Imana yoba imbabaye?
Inyishu zikunze gutangwa:
▪ “Imana irahambaye cane ku buryo itokwitwararika ingorane zanje.”
▪ “Nibaza ko itambabaye.”
Yezu yabivuzeko iki?
▪ “None utujuri dutanu ntitugurishwa ibiceri bibiri vy’agaciro gatoyi? Yamara nta na kamwe muri two kibagirwa imbere y’Imana. Mugabo n’imishatsi yo ku mitwe yanyu iraharuwe yose. Ntimutinye; mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.” (Luka 12:6, 7) Ata gukeka, Yezu yigishije yuko Imana itubabara.
▪ “Ntimukigere muganya ngo: ‘Tuzorya iki?’, canke ngo: ‘Tuzonywa iki?’, canke ngo: ‘Tuzokwambara iki?’. Kuko ivyo vyose ari vyo bintu amahanga ahahamira. Kuko So wo mw’ijuru azi ko mukenera ivyo bintu vyose.” (Matayo 6:31, 32) Yezu yaremera yuko Imana izi ivyo dukenera.
BIBILIYA iravuga itomora yuko Imana itubabaye. (Zaburi 55:22; 1 Petero 5:7) None nimba itubabaye, ni kubera iki ducumukura cane muri kino gihe? Nimba Imana ifise urukundo kandi ikaba ishoboye vyose, ni kubera iki itagira ico ikoze kugira ngo ihagarike ugucumukura?
Inyishu y’ico kibazo ijanye n’ikintu kizwi n’abantu bake, kino kikaba ari ic’uko Shetani wa Mubesheranyi ari we mutware w’iyi si mbi. Igihe Shetani yariko aragerageza Yezu, yaramwemereye ubwami bwose bw’isi, mu kumubwira ati: “Ndaguha ubwo bukuru bwose n’ubuninahazwa bwabwo, kubera ko nabuhawe, kandi uwo nshaka wese ndabumuha.”—Luka 4:5-7.
Ni nde yagize Shetani umutware w’isi? Igihe abavyeyi bacu ba mbere, ari bo Adamu na Eva, bumvira Shetani bagatera ibitugu Imana, ku bwa ngingo bari bahisemwo Shetani ngo ababere umutware. Kuva ubwo bugarariji butanguye, Yehova Imana yararetse haraca igihe yihanganye kugira ngo yerekane ko ubutegetsi bwa Shetani bwananiwe bimwe biteye akagongwe. Yehova ntiyahatiye abantu kumusukurira, ariko yaraduhaye akaryo ko kumugarukako.—Abaroma 5:10.
Kubera yuko Imana itubabaye, yaratunganije ivy’uko Yezu aturokora akadukura mu butegetsi bwa Shetani. Muri kazoza ka hafi, Yezu “[azohindura] ubusa umwe afise uburyo bwo guteza urupfu, ari we wa Mubesheranyi.” (Abaheburayo 2:14) Mu kubigenza gutyo, azoba “asambu[ye] ibikorwa vya wa Mubesheranyi.”—1 Yohani 3:8.
Iyi si izosubira kuba Iparadizo. Ico gihe, Imana “izohanagura amosozi yose ku maso [y’abantu], kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera [bizoba] vyagiye.”—Ivyahishuwe 21:4, 5.a
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’igituma Imana ireka hakabaho ugucumukura, raba ikigabane ca 11 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 8]
Iyi si izosubira kuba Iparadizo