, turashobora kwungukira ku mihango y’agaciro Yehova yahaye Aburahamu.—Itanguriro 17:7.
[Ifoto ku rup. 26]
Kubera ukwizera kwa Aburahamu na Sara, Yehova yarabahezagiye mu kubaronsa akana k’agahungu bageze mu zabukuru
[Ifoto ku rup. 28]
Akarorero ka Aburahamu karadufasha kubona ico vyasigura kuri Yehova kwemera Umwana wiwe w’ikinege agapfa