ICIGWA CA 41
Imvugo Itahurika ku Bandi
IGIHE uvuga, ntushikirize gusa amakuru. Niwihatire gutuma ivyo uvuga bitahurika ku bariko barumviriza. Ivyo birashobora kugufasha gushikiriza inkuru neza, waba uriko ubwira ishengero canke abatari Ivyabona.
Hariho imice myinshi igize imvugo yumvikana. Imwimwe muri iyo irihwezwa mu Cigwa ca 26 kivuga ngo “Gushikiriza Amayagwa mu Buryo Bwumvikana.” Iyindi irihwezwa mu Cigwa ca 30 kivuga ngo “Kwitwararika Abandi.” Muri iki cigwa, tugiye kuganira ku zindi ngingo nkeyi.
Amajambo Yoroshe, Imvugo Yoroshe. Amajambo yoroshe hamwe n’amungane magufimagufi ni ibikoresho bikomeye mu vyo guhanahana amakuru. Ya Nsiguro yo ku Musozi Yezu yashikiriza ni akarorero keza ntangere k’insiguro abantu bashobora gutahura n’ubwo boba bande canke bakaba baba hehe. Ivyiyumviro birimwo bishobora kuba ari bishasha kuri bo. Yamara barashobora gutahura ivyo Yezu yavuze kubera ko yavuga ibintu bituraje ishinga twese: ukuntu twogira agahimbare, ukuntu tworyohora ubucuti dufitaniye n’abandi, ukuntu twokwihanganira amaganya, be n’ukuntu twogira ubuzima buri n’ico buvuze. Kandi yashikiriza ivyiyumviro vyiwe mu mvugo isanzwe. (Mat., ibig. 5-7) Birumvikana, Bibiliya iratanga uturorero twinshi tw’amungane y’uburebure butandukanye n’inyubako z’amungane zitandukanye. Intumbero yawe nyamukuru ikwiye kuba uguserura ivyiyumviro mu buryo butomoye, butahurika.
No mu gihe ushikiriza amayagwa yimbitse, kworosha imvugo birashobora gutuma yoroha gutahura. Ukworosha kwoshobora gushikwako gute? Nturemereze abakwumviriza utuntu twinshi tutari nkenerwa. Nutondeke amayagwa yawe ku buryo yunganira ingingo nkurunkuru ushikiriza. Nutore witonze ivyanditswe nyamukuru ukoresha. Aho kwihutagiza uva ku canditswe uja ku kindi, bisome wongere ubisigure. Ntupfukiranye iciyumviro ciza mu majambo igifyo.
Igihe urongora inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, kurikiza izo ngingo ngenderwako nyene. Ntugerageze gusigura utuntu twose. Nufashe umutohoji gutahura neza ivyiyumviro nyamukuru. Mu nyuma, mu kwiyigisha kwiwe no ku makoraniro y’ishengero, arashobora guheza akamenya ido n’ido ry’ibintu.
Kugira ngo ushikirize amayagwa mu buryo bworoshe, kwitegura neza birakenewe. Ubwawe utegerezwa kuba utahura neza ikiganiro cawe nimba ushaka ko kiba igitahurika ku bandi. Igihe utahura ikintu vy’ukuri, uba ushobora gusigura igituma kimeze ukwo. Uba ushobora no kugisigura mu majambo yawe bwite.
Sigura Amajambo Atamenyerewe. Rimwe na rimwe gutuma ibintu bitahurika bisaba ko usigura insobanuro y’amajambo abakwumviriza batamenyereye. Abakwumviriza ntubafatire ku rugero rw’ubumenyi badafise, mugabo ntukengere ubwenge bwabo. Uko wiga Bibiliya, ushobora gukoresha imvugo zimwezimwe ziyobera abandi bantu. Udasiguye na gatoyi, abatifatanije n’Ivyabona vya Yehova ntibazotahura yuko “amasigarira,” “umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” “izindi ntama” hamwe n’“ishengero ryinshi” bigenekereza imigwi kanaka y’abantu. (Rom. 11:5; Mat. 24:45, NW; Yoh. 10:16; Ivyah. 7:9) Muri ubwo buryo nyene, umuntu atazi ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ntazoshobora kumbure gutahura ico “umwamamaji,” “umutsimvyi,” “umucungezi w’umuzunguruko” n’“Icibutso” bisobanura.
Hariho imvugo zimwezimwe zo muri Bibiliya zikunda gukoreshwa n’abatari Ivyabona ata ngorane, zoshobora gukenera insobanuro. Ku bantu benshi, ijambo “Harumagedoni” risigura agatikizo ruhonyanganda. Hari aho boba batahura ko “Ubwami bw’Imana” ari imero iri mu muntu canke ko ari ijuru, ugasanga ntibatahura ko ari intwaro. Uvuze ijambo “ubugingo” bishobora kuzana ivyiyumviro vy’uko ari bimwe bita ngo ni igihimba kidafadika kiri mu bantu kidapfa iyo umubiri upfuye. Turavye ivyo abantu amamiliyoni bigishijwe, “impwemu yera” ngo ni umuntu (umuperesona), igihimba c’Ubutatu. Kubera ko abantu benshi cane usanga barahevye ingingo zigenga ukwigenza runtu zo muri Bibiliya, bashobora mbere kuba bakeneye gufashwa gutahura ico Bibiliya iba ishaka kuvuga igihe ivuga ngo “Muhunge ubushakanyi.”—1 Kor. 6:18.
Abantu badasanzwe ari abasomyi ba Bibiliya badahorereza, boshobora kudategera igihe uvuze uti “Paulo yanditse . . . ” canke uti “Luka yavuze . . . ” Bashobora kuba bafise abagenzi canke ababanyi bitwa ayo mazina. Bishobora gukenerwa ko wongerako akandi kantu ko gusigura kugira ngo uvuge ko uwo muntu ari intumwa y’Umukirisu canke ko uwo muntu ari umwanditsi wa Bibiliya.
Abumviriza muri kino gihe kenshi birakenerwa ko bafashwa gutahura ivyanditswe birimwo imvugo z’ingero canke imigenzo yo mu bihe vya kera. Nk’akarorero, kuvuga yuko ubwato bwa Nowa bwari bufise uburebure bw’amatambwe 300, ubwaguke bw’amatambwe 50 hamwe n’igihagararo c’amatambwe 30, bishobora kudasigura ikintu kinini kuri bo. (Ita. 6:15) Mugabo hamwe wosigura izo ngero nyene mu mvugo abantu b’iwanyu bazi, abakwumviriza boca biha ishusho y’ukuntu nya bwato bwangana.
Nutange Insobanuro Zikenewe. Kugira ngo ikintu kinaka gitomokere abakwumviriza, hoshobora gukenerwa ibirenze ugusigura ijambo kutarimwo ikosa kwonyene. I Yeruzalemu mu misi ya Ezira, isomwa ry’Ivyagezwe ryaza rirakurikirwa n’insobanuro. Kugira ngo bafashe abantu gutegera insobanuro yavyo, Abalewi baratanga insobanuro y’Ivyagezwe bakanabisobanura babihuza n’ukuntu ivy’abantu vyari vyifashe ico gihe. (Neh. 8:8, 12) Mu buryo nk’ubwo nyene, nufate umwanya usigure ivyanditswe usome wongere werekane insobanuro yavyo.
Yezu amaze gupfa hanyuma akazuka, yarasiguriye abigishwa biwe yuko ivyari bihejeje kuba vyari bishikije Ivyanditswe. Yaranashimitse kw’ibanga bajejwe ryo kuba ivyabona vy’ivyo bintu. (Luka 24:44-48) Igihe ufasha abantu kubona ukuntu ivyo bigishijwe bikwiye kugira ico bikoze ku buzima bwabo, bizoborohera guca batahura ico bivuze vy’ukuri.
Ingene n’Umutima Ujamwo. Birumvikana, no mu gihe insobanuro utanga zoba zitomoye, hari ibindi bintu vyoshobora gutuma uwo muntu atahura canke adatahura. Igihe umutima w’umuntu utakira ibivugwa, ico kiba kimubereye intambamyi ku kubitegera. (Mat. 13:13-15) Ku biyemeje kubona ibintu mu buryo bw’umubiri gusa, ibintu vy’impwemu biba ubupfu. (1 Kor. 2:14) Igihe umuntu yerekanye mwene uwo mutima, hari aho vyoba biranga ubukerebutsi guhagarika gusa ico kiyago, kumbure n’imiburiburi muri ico gihe.
Yamara rimwe na rimwe, umutima urashobora kuba utakira ibivugwa kubera ingorane zishikira umuntu mu buzima. Hamwe mwene uwo muntu yohabwa akaryo ko kwumva ukuri kwa Bibiliya mu kiringo kinaka, hari aho umutima wiwe woshobora gucika uwakira. Igihe Yezu yabwira intumwa ziwe yuko yari agiye gukubitwa kandi akicwa, ntibatahuye. Uti kuki? Si vyo bari biteze, eka mbere si na vyo bashaka namba! (Luka 18:31-34) Ariko rero, mu nyuma, 11 muri izo ntumwa baratahuye koko, kandi ivyo baravyerekana mu gukora ibihuye n’ivyo Yezu yari yarabigishije.
Ico Akarorero Keza Gakora. Igifasha abantu gutahura si amajambo tuvuga gusa, ahubwo baranafashwa n’ivyo dukora. Abantu benshi iyo bavuye kugendera Ingoro y’Ubwami ari bwo bwa mbere, bavuga yuko ico bibuka ari urukundo ruhaboneka, atari ibihavugirwa. Muri ubwo buryo nyene, umunezero tugaragaza warafashije abantu benshi dusanga ku mihana barakira ukuri kwa Bibiliya. Uravye ubuntu mvarukundo abantu ba Yehova bagiriranira hamwe n’ukuntu bafashanya iyo bahanganye n’amakuba, vyatumye bamwe babona yuko Ivyabona ari bo bari mw’idini y’ukuri. Uko rero wihatira gufasha abantu gutahura ukuri kwa Bibiliya, nuzirikane ku buryo ugusigura no ku karorero utanga.