‘Nuramirize neza mw’Ijambo ry’Imana’
“Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri”.—2 TIMOTEYO 2:15.
1, 2. (a) Ni kubera iki abakozi bakeneye ibikoresho? (b) Ni mu kihe gikorwa abakirisu bajamwo, kandi berekana gute ko babanza kurondera Ubwami?
ABAKOZI barakenera ibikoresho bibafasha gukora ubuzi bwabo. Ariko rero, kugira ibikoresho gusa ntibihagije. Umukozi arakeneye igikoresho ciza, kandi ategerezwa kugikoresha mu buryo bubereye. Nk’akarorero, hamwe woshaka gufatanya imbaho zibiri uriko urubaka akazu k’ububiko, ntiwokenera gusa inyundo n’imisumari. Wotegerezwa kumenya ukuntu ukomera umusumari mu giti utawugondamitse. Kugerageza gukomera umusumari mu giti utazi ukuntu bakoresha inyundo vyokugora cane, mbere bikagutera umujinya. Mugabo, ibikoresho bikoreshejwe neza, biradufasha kurangura ibikorwa, bikavamwo ivyiza bimara akanyota.
2 Twebwe abakirisu turafise igikorwa dutegerezwa gukora. Ni igikorwa gihambaye kuruta ibindi vyose. Yezu Kirisitu yahimirije abayoboke biwe ‘kubanza kurondera ubwami’ (Matayo 6:33). Ivyo twobigira gute? Uburyo bumwe, ni mu kuba abanyamwete mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Ubundi buryo ni mu gutuma ubusuku bwacu bushingira rwose kw’Ijambo ry’Imana. Ukwigenza neza ni uburyo bugira gatatu (Matayo 24:14; 28:19, 20; Ivyakozwe 8:25; 1 Petero 2:12). Kugira tube kirumara kandi tugire agahimbare muri ico gikorwa ca gikirisu twashinzwe, turakeneye ibikoresho bibereye be n’ukumenya ukuntu twobikoresha neza. Ku bijanye n’ivyo, intumwa Paulo yarasize akarorero kibonekeje mu kuba umukirisu akora cane, vyongeye yaremesheje abo basangiye ukwizera kumwigana (1 Ab’i Korinto 11:1; 15:10). Ku bw’ivyo none, ni igiki twokwigira kuri Paulo, umukozi mugenzi wacu?
Paulo yari umwamamaji w’Ubwami w’umunyamwete
3. Ni kubera iki bishobora kuvugwa yuko intumwa Paulo yari umukozi w’Ubwami w’umunyamwete?
3 Paulo yari umukozi ameze gute? Yari umunyamwete koko. Paulo yarihata n’inguvu ziwe zose, agakwiragiza inkuru nziza mu gice kinini c’akarere ka Mediterane. Mu gutanga imvo yatuma yamamaza Ubwami abigiranye ubushwashwanutsi, iyo ntumwa y’intahorereza yavuze iti: “Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingōbēra: ntavuze ubutumwa nobona ibara” (1 Ab’i Korinto 9:16). Paulo yoba yarazwa ishinga no kurokora ubuzima bwiwe gusa? Oya. Ntiyari umuntu w’umwikunzi. Ahubwo, yipfuza ko n’abandi bungukira ku nkuru nziza. Yanditse ati: “Vyose mbikora kubg’ubutumwa bgiza, kugira ngo mfatanye n’abandi muri bgo”.—1 Ab’i Korinto 9:23.
4. Ni igikoresho ikihe abakozi bakirisu baha agaciro kuruta ibindi?
4 Intumwa Paulo yari umukozi yifata ruto yatahura yuko adashobora kwiheka ku buhanga bwiwe gusa. Nka kurya nyene umubaji akenera inyundo, ni ko na Paulo yari akeneye igikoresho kibereye kugira ngo yinjize ukuri kw’Imana mu mitima y’abamwumviriza. Ni igikoresho ikihe canecane yakoresha? Ryari Ijambo ry’Imana ari vyo Vyanditswe Vyeranda. Nk’ukwo kwa Paulo, Bibiliya yose uko ingana ni co gikoresho nyamukuru dukoresha kidufasha guhindura abantu abigishwa.
5. Kugira tube abasuku ngirakimazi, ni igiki dukeneye gukora uretse gusubiramwo ivyanditswe?
5 Paulo yari azi yuko kuramiriza neza mw’Ijambo ry’Imana harimwo n’ibindi uretse gusubiramwo ivyanditswe muri ryo. Yarakoresha ‘ugushwirura’ (Ivyakozwe 28:23, NW). Gute? Paulo yarakoresha mu buryo ngirakimazi Ijambo ry’Imana ryanditse kugira ajijure abantu benshi ngo bemere ukuri kw’Ubwami. Yarabafasha kuzirikana. Mu mezi atatu Paulo yamaze mw’isinagogi muri Efeso, yariko “ashikiriza insiguro kandi akoresha ugushwirura ku vyerekeye ubwami bw’Imana”. Naho “bamwe bikomantaje imitima, [bakaba] intumva”, abandi barumvirije. Icavuye mu busuku Paulo yakoreye muri Efeso, ni uko “ijambo rya Yehova ryaguma rikura kandi ritsinda”.—Ivyakozwe 19:8, 9, 20, NW.
6, 7. Paulo yaninahaje gute ubusuku bwiwe, kandi dushobora gute kugira nk’ukwo?
6 Bwa mwamamaji w’Ubwami w’umunyamwete, Paulo ‘yaraninahaje ubusuku bwiwe’ (Abaroma 11:13, NW). Gute? Ntiyitwararika ivyo kwiteza imbere; eka mbere ntiyaterwa isoni no kumenyekana mu bantu ko ari umukozi akorana n’Imana. Ahubwo riho, ubusuku bwiwe yabona ko ari iteka rihambaye cane. Paulo yaramiriza mw’Ijambo ry’Imana abigiranye ubuhanga kandi akabigira mu buryo kirumara. Igikorwa ciwe cimbuka caravyuriye ingiro abandi, kirafasha kubavyurira umutima wo kurangura ubusuku bwabo mu buryo burushirije kuba ubushitse. No muri ubwo buryo nyene, ubusuku bwiwe bwaraninahajwe.
7 Nka kumwe kwa Paulo, turashobora kuninahaza igikorwa cacu uko turi abasuku mu kwama dukoresha Ijambo ry’Imana, kandi tukarikoresha mu buryo ngirakimazi. Mu mice yose y’ubusuku bwacu bwo mu ndimiro, ihangiro ryacu rikwiye kuba iryo kubwira abantu benshi bashoboka ikintu kivuye mu Vyanditswe. Twokibabwira gute dukoresheje ugushwirura? Rimbura uburyo butatu buhambaye: (1) Niwerekeze ivyiyumviro kw’Ijambo ry’Imana mu buryo butuma abantu barisonera. (2) Ubigiranye ubugenge, nusigure ivyo Bibiliya ivuga wongere werekane ukuntu vyoshirwa mu ngiro. (3) Nuzirikane ku Vyanditswe mu buryo bujijura.
8. Ni ibikoresho vy’ukwamamaza Ubwami ibihe dufise muri iki gihe, kandi uhora ubikoresha gute?
8 Abamamaji b’Ubwami bo mu gihe ca none barafise ibikoresho Paulo atari afise mu gihe c’ubusuku bwiwe. Aho harimwo ibitabu, ibinyamakuru, udutabu, udukaratasi tw’ubutumire, udupapuro tw’inkuru nziza be n’amakaseti yo kwumviriza n’ayo kuraba. Mu kinjana giheze, amakarata yo gushinga intahe, amafono, imiduga igenda irasamiriza be n’amaradiyo asamiriza, na vyo nyene vyarakoreshwa. Birumvikana ko igikoresho cacu ciza kuruta ibindi vyose ari Bibiliya, tukaba dukeneye gukoresha neza kandi mu buryo bubereye ico gikoresho ntahara.
Ubusuku bwacu butegerezwa gushingira kw’Ijambo ry’Imana
9, 10. Ku biraba ugukoresha Ijambo ry’Imana, ni igiki dushobora kwigira ku mpanuro intumwa Paulo yahaye Timoteyo?
9 Dushobora gute gukoresha Ijambo ry’Imana bwa gikoresho ngirakimazi? Mu kwumvira aya majambo Paulo yabwiye umukozi mugenziwe Timoteyo: “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri” (2 Timoteyo 2:15). ‘Kuramiriza neza mw ijambo ry’ukuri’ bisobanura iki?
10 Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ‘kuramiriza neza’, urudome ku rundi risobanura “ugukata mu buryo bugororotse” canke “guca inzira mu buryo bugoroye”. Mu nkeburo Paulo yahaye Timoteyo ni ho honyene iryo jambo rikoreshwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Iryo jambo nyene ryarashobora gukoreshwa mu kudondora uguca umurongo ugororotse mu murima. Umurongo uhetamye ntiwabura koko gutera ubuyega umurimyi w’umuhinga. Kugira Timoteyo abe “umukozi atarinda gutētērwa”, yaribukijwe yuko atokwemerewe gukevya na gato ngo ave ku nyigisho z’ukuri zo mw’Ijambo ry’Imana. Timoteyo ntiyategerezwa kureka ngo ivyiyumviro vyiwe bwite bibe ari vyo biyobora ivyo yigisha. Yategerezwa gushingira ukwamamaza kwiwe be n’ukwigisha kwiwe ku Vyanditswe gusa (2 Timoteyo 4:2-4). Muri ubwo buryo, abantu b’imitima nziraburyarya boyobowe kugira babone ibintu nk’uko Yehova abibona, ntibakurikire filozofiya y’isi (Ab’i Kolosayi 2:4, 8). Ivyo ni ko biri no muri iki gihe.
Dutegerezwa kwigenza neza
11, 12. Ukuntu twigenza bigira ico bikora gute ku buryo turamiriza neza mw’Ijambo ry’Imana?
11 Dutegerezwa gukora n’ibindi uretse gusa kuramiriza neza mw’Ijambo ry’Imana mu kwamamaza ukuri kuri muri ryo. Uburyo twigenza butegerezwa kuba buhuje na ryo. ‘Turi abakozi bakorana n’Imana’, ari na co gituma dutegerezwa kutaba abakozi b’indyadya (1 Ab’i Korinto 3:9). Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Nuko wewe wigisha abandi, mbega ntiwiyigisha? Wewe wihaniza abība, weho ntiwiba? Wewe ubabuza gusambana, weho ntusambana? Wewe wanka ibishushanyo vy’ibigirwamana, weho ntiwiba ivyo mu nsengero zavyo?” (Abaroma 2:21, 22). Bwa bakozi b’Imana bo mu gihe ca none rero, uburyo bumwe turamiriza neza mw’Ijambo ry’Imana ni mu kwumvira iyi nkeburo igira iti: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe”.—Imigani 3:5, 6.
12 Twokwitega ko kuramiriza neza mw’Ijambo ry’Imana bivamwo iki? Rimbura ububasha Ijambo ry’Imana ryanditse rishobora kugira ku buzima bw’abantu b’imitima nziraburyarya.
Ijambo ry’Imana rirafise ububasha bwo guhindura umuntu
13. Gushira mu ngiro Ijambo ry’Imana bishobora kugira ingaruka iyihe mu muntu?
13 Abantu bemeye ko ubutumwa bwo mw’Ijambo ry’Imana buri n’ubukuru, buragira akosho gakomeye kabafasha kugira amahinduka aboneka mu buzima bwabo. Paulo yari yarabonye ukuntu ijambo ry’Imana rikora yongera aribonera n’ingaruka nziza ryagize ku bantu bari baracitse abakirisu i Tesalonike ha kera. Ni co gituma yababwiye ati: “Natwe igituma dushima Imana ubudasība, n’uko hamwe mwākīra ijambo ry’ubutumwa mwatwumvanye, ni ryo ry’Imana, mutāryemeye nk’ijambo ry’abantu, ariko nk’ijambo ry’Imana, nk’uko riri koko, rikorera muri mwebge abizera” (1 Ab’i Tesalonike 2:13). Kuri abo bakirisu, eka mbere no ku bayoboke nyakuri ba Kirisitu bose, ubwenge buri hasi cane bw’umuntu nta ho buhuriye n’ubukerebutsi kaminuza bw’Imana (Yesaya 55:9). Abanyatesalonike ‘bakiriye ijambo ry’Imana mu marushwa menshi banezerejwe n’impwemu yera’ hanyuma baracika akarorero ku bandi bizera.—1 Ab’i Tesalonike 1:5-7.
14, 15. Ubutumwa bwo mw’Ijambo ry’Imana bufise ububasha bungana iki, kandi kubera iki?
14 Ijambo ry’Imana rifise inguvu nyinshi, nk’uko n’uwo rikomokako Yehova azifise. Riva kuri ya “Mana nzima”, imwe biciye kw’ijambo ryayo ‘ijuru ryaremwa’, kandi iryo jambo ryama nantaryo ‘risozera ico arituma’ (Abaheburayo 3:12; Zaburi 33:6; Yesaya 55:11). Incabwenge imwe mu vya Bibiliya yavuze iti: “Imana ntiyitandukanya n’Ijambo ryayo. Ntiryihakana nk’aho coba ari ikintu itazi. . . . Ku bw’ivyo rero, ntiryigera riba iryataye agaciro, ritagira ico rivuga ku co barikorako; kuko ari umugozi wunga ubumwe hagati y’abantu n’Imana nzima”.
15 Ubutumwa buva mw’Ijambo ry’Imana bufise ububasha bungana iki? Bufise ububasha butagira urugero. Birakwiriye kuba Paulo yanditse ati: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira”.—Abaheburayo 4:12.
16. Ijambo ry’Imana rishobora guhindura umuntu gushika ku rugero rungana iki?
16 Ubutumwa bwo mw’Ijambo ry’Imana ryanditse “[bu]fise ubugi buruta ubg’inkota zose”. Ku bw’ivyo, rifise ububasha butagira urugero bwo kwinjira ku buryo riruta igikoresho ico ari co cose c’umuntu. Ijambo ry’Imana ririnjira gushika mu bihimba vy’ibwina vy’umuntu kandi rikaba rishobora kumuhindura imbere muri we, rigahindura ukuntu yiyumvira n’ivyo akunda, rikamugira umukozi yemewe kandi afise kamere zishimwa n’Imana. Mbega igikoresho c’ububasha!
17. Sigura ububasha bwo guhindura umuntu Ijambo ry’Imana rifise.
17 Ijambo ry’Imana rirashira ku kabarore uko umuntu ameze vy’ukuri imbere muri we uravye ukuntu we yiyumvira ko ameze canke uburyo atuma abandi bamubona (1 Samweli 16:7). Mbere n’umuntu w’umubisha arashobora rimwe na rimwe guhisha uko ameze imbere muri we mu gukora ivy’ubugiraneza canke mu gusa n’umuntu ayobokera Imana. Abanyakibi bariyorobeka babitumwe n’imvo mbi. Abantu b’abanyabwibone bigira nk’abantu bicisha bugufi mu gihe bironderera gushimwa n’abantu. Ariko rero, Ijambo ry’Imana rishize ku kabarore ibiri mu mutima vy’ukuri, rirashobora gusunikira mu buryo bukomeye umuntu yicisha bugufi ku kwiyambura umuntu wa kera maze “[a]kambara wa muntu musha, yaremwe mw ishusho y’Imana mu kugororoka no mu kwera kw’ukuri” (Abanyefeso 4:22-24). Inyigisho z’Ijambo ry’Imana zirashobora kandi guhindura abantu batinyatinya bakaba Ivyabona vya Yehova bashize amanga n’abamamaji b’Ubwami b’abanyamwete.—Yeremiya 1:6-9.
18, 19. Wishimikije izi ngingo canke ivyo wiboneye mu murimo wo mu ndimiro, niwerekane ukuntu ukuri kwo mu Vyanditswe gushobora guhindura inyifato y’umuntu.
18 Ububasha bwo guhindura umuntu Ijambo ry’Imana rifise buragira ingaruka nziza ku bantu bo mu mihingo yose. Nk’akarorero, abamamaji b’Ubwami b’i Phnom Penh muri Kamboje baramamaza mu ntara ya Kompong Cham kabiri mu kwezi. Hari umupasitorikazi waho umwe, amaze kwumva abandi bo mu bakuru b’idini bavuga nabi Ivyabona vya Yehova, yatunganije ivy’uko yobonana n’ivyo Vyabona ikindi gihe bagarutse muri iyo ntara. Yarabacucagiye ibibazo bijanye n’uguhimbaza imisi mikuru hanyuma arumviriza yitonze uko bamufasha kuzirikana ku Vyanditswe. Yaciye atangara ati: “Ubu ndamenye yuko ivyo abapasitori bagenzanje babavuzeko atari vyo! Bavuze yuko mudakoresha Bibiliya, mugabo muri iki gitondo ni yo yonyene mwakoresheje!”.
19 Uwo mugore yarabandanije ibiganiro vyiwe bishingiye kuri Bibiliya na nya Vyabona kandi ntiyaretse ngo iterabwoba ry’uko bomukuye mu bupasitori rimubuze kubandanya. Hari umugenzi yabwiye ivy’ivyo biyago vyiwe bishingiye ku Vyanditswe, uno na we akaba yaciye atangura kwigana Bibiliya na nya Vyabona. Uwo mugenzi yaragiriye igishika cinshi ivyo yariko ariga ku buryo mu gihe kimwe c’imisa y’aho asengera, yavyuriwe umutima wo kuvuga ngo “Ngwino mwigane Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova!”. Bidatevye inyuma y’aho, uwo yahoze ari umupasitorikazi be n’abandi baratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.
20. Ivyabaye ku mugore umwe wo muri Gana vyerekana gute ububasha Ijambo ry’Imana rifise?
20 Ububasha bw’Ijambo ry’Imana burabonekera kandi ku bijanye na Paulina, umugore umwe wo muri Gana. Hari umwamamaji w’Ubwami w’igihe cose yamugirira inyigisho ya Bibiliya mu gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budaheraa. Paulina yari ku mugabo afise abagore benshi, maze abona ko bikenewe yuko ahindura, ariko umugabo wiwe be n’incuti ziwe zose baramurwanije bimwe bikaze. Sekuru wiwe, uwari umucamanza muri sentare nkuru akaba n’indongozi mw’idini, yaragerageje kumuhindura ivyiyumviro mu gusigura ukutari kwo Matayo 19:4-6. Nya mucamanza wamenga ariko avuga ukuri, mugabo Paulina yaciye ubwo nyene atahura yuko ivyo vyari bimeze nka kumwe Shetani yagoreka Ivyanditswe igihe yagerageza Yezu Kirisitu (Matayo 4:5-7). Yaributse amajambo atomoye Yezu yavuze ku bijanye n’umubano w’ababiranye avuga yuko Imana yabaremye ari umugabo n’umugore itabaremye ari umugabo n’abagore, kandi yuko abo babiri, atari abo batatu, bobaye umubiri umwe. Yarumiye ku ngingo yafashe maze amaherezo aremererwa kwahukana mu buryo bwemewe n’imigenzo yo ngaho, akava muri uwo mubano urimwo abagore benshi. Ntiyatevye kuba umwamamaji w’Ubwami ahimbawe yabatijwe.
Guma uramiriza neza mw’Ijambo ry’Imana
21, 22. (a) Ni umwiyemezo uwuhe twoshima kugira uko turi abamamaji b’Ubwami? (b) Ni ibiki turimbura mu kiganiro gikurikira?
21 Ijambo ry’Imana ryanditse, mu vy’ukuri ni igikoresho c’ububasha dukoresha mu gufasha abandi ngo bagire amahinduka mu buzima bwabo kugira biyegereze Yehova (Yakobo 4:8). Nka kurya nyene kw’abakozi bafise ubuhanga bakoresha ibikoresho kugira ngo bivemwo ingaruka nziza, ese kugira akigoro kavuye ku mutima ko gukoresha Ijambo ry’Imana Bibiliya tubigiranye ubuhanga mu gikorwa cacu twashinzwe n’Imana co kuba abamamaji b’Ubwami, twobigira wo mwiyemezo wacu!
22 Dushobora gute kuramiriza neza mu Vyanditswe mu buryo burushirije kuba ngirakimazi mu gikorwa cacu co guhindura abantu abigishwa? Uburyo bumwe ni mu gutsimbataza ubushobozi bwacu bwo kuba abigisha bashwirura. Turakwinginze ushire ivyiyumviro ku kiganiro gikurikira kubera yuko gitanga uburyo bwo kwigisha no gufasha abandi kwemera ubutumwa bw’Ubwami.
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woba uvyibuka?
• Ni ibikoresho ibihe abamamaji b’Ubwami bafise?
• Ni mu buhe buryo Paulo yari akarorero mu kuba umukozi w’Ubwami?
• Kuramiriza neza mw’Ijambo ry’Imana harimwo iki?
• Ijambo ryanditse rya Yehova rifise ububasha bungana iki?
[Amafoto ku rup. 10]
Ibikoresho bimwebimwe abakirisu bakoresha mu gikorwa c’ukwamamaza Ubwami