ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/00 rup. 1
  • Agateka Gashobora Guterwa Abakiri Bato

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Agateka Gashobora Guterwa Abakiri Bato
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Abana bacu ni intoranwa y’agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Nukoreshe udupapuro tw’inkuru nziza mu gukwiragiza ubutumwa bwiza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 5/00 rup. 1

Agateka Gashobora Guterwa Abakiri Bato

1 Abenshi ubu ari abavyeyi baribukana akamwemwe agateka binovoye bakiri abana igihe bariko bakurira mu kuri, ni ukuvuga umurimo wo ku Musi w’Ibinyamakuru. Ico gikorwa catangujwe mu mashengero yose mu mwaka w’1949. Umusi umwe mu ndwi, umuntu wese yasabwa kwihatira gushikiriza Umunara w’Inderetsi hamwe na Réveillez-vous! mu mabarabara, inzu ku nzu, iduka ku yindi, no mu bundi buryo. Abamamaji bakiri bato canecane wasanga bitegana igishika ukugira uruhara muri ico gikorwa, kuko cabaha akaryo ko gukorana n’abakuze bo mw’ishengero muri uwo murimo nyene. Ivyo vyoba ariko vyakugendeye igihe wari ukiri umwana?

2 Nujane Abana Bawe: Abana bakiri bato cane badashoboye gutanguza ikiyago gishingiye ku Vyanditswe iyo bageze ku rugi, na bo nyene barashobora gushikiriza ibinyamakuru. Ivyo kubikora bisaba kwiga gutanguza ikiyago mu buryo busanzwe bigizwe mu mungane magufimagufi kandi makeyi. Insiguro ngufi, kumbure kw’ishusho iri inyuma ku kinyamakuru, yoshobora kuba ikwiye. Benshi mu bo dusanga i muhira barakira n’umutima ukunze ibinyamakuru bahawe n’urwaruka rwacu, kenshi na kenshi bakanavuga neza ukutagira uburyarya hamwe n’ukwigenza neza kwarwo. Hamwe babifashijwemwo gatoyi, uwo murimo ni ikintu abana bashobora gukora neza cane, bakagira uruhara rw’agaciro mu gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami. Birumvikana yuko uko abana bazoja barakura, abavyeyi babo bazobafasha kubandanya batera imbere mu vy’ugutsimbataza ubuhanga bwo gushinga intahe.

3 Manueli yatanguye kwamamaza inkuru nziza urugi ku rundi igihe yari amaze imyaka itatu. Abavyeyi biwe bamwigishije gufata ku mutwe amajambo makeyi yo gutanguza ikiyago. Arayamamaza n’umwete mwinshi ari kumwe na bo, agasigira abantu ibinyamakuru vyinshi, utuboroshire, hamwe n’udutaragiti. Arashinga intahe kandi akaryo kizanye. Igihe kimwe abavyeyi biwe bamujanye gusama akayaga mu busitani, yaribwirije guha udutaragiti dukeyi abantu bari aho hantu. Naho Manueli akiri muto, ubushwashwanutsi afitiye igikorwa ni isoko ry’indemesho nyakuri ku bavyeyi biwe, eka no kw’ishengero ryose.—Imig. 22:6.

4 Umusi wa Gatandatu wose ku Kirangamisi c’Ivyabona vya Yehova c’Umwaka w’2000 utaziriwe ngo “Umusi w’Ibinyamakuru.” Bavyeyi, turabahimirije ngo mwongere kwitwararika ico gikorwa, mufashe abana banyu kugira uruhara muri ako gateka k’umurimo badahorereza uko bishoboka kwose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika