ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/10 rup. 2
  • Ibiganiro bishasha vyo gutanguza inyigisho za Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibiganiro bishasha vyo gutanguza inyigisho za Bibiliya
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Woba uriko urayikoresha bimwe bishitse?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ibiganiro bishasha bizoza birasohoka mu Munara w’Inderetsi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Ibiganiro ngirakamaro ku bw’ubusuku bwacu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Ukuntu abo dushira ibinyamakuru twobahindura bakaba inyigisho za Bibiliya
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 12/10 rup. 2

Ibiganiro bishasha vyo gutanguza inyigisho za Bibiliya

1. Ni ibiganiro ibihe bigiye kuza birasohoka mu nteguro ya bose y’Umunara w’Inderetsi, kandi bigenewe iki?

1 Guhera mu kwezi kuza, hariho ibiganiro bishasha bigiye kuza birasohoka mu nteguro ya bose y’Umunara w’Inderetsi kugira ngo bidufashe gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ivyo biganiro bifise umutwe uvuga ngo “Niwige Ijambo ry’Imana.” Naho ata gukeka ko bamwebamwe mu cibare bazohimbarwa no kwisomera kimwekimwe muri ivyo biganiro, mu vy’ukuri ivyo biganiro bigenewe gukoreshwa igihe tuyaga n’abo tubwira inkuru nziza.

2. Ni ibintu bimwebimwe ibihe biranga ivyo biganiro?

2 Ibiranga ivyo biganiro: Umutwe mukuru be n’udutwe usanga vyanditswe mu buryo bw’ibibazo tuzobaza uwo tubwira inkuru nziza igihe tuyaga na we. Ivyanditswe nyamukuru biratangwa gusa ntibisubirwamwo mu majambo, kugira ngo uwo tubwira inkuru nziza ashobore guhimbarwa no kugira ico yize acisomeye mw’Ijambo ry’Imana. Ingingo ni ngufingufi kugira ngo zishobore kurimburirwa aho nyene imbere y’umuryango. Ikiganiro kimwekimwe cose gica cerekeza ku gitabu Ivyo Bibiliya yigisha kugira bidufashe kubandaniriza iyo nyigisho muri ico gitabu igihe biba bibereye.

3. Igihe twamamaza inzu ku nzu, twokoresha gute ivyo biganiro kugira ngo dutanguze inyigisho ya Bibiliya turi imbere y’umuryango?

3 Ingene twokoresha ivyo biganiro: Igihe ushikiriza ibinyamakuru, woshobora kubaza ikibazo kivyura ugushimishwa kijanye n’umutwe mukuru w’ikiganiro. Nk’akarorero, mu Munara wo ku wa 1 Nzero ico kiganiro kivuga ibijanye n’agaciro ka Bibiliya. Woshobora kubaza uti: “Woba ubona ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana canke ubona ko ari igitabu ciza gusa? [Rindira yishure.] Ndafise ikintu gishimishije ku bijanye n’ico kibazo.” Numwereke ikibazo ca mbere, musome ingingo ya mbere muce muraba icanditswe catanzwe. Nusubire usome ca kibazo uce umusaba agire ico abivuzeko. Nimurimbure amayagwa mukoresheje birya bibazo bifise inomero bibabere nka vyo vyiyumviro mwisunga mu kuyaga, ubwinshi bw’ivyo murimbura buvane n’ukuntu ibintu vyifashe. Imbere yo kugenda, numwereke ikibazo gikurikira mwongere mushinge isango ritomoye uzogarukirako kugira mukiganireko. Nugerageze usubireyo kugira murimbure ibindi ku bijanye n’ico kiganiro buri ndwi gushika uzanye ikiganiro co mu Munara ukurikira. Ukundi kuntu wobigenza ni ugukoresha bwa buryo burashe bwo gusaba uwo ubwira inkuru nziza ko mwokwigira hamwe Bibiliya. Nuce ukoresha mwene ico kiganiro co muri ico kinyamakuru kugira ngo umwereke ingene inyigisho igirwa.

4. Twoshobora gute gukoresha ivyo biganiro igihe tugira amasubirayo?

4 Urashobora kandi gukoresha mu buryo ngirakamaro ivyo biganiro bishasha igihe ugendeye abo wama ushira ibinyamakuru be n’igihe ugira ayandi masubirayo. Woshobora kuvuga gusa uti: “Hariho ikintu gishasha ugiye kuza urabona mu Munara w’Inderetsi. Reka ndakwereke ukuntu twogikoresha.” Dusenga dusaba ko ivyo biganiro bishasha vyofasha abandi benshi “bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.”—1 Tim. 2:4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika