Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) 15 Rus.
“Woba wiyumvira ko kumenya Imana bishoboka? [Nurindire inyishu.] Uremera yuko bigoye kwemera umuntu tutazi neza. Mu vy’ukuri, Bibiliya iraturemesha kurondera Imana. [Soma Ivyakozwe 17:27.] Ibi biganiro biratwereka ukuntu dushobora kurushiriza kumenya Imana.”
Réveillez-vous! 22 Rus.
“Indongozi zo mw’isi zaragerageje ivyiyumviro vyinshi bihatira gutorera umuti ingorane dufise. Uburyo bumwe bushasha buzwi ni ugushira hamwe kw’ibihugu. Muri iki kinyamakuru, urashobora gusoma ivyerekeye ukuntu ako kigoro gashasha kamaze kugira ico gakoze ku buzima bwawe. Urashobora kandi gusoma ivyerekeye umuti w’ingorane zo kw’isi yose wari warabuwe muri Bibiliya.” Nuce usoma Matayo 6:9, 10.
Umunara w’Inderetsi
“Ibiherutse gushika biriko biratuma abantu benshi biyumvira igituma abantu ata co bazira bapfa giturumbuka. Woba uriyumvira igituma abantu bapfa? [Nurindire inyishu, hanyuma uce uzingurura igicapo kiri ku rupapuro rw’7.] Woba wipfuza kubona ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye umwe muri iyi migani izwi na benshi?” Nimba bishoboka, nimusome icanditswe cavuzwe.
Réveillez-vous! 8 Ruh.
“Abantu benshi biyumvira ko idini na siyansi bidahuza. Bamwe mbere biyumvira yuko bidashoboka ko umuntu akunda ivya siyansi yemera Imana. Uvyiyumvirako iki? [Nurindire inyishu.] Iyi Réveillez-vous! iravuga ivy’ico kibazo mu buryo bwigisha rwose.”