ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wt ikig. 3 rup. 23-31
  • Nugumye Ijambo ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugumye Ijambo ry’Imana
  • Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Fasha Abandi Bayihe Agaciro
  • Ugusoma Bibiliya Kwacu
  • Intumbero Dufise
  • Guma Wumiye Rwose kw Ijambo ry’Imana
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Ugusoma Bibiliya—Ni Nzanakunguko Kandi Biranezereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Niwijukire Gusoma
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Nuhimbarwe n’Ijambo ry’Imana
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Senga Imana yonyene y’ukuri
wt ikig. 3 rup. 23-31

Ikigabane ca Gatatu

Nugumye Ijambo ry’Imana

1. (a) Isirayeli ya kera yiboneye gute ko ijambo Imana yavuze ari iryo kwizigirwa? (b) Ni kuki ivyo dukwiye kuvyitwararika?

“MURAZI neza mwese yukw ata kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye.” (Yosuwa 23:14-16) Ivyo ni vyo Yosuwa yabwiye abagabo b’inararibonye bo muri Isirayeli aho bamariye kugerera mu Gihugu c’Isezerano. Egome, imihango Yehova yatanze yagaragaye ko ari iyo kwizigirwa. Iyo nkuru, hamwe n’ibisigaye vyose muri Bibiliya, vyarazigamwe ku bwacu kugira ngo “biduhe kwizigira ibizoba.”—Abaroma 15:4.

2. (a) Ni mu buryo ki Bibiliya “[y]ahumetswe n’Imana”? (b) Kuba tuzi ko Bibiliya yahumetswe n’Imana, ni ibanga irihe dufise?

2 Naho hari abantu bashika nka 40 bakoreshejwe mu kwandika Bibiliya, Yehova ubwiwe ni we yakomotseko. Ivyo vyoba bisobanura yuko yarongoye koko iyandikwa ry’ikintu cose kiri muri yo? Egome. Ivyo yabigize akoresheje impwemu yiwe y’inyabubasha, ari yo nguvu ikora. Intumwa Paulo yavuze ukuri ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, . . . kugira ng’umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.” Abantu bajijutse yuko Bibiliya yahumetswe n’Imana aho bari hose, baritwararika Bibiliya maze bakubakira ubuzima bwabo ku biri muri yo.—2 Timoteyo 3:16, 17; 1 Ab’i Tesalonike 2:13.

Fasha Abandi Bayihe Agaciro

3. Uburyo bwiza kuruta bwo gufasha abenshi batemera yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ni ubuhe?

3 Abenshi mu bo tuganiriza ntibemera kimwe natwe yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. None dushobora kubafasha gute? Kenshi, uburyo bwiza kuruta ni ukuzingurura Bibiliya maze tukabereka ibiri muri yo. “Ijambo ry’Imana [n]i rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’inkota zose, . . . risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.” (Abaheburayo 4:12) “Ijambo ry’Imana” si inkuru ya kahise ata co ikimaze; ni rizima! Imihango Bibiliya itanga itera igana ku kuranguka ata kabuza. Akosho ubutumwa bwa Bibiliya bugira ku mvo umuntu akorana ibintu zimuri mu mutima, karakomeye kuruta ikintu ico ari co cose ubwacu twoshobora kuvuga.

4. Ni insobanuro izihe z’ukuri kwa Bibiliya zahinduye inyifato abantu bamwebamwe bari bafise kuri Bibiliya, kandi ni kubera iki?

4 Kubona izina ry’Imana muri Bibiliya vyaratumye abenshi bayitohoza bimwe vyimbitse. Abandi na bo bafashe ingingo yo kwiga Bibiliya igihe berekwa ico ivuga ku vyerekeye intumbero y’ubuzima, igituma Imana ireka hakaba ubukozi bw’ikibi, ico ibiriko biraba ubu bivuze, canke icizigiro c’ubuzima bwamaho mw’isi y’iparadizo. Mu bihugu aho imigenzo ijanye n’idini yatumye abantu bagirirwa nabi n’amashetani, insiguro Bibiliya itanga y’ikibituma hamwe n’ukuntu bobikira, yarabashimishije. Ni kuki ivyo bintu bikora ku mutima abantu b’inziraburyarya? Ni kubera ko Bibiliya ari ryo sôko ryonyene ririmwo amakuru yo kwizigirwa kuri mwene ivyo bibazo vyose bihambaye.—Zaburi 119:130.

5. (a) Igihe abantu bavuze ko batemera Bibiliya, bashobora kuba babitumwa n’iki? (b) Abantu mwene abo twobafasha gute?

5 Ariko none vyogenda gute abantu batubwiye yuko batemera Bibiliya? Ivyo vyoba bikwiye guhagarika ikiyago? Si ngombwa mu gihe boba bashima ko muvyihweza. Hari aho boba babona Bibiliya nk’igitabu c’Abiyita Abakirisu. Ibintu bazwiko vy’uburyarya bagira be n’ivy’ukuntu bisuka mu vya politike, hamwe na kwa kuntu baguma basaba amahera, hari aho vyoba biri mu bituma abo bantu bakira nabi Bibiliya. Mbega ntitwobabaza ko atari ico kibibatuma? Ukuntu Bibiliya yiyamiriza ibintu vy’isi Abiyita Abakirisu bagira, tutibagiye n’ivyo batandukaniyeko n’Ubukirisu nyakuri, vyoshobora kubashimisha.—Mika 3:11, 12; Matayo 15:7-9; Yakobo 4:4.

6. (a) Ni igiki ubwawe kikujijura yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana? (b) Ni ibindi vyiyumviro ibihe bishobora gukoreshwa mu gufasha abantu ngo batahure yuko Bibiliya yavuye ku Mana koko?

6 Ku bandi na bo, kuganira na bo mu buryo butomoye ibimenyamenya vy’uko Bibiliya yahumetswe n’Imana vyoshobora gufasha. Wewe wemezwa n’iki ko Bibiliya yavuye kuri Yehova Imana? Woba uvyemezwa n’isôko Bibiliya ubwayo ivuga ko yakomotseko? Canke ni uko Bibiliya irimwo ubuhanuzi injojo busigura ido n’ido ivyerekeye kazoza, bukaba ari ubuhanuzi butegerezwa kuba bwavuye kw’isôko rirengeye ubwenge bw’umuntu? (2 Petero 1:20, 21) Woba kumbure uvyemezwa n’uko Bibiliya irimwo ibintu bivuga rumwe naho yanditswe n’abantu 40 mu kiringo c’imyaka nk’1.600? Canke ni kubera ukuntu ivuga ukuri mu vya siyansi ugereranije n’ibindi bintu vyanditswe kuva muri ivyo bihe? Canke woba uvyemezwa n’ukutarya umunwa kw’abayanditse? Canke uvyemezwa n’uko yarokotse utwigoro dukaze twagizwe two kuyizimanganya? Ikintu ico ari co cose cagukoze ku mutima coshobora kandi gukoreshwa mu gufasha abandi bantu.a

Ugusoma Bibiliya Kwacu

7, 8. (a) Bibiliya dukwiye kuba tuyikoza iki? (b) Ni igiki dukeneye turetse ukwisomera Bibiliya turi twenyene? (c) Wewe ubwawe vyagenze gute kugira ngo ushike ku gutahura imigambi ya Yehova?

7 Turetse ugufasha abandi ngo bemere Bibiliya, ubwacu turakeneye gufata umwanya wo kuyisoma tudahorereza. Wewe ivyo woba uhora ubigira? Mu bitabu bimaze gusohorwa vyose, ico ni co gihambaye kubiruta. Birumvikana, ivyo ntibisobanura yuko mu gihe tuyisoma turi twenyene ata kindi kintu dukeneye. Ivyanditswe biratuburira ngo ntitwigunge. Ntidukwiye kwiyumvira yuko dushobora gutegera ibintu vyose twigiriye ubushakashatsi ukwa twenyene. Kwiyigisha no kwitaba tudahorereza amakoraniro y’abasavyi b’Imana, birakenewe nimba dushaka kuba Abakirisu bagumana uburimbane.—Imigani 18:1; Abaheburayo 10:24, 25.

8 Ku vyerekeye ivyo, Bibiliya iratubwira ivy’umukozi w’i bwami w’Umunyetiyopiya yariko arasoma mu buhanuzi bwa Yesaya. Umumarayika yarungitse umwamamazanjili w’Umukirisu yitwa Filipo kubaza nya mugabo ati: “Ivyo usoma urabitahuye?” Wa Munyetiyopiya yishura yicishije bugufi ati: “Nobishobora nte, ntabonye ūbindōngōramwo?” Yinginze Filipo ngo amusigurire ico gihimba c’Ivyanditswe. Urumva yuko Filipo atari umusomyi wa Bibiliya yigenga yatanga gusa iciyumviro ciwe ku Vyanditswe. Yaguma ahanahana amakuru n’ishirahamwe ry’Imana riboneka. Ni co catumye ashobora gufasha uwo Munyetiyopiya kwungukira ku nyigisho Yehova yariko aratanga biciye kuri iryo shirahamwe. (Ivyakozwe 6:5, 6; 8:5, 26-35) No muri iki gihe, nta n’umwe ashika ku gutahura neza imigambi ya Yehova ari ukwa wenyene. Twese turakeneye imfashanyo Yehova atangana urukundo biciye kw’ishirahamwe ryiwe riboneka.

9. Ni porogarama iyihe yo gusoma Bibiliya ishobora kutubera ngirakamaro twese?

9 Kugira ngo ishirahamwe rya Yehova ridufashe gutahura Bibiliya, riratanga amayagwa meza utoraba ashingiye ku Vyanditswe ari mu bisohokanyandikiro binyuranye. Si ivyo gusa, urutonde rudahorereza rw’ugusoma Bibiliya rwaragizwe ku bwacu ku bijanye n’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi rigirwa mu mashengero yose y’Ivyabona vya Yehova kw’isi nzima. Gusuzuma Ivyanditswe Vyeranda ubwawe birashobora kuvamwo ivyiza vyinshi. (Zaburi 1:1-3; 19:7, 8) Nugire akigoro kadasanzwe ko gusoma Bibiliya udahorereza. Naho nyene woba udatahura neza akantu kose, kugira iciyumviro ca rusangi c’Ivyanditswe bizokubera ivy’agaciro ntangere. Nk’akarorero, mu gihe usomye gusa impapuro zine canke zitanu ku musi, urashobora guheza Bibiliya yose nko mu mwaka.

10. (a) Wewe usoma Bibiliya ryari? (b) Ni bande kandi dukwiye gushiramwo igihe dusoma Bibiliya, kandi ni kuki kudahorereza ari ikintu gihambaye?

10 Ushobora kwisomera Bibiliya ryari? Ugiye urabitegekaniriza washaka iminuta 10 canke 15 ku musi, uzohakura ivyiza vyinshi. Ivyo bidashobotse, nugire n’imiburiburi urutonde rw’umwanya udahinduka uyisomerako ku ndwi ku ndwi, hanyuma uce urugumako. Nimba wubatse, wewe n’uwo mwubakanye murashobora kwinovora ugusoma Bibiliya n’ijwi ryumvikana, umwe asomera uwundi. Nimba hariho abana bashoboye gusoma, barashobora kuza barakuranwa mu gusoma n’ijwi ryumvikana. Gusoma Bibiliya bikwiye kuba akamenyero ko mu buzima bwacu bwose, cokimwe n’ugufungura. Nk’uko ubizi, iyo umuntu afungura nabinabi, amagara yiwe arahabonera. Ni na kwo ubuzima bwacu bwo mu vy’impwemu hamwe rero n’ubuzima bwacu bwamaho bishobora kumererwa bivanye n’ukuntu twigaburira tudahorereza kw’ “ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana.”—Matayo 4:4.

Intumbero Dufise

11. Intumbero yacu ikwiye kuba iyihe mu gihe dusoma Bibiliya?

11 Intumbero yacu ikwiye kuba iyihe mu gihe dusoma Bibiliya? Ihangiro ryacu ntirikwiye gusa kuba uguheza igitigiri kanaka c’impapuro. Imvo twobikorana ikwiye kuba ukumenya Imana neza kuruta, kugira ngo dushobore kwongereza urukundo tuyifitiye no kuyisenga mu buryo yemera. (Yohana 5:39-42) Inyifato twogira ikwiye kuba nk’iyo umwanditsi wa Bibiliya yavuze ati: “Uhoraho, nyereka inzira zawe, nyigisha amarango yawe.”—Zaburi 25:4.

12. (a) Ni kuki kuronka “ubumenyi ntagakosa” bikenewe, kandi ni akigoro nyabaki gashobora gukenerwa igihe dusoma, kugira ngo turonke ubwo bumenyi? (b) Twoshobora gukoresha ivyiyumviro bine ibihe mu gusuzuma mu buryo ngirakamaro ivyo dusoma muri Bibiliya? (Raba uruzitiro ku rupapuro rwa 30.) (c) Tanga ikigereranirizo c’ivyo bintu mu kwishura ibibazo vyatanzwe muri iyi ngingo. Soma ivyanditswe vyatanzwe ariko bitasubiwemwo mu majambo.

12 Uko twakira inyigisho ziva kuri Yehova, icipfuzo cacu gikwiye kuba ukuronka “ubumenyi ntagakosa.” None ubwo bumenyi butahari, twoshobora gute gushira mu ngiro neza Ijambo ry’Imana mu buzima bwacu canke kurisigurira abandi neza? (Ab’i Kolosayi 3:10, NW; 2 Timoteyo 2:15) Kuronka ubumenyi ntagakosa bisaba yuko dusoma tuvyitondeye, kandi mu gihe hari igihimba gifise insobanuro igera kure, hari aho twokenera kugisoma incuro zitari nke kugira ngo dutegere ico kivuga. Tuzohakura ivyiza kandi nitwafata umwanya wo kuzirikana ku mayagwa, tukayiyumvira dufatiye ku kubona ibintu gutandukanye. Ivyiyumviro ngirakamaro bine vyo gutohoza birerekanywe ku rupapuro rwa 30. Ibihimba vyinshi vy’Ivyanditswe birashobora gusuzumwa mu buryo ngirakamaro hakoreshejwe iciyumviro kimwe canke vyinshi muri ivyo vyiyumviro. Uko wishura ibibazo biri ku mpapuro zikurikira, ni ko uzobona ukuntu ivyo ari ukwo biri.

(1) Kenshi, igihimba c’Ivyanditswe uriko urasoma kirashobora kugira ico kikubwiye ku kuntu Yehova ameze. Nk’akarorero, muri Zaburi 139:13, 14, turahamenyera ukuntu Imana yitwararika cane umwana ataravuka: “Wanteranirije mu nda ya mama. Ndagushimira yuko naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: ibikorwa vyawe n’ibitangaza; kand’ivyo, umutima wanje urabizi neza.” Ese ukuntu ibikorwa vya Yehova vy’irema bitangaje! Uburyo abantu baremwe burashingira intahe urukundo rwinshi adufitiye.

Turavye ibivugwa muri Yohana 14:9, 10, igihe dusoma ukuntu Yezu yari abanye n’abandi, duca tubona vy’ukuri ukuntu Yehova ubwiwe yobigenjeje. Dufise ivyo mu muzirikanyi, ni iciyumviro ikihe dushobora gushikako ku vyerekeye Yehova dufatiye ku vyabaye vyanditswe muri Luka 5:12, 13 no muri Luka 7:11-15?

(2) Rimbura ukungene iyi nkuru iri n’ico isangiye n’umutwe-shimikiro wa Bibiliya: iyemezwa ry’ukugaba n’ukuganza kwa Yehova hamwe n’ukwezwa kw’izina ryiwe biciye ku Bwami buzoba burongowe na Yezu Kirisitu, rwa Rubuto rwasezeranwa.

Umutwe-shimikiro wa Bibiliya Ezekiyeli be na Daniyeli bawushimitseko gute? (Ezekiyeli 38:21-23; Daniyeli 2:44; 4:17; 7:9-14)

Bibiliya yerekana neza gute ko Yezu ari we Rubuto rwari rwarasezeranywe? (Ab’i Galatiya 3:16)

Igitabu c’Ivyahishuriwe kidondora gute igihimba c’agaheta c’umutwe-shimikiro w’Ubwami? (Ivyahishuriwe 11:15; 12:7-10; 17:16-18; 19:11-16; 20:1-3; 21:1-5)

(3) Niwibaze ukuntu ushobora kwirabishako ivyo uriko urasoma. Nk’akarorero, turasoma muri Kuvayo gushika mu Gusubira mu Vyagezwe ivyerekeye ubushegabo n’ubugarariji Isirayeli yagize. Turahigira yuko izo nyifato be n’ivyo bakoze vyazanye inkurikizi mbi. Gutyo, dukwiye kwumva dusunikiwe guhimbara Yehova mu kutigana akarorero kabi ka Isirayeli. “Ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.”—1 Ab’i Korinto 10:11.

Inkuru ya Kayini yica Abeli idufitiye ikihe cigwa? (Itanguriro 4:3-12; Abaheburayo 11:4; 1 Yohana 3:10-15; 4:20, 21)

Impanuro Bibiliya iha Abakirisu bafise icizigiro c’ukuba mw’ijuru yoba yerekeye n’abafise icizigiro c’ukuba kw’isi ibihe bidahera? (Guharūra 15:16; Yohana 10:16)

Naho nyene twoba duhagaze neza mw’ishengero rya gikirisu, ni kuki dukeneye kurimbura ukuntu twoshira mu ngiro neza kuruta impanuro Bibiliya itanga dusanzwe tuzi? (2 Ab’i Korinto 13:5; 1 Ab’i Tesalonike 4:1)

(4) Niwiyumvire ingene woshobora gukoresha ivyo usoma kugira ngo ufashe abandi. Abantu bose bararajwe ishinga n’ingorane z’amagara, ari co gituma dushobora gusomera hamwe na bo ico Yezu yagize mu gutanga ikigereranirizo c’ivyo azogira ku rugero runini kuruta niyaganza ari Umwami w’ububasha bukomeye mu Bwami: “Abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira n’ibimuga n’impumyi n’ibiragi, n’abandi benshi, . . . arabakiza.”—Matayo 15:30.

Ni bande boshobora gufashwa n’inkuru y’izuka rya wa mwigeme wa Yayiro? (Luka 8:41, 42, 49-56)

13. Dushobora kwitega ko urutonde rubandanya rwo gusoma Bibiliya no kuyiga tujana n’ishirahamwe rya Yehova bivamwo iki?

13 Ese ukuntu ugusoma Bibiliya bituzanira ivyiza vyinshi igihe turimbuye vya vyiyumviro bine bitondetswe aho haruguru! Tuvugishije ukuri, gusoma Bibiliya ni urugamba. Mugabo birashobora kutugirira akamaro mu buzima bwacu bwose, kuko nk’uko tubisoma mu Vyanditswe, tuzoza turarushiriza gukomera mu vy’impwemu. Gusoma Bibiliya tudahorereza bizorushiriza kutwegereza Data wa twese munyarukundo Yehova, birushirize kandi kutwegereza abavukanyi bacu b’Abakirisu. Bizodufasha gukurikiza ya mpanuro yo ‘kugumya ijambo ry’ubuzima.’—Ab’i Filipi 2:16.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka ikiganiro cerekana igituma Bibiliya ikwiriye ko tuyihweza, raba agatabu kataziriwe ngo Un livre pour tous, kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Ikiganiro c’Isubiramwo

• Ni kuki Bibiliya yanditswe hanyuma ikazigamwa gushika muri kino gihe turimwo?

• Dushobora gute gufasha abandi ngo bahe agaciro Bibiliya?

• Ni kuki kwisomera Bibiliya ari ngirakamaro? Ni ivyiyumviro bine ibihe twoshobora gukoresha mu gusuzuma mu buryo ngirakamaro ivyo dusoma?

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 30]

IGIHE USOMA IGIHIMBA CA BIBILIYA, RIMBURA

Ico kikubwira ku vyerekeye Yehova bwa muntu

Ukuntu kijanye n’umutwe-shimikiro wa rusangi wa Bibiliya

Ukuntu gikwiye kugira ico gikoze ku buzima bwawe

Ukuntu ushobora kugikoresha mu gufasha abandi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika