ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • be icigwa 39 rup. 220-rup. 222 ing. 6
  • Insozero Ishika ku Nyota

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Insozero Ishika ku Nyota
  • Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Ivyo bijanye
  • Insozero nziza
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Gushira ahabona ivyiyumviro nyamukuru
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Kugira Urucacagu
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Intangamarara Ivyura Ugushimishwa
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
Ibindi
Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
be icigwa 39 rup. 220-rup. 222 ing. 6

ICIGWA CA 39

Insozero Ishika ku Nyota

Ni ibiki ukeneye kugira?

Mu mungane yawe yo gusozera, nuvuge ikintu co kuvyurira ingiro abakwumviriza bisunze ivyo bumvise.

Ni Kuki Bihambaye?

Ibivuzwe mu gusozera ni vyo bikunda kwibukwa igihe kirekire. Biratuma insiguro yose uko ingana iba iyishika ku nyota.

URASHOBORA kuba wagize ubushakashatsi uvyitondeye, ukanatondeka amayagwa y’umutumba w’insiguro yawe. Urashobora kandi kuba wateguye intangamarara ivyura ugushimishwa. Mugabo, haba hakiri ikindi kintu gikenewe, na co kikaba insozero ishika ku nyota. Akamaro kayo ntugafatire mu rwara. Ivyo uvuze ubwa nyuma ni vyo bikunda kwibukwa igihe kirekire. Mu gihe insozero ibuze ubukomezi, n’ivyo uba wavuze imbere yayo bishobora kutaba bigishitse abantu ku nyota.

Rimbura ibikurikira: Amaja mu mpera y’ubuzima bwiwe, Yosuwa yarashikirije ijambo ry’intibagirwa abagabo b’inararibonye b’ihanga rya Isirayeli. Amaze kwibukiriza ivyo Yehova yagiriye Isirayeli guhera mu misi ya Aburahamu, Yosuwa yoba yapfuye gusa gusubiramwo ibintu bikurubikuru vyabaye mu buryo bw’incamake? Haba namba. Ahubwo, akoresheje inyiyumvo zimbitse, yahimirije abantu ati: “Ni mwubahe [“Yehova,” NW], mumusabe mu vy’ukuri ata buryarya.” Niwisomere insozero ya Yosuwa yanditswe muri Yosuwa 24:14, 15.

Iyindi nsiguro y’intibagirwa uyisanga mu Vyakozwe 2:14-36, ikaba ari iyo intumwa Petero yashikirije ishengero ry’abantu i Yeruzalemu ku Musi Mukuru wa Pentekote yo mu 33 G.C. Ubwa mbere yasiguye yuko bariko bibonera iranguka ry’ubuhanuzi bwa Yoweli bwerekeye isukwa ry’impwemu y’Imana. Inyuma y’ivyo, yarerekanye ingene ivyo vyari bifitaniye isano n’ubuhanuzi bwerekeye Mesiya buri mu Mazaburi bwavuga ivy’izuka rya Yezu Kirisitu hamwe n’iduzwa ryiwe agashirwa iburyo bw’Imana. Maze, mu nsozero yiwe, Petero yaravuze atomora ikibazo abariko bamwumviriza bose basabwa guhangana na co. Yavuze ati: “Nukw abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yukw Imana yamugize Umwami na Kristo, Yesu umwe [“mwamanika,” NW].” Abari aho babaza bati: “Bagabo bene Data, mbega tugire dute?” Petero yishura ati: “Ni mwi[gaye], umuntu wese muri mwebge abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo.” (Ivyak. 2:37, 38) Uwo musi abantu nk’3.000 mu bamwumviriza barakozwe ku mutima n’ivyo bari bahejeje kwumva gushika aho bakira ukuri kwerekeye Yezu Kirisitu.

Ibintu vyo Kugumiza mu Muzirikanyi. Ivyo uvuga mu gusozera bikwiye kuba bijanye neza na neza n’umutwe-shimikiro w’insiguro yawe. Bikwiye gukurikira bwa nsozero yumvikana y’ingingo nkurunkuru uba uhejeje kwubakirako. Naho ushobora kuba ushaka gushiramwo amajambo nyamukuru amwamwe ukuye mu mutwe-shimikiro, kuwuvuga nk’uko uri biva kuri wewe.

Mu bisanzwe, intumbero uba ufise mu gushikiriza insiguro ni ukuremesha abantu kugira ico bakoze bafatiye ku makuru ushikirije. Imwe mu ntumbero nyamukuru y’insozero ni ukubereka ico bakwiye gukora. Igihe watora umutwe-shimikiro wawe hamwe n’ingingo nkurunkuru, woba warimbuye witonze igituma nya mayagwa yoba ahambaye ku bakwumviriza be n’igikwiye kuba ari yo ntumbero yawe mu kuyashikiriza? Nimba wabirimbuye, urazi rero ico ushaka ko bogira. Uba rero ukeneye gusigura ico kintu bokora ico ari co, kumbure n’ukuntu bogikora.

Turetse ukwereka abakwumviriza ico bakwiye gukora, insozero yawe ikwiye kubavyurira ingiro. Ikwiye kuba irimwo imvo zumvikana zotuma bagira ico bakoze, hamwe kumbure n’ivyiza bishobora kuva mu kugikora. Nimba iryungane rya nyuma waryiyumviriye uryitondeye kandi rikaba rivugitse neza, rizotuma insiguro yawe yose irushiriza gushika abantu ku mutima.

Uramiza ku muzirikanyi yuko insiguro iriko irasozerwa. Ivyo uvuga bikwiye kuvyerekana. Ingendo yawe y’ukuvuga ikwiye kandi kuba iyibereye. Ntuvuge unyaraguritsa gushika uheze, hanyuma ngo uce uhagarika bukwi na bukwi. Ku rundi ruhande, ntureke ngo ijwi ryawe ripfe guhwama. Ijwi ukoresha rikwiye kuba rikwiye mugabo ntiribe irirenze urugero. Amungane makeyi uvuga ubwa nyuma akwiye kuba arimwo akajambo kerekana ico ushaka gushikako. Uburyo uyashikiriza bukwiye guserura yuko ufise ishaka n’ubujijutsi. Igihe witegurira gushikiriza insiguro yawe, ntiwibagire kwimenyereza insozero uzokoresha.

Uti none insozero ikwiye kureha gute? Ico si ikintu gikwiye gusa kwerekanwa n’isaha. Insozero ntikwiye kurandira. Ico yokora ku bumviriza ni co gikwiye kwerekana uburebure ikwiye kugira. Insozero yoroshe, itazigura, yeza umutima ni yo nantaryo iba ibereye. Iyisa na ndende gatoyi irimwo ikigereranirizo kigufi, irashobora na yo nyene gushika ku nyota nimba wayiteguye uyitondeye. Fata ya nsozero ngufi yagirwa kuri ca gitabu cose c’Umusiguzi iri mu kigabane ca 12:13, 14 uyigereranye n’imwe ngufi kuruta yo muri ya Nsiguro yo ku Musozi yanditswe muri Matayo 7:24-27.

Mu Busuku bwo mu Ndimiro. Nta na hamwe uzosanga ukeneye insozero kenshi kuruta mu busuku bwo mu ndimiro. Witeguye kandi ukaba witwararikanye abantu urukundo, urashobora gushika ku vyiza bitari bike. Impanuro zatanzwe mu mpapuro z’imbere y’uru zirashobora gukurikizwa hakavamwo ivyiza, naho nyene zoba zikoreshejwe ku kiyago mugirana n’umuntu muri umwe n’umwe.

Ikiyago gishobora kuba kigufi cane. Nya muntu muganira ashobora kuba afise vyinshi akora. Ushobora gusanga mumaranye umunuta umwe gusa. Nimba bibereye, woshobora kuvuga ikintu nk’iki: “Ndavyumva. Mugabo reka ngusigire iciyumviro kimwe kiremesha. Bibiliya irerekana yuko Umuremyi wacu afise umugambi w’akaroruhore, wo guhindura iyi si ahantu abantu bashobora kwibera ibihe bidahera. Turashobora kuba muri iyo Paradizo, mugabo turakeneye kumenya ivyo Imana isaba.” Canke na ho woshobora kumusaba ko wogaruka ku kindi gihe kimushobokera.

Nimba mudatevye guhagarika ikiyago kubera ko uwo muganira aciye abireka bukwi na bukwi, n’ukukwishura nabi akakwishura nabi, ntugire ngo ziranyazwe. Niwamize mu muzirikanyi impanuro dusanga muri Matayo 10:12, 13 no mu Baroma 12:17, 18. Inyishu utanga y’ubwitonzi yoshobora guhindura ukuntu abona Ivyabona vya Yehova. Aho woba ushitse ku kintu ciza.

Ku rundi ruhande, ushobora kuba wayaze neza n’uwo wasanze ku muhana. Ni kubera iki utosubiramwo ingingo nkurunkuru ushaka ko yibuka? Siga umuvyuriye ingiro kugira ngo agire ico akora.

Ubonye bishoboka ko mwoganira ikindi gihe, numuhe imvo yotuma arindirana igishika. Mubaze ikibazo, kumbure ikivugwa mu gitabu Comment raisonner à partir des Écritures canke mu gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya, canke mu gisohokayandikiro kigenewe ukuyobora inyigisho za Bibiliya zo ku mihana. Uramiza mu muzirikanyi intumbero yawe, nk’uko Yezu yayerekanye muri Matayo 28:19, 20.

Woba uriko urasozera inyigisho ya Bibiliya ku muhana? Gusubiramwo umutwe bizofasha umutohoji kwibuka ivyo mwaganiriye. Gukoresha utubazo tw’isubiramwo bizofasha kwinjiza ingingo nyamukuru mu muzirikanyi wa nya mutohoji, canecane mu gihe iryo subiramwo ritagizwe gihutihuti. Ikibazo cerekeye ukuntu nya mayagwa mwize yogirira akamaro uwo mutohoji, canke ukuntu yoshobora kuyabwira abandi, vyoshobora kumufasha kwiyumvira gushira mu ngiro mu buzima bwiwe ivyo ahejeje kwiga.—Imig. 4:7.

Niwibuke yuko insozero ukoresha ituma ikiganiro canyu cose uko kingana kiba igishika ku nyota.

UBURYO BWO KUBIGIRA

  • Raba neza ko insozero yawe ifitaniye isano rirashe n’ivyiyumviro umaze gushikiriza.

  • Ereka abumviriza ico bakwiye gukora ku vyo bumvise.

  • Nuvyurire ingiro abakwumva mu vyo uvuga no mu kuntu ubivuga.

UMWIMENYEREZO: Nutegure insozero zibiri zo gukoresha mu busuku bwo mu ndimiro: (1) ivyo uvuga igihe uwo muganira aciye abiheba bukwi na bukwi kandi akanya ko kuganira kakaba ari gatoyi, hamwe (2) n’ikibazo gitomoye co kuganirako niwagaruka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika