Abageze mu zabukuru ni abantu bafise agaciro bo mu kivukano cacu ca gikirisu
‘Abatewe mu nzu ya Yehova bazototahara. . . . No mu busaza bazoba bacama; bazogira ubukame bwinshi n’itoto’.—ZABURI 92:13, 14.
1. Abantu benshi babona gute abageze mu zabukuru?
YEHOVA arakunda abasavyi biwe bose b’abizerwa, harimwo n’abitereye mu myaka. Ariko rero, twisunze ivyaharuwe, bagereranya yuko muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika uko umwaka utashe abageze mu zabukuru bashika nk’igice c’umuliyoni bakorerwa amabi canke bakirengagizwa. Raporo nk’izo nyene ziva hirya no hino kw’isi, zerekana ko gukorera amabi abageze mu zabukuru ari ingorane ikwiye kw’isi yose. Ivyo biterwa n’ico ishirahamwe rimwe ryita “inyifato ikwiragiye mu bantu benshi . . . yo kubona ko abageze mu zabukuru baba ata co bakimaze, ata co binjiza kandi bazeye uburaro n’uburamuko ku bandi”.
2. (a) Yehova abona gute abasavyi biwe b’abizerwa bageze mu zabukuru? (b) Ni amajambo ayahe yeza umutima dusanga muri Zaburi 92:12-15?
2 Yehova Imana araha agaciro abasavyi biwe b’intahemuka bageze mu zabukuru. Araba canecane “umuntu wacu w’imbere”, ni ukuvuga ukuntu tumeze mu vy’impwemu, aho kuraba amagara make yacu (2 Ab’i Korinto 4:16). Mw’Ijambo ryiwe Bibiliya, tuhasanga aya majambo yeza umutima kandi asubiriza umutima mu nda avuga ati: “Umugororotsi azototahara nk’ikigazi, azoshirwa hejuru nk’igiti c’isederi c’i Lebanoni. Abatewe mu [“nzu ya Yehova”, NW] bazototaharira mu [bigo vy’]Imana yacu. No mu busāza bazoba bacāma; bazogira ubukame bginshi n’itōto: kugira ngo [bimenyekanishe] yuk’Uhoraho atunganye” (Zaburi 92:12-15). Kurimbura iyo mirongo biraza guhishura ibigize intererano y’agaciro mwebwe mugeze mu zabukuru mushobora guterera ku kivukano ca gikirisu.
‘No mu busaza baba bacama’
3. (a) Ni kubera iki abagororotsi basanishwa n’ubwobo bw’ibigazi bwitwa dattier? (b) Abageze mu zabukuru bashobora gute ‘kuba bacama no mu busaza bwabo’?
3 Umwanditsi wa Zaburi asanisha abagororotsi n’ubwoko bw’ibigazi bwitwa dattier ‘bitewe mu bigo vy’Imana yacu’. ‘No mu busaza baba bacama’. Ntiwemera none yuko ico ari iciyumviro kiremesha? Mwene ivyo bigazi biryoheye ijisho kandi bigororotse, umuntu yarakunda kubibona mu bigo vyo mu Buseruko mu bihe vya Bibiliya. Turetse agaciro ivyo bigazi vyari bifise ko gushariza, vyarahabwa agaciro kubera vyama ivyamwa vyinshi, bimwebimwe bikaba vyarabandanya kwama mu kiringo c’imyaka irenga ijanaa. Mu kuguma uteye utanyiganyiga mu gusenga kw’ukuri, na wewe urashobora nk’ukwo nyene “[kubandanya k]wama imbuto mu bikorwa vyiza vyose”.—Ab’i Kolosayi 1:10.
4, 5. (a) Ni ivyamwa bihambaye ibihe abakirisu bakeneye kwama? (b) Tanga uburorero bwo mu Vyanditswe bw’abari bageze mu zabukuru bamye “imbuto z’iminwa”.
4 Yehova yiteze ko abakirisu bama “imbuto z’iminwa”, ni ukuvuga amajambo bavuga yo kumushemeza no gushemeza imigambi yiwe (Abaheburayo 13:15). Ivyo vyoba bikuraba wewe ugeze mu zabukuru? Ego cane.
5 Bibiliya irimwo uburorero bw’abageze mu zabukuru bashingiye intahe badatinya izina rya Yehova n’imigambi yiwe. Musa yari amaze kurenza “imyaka mirongwirindwi” igihe Yehova yamushinga kuba umumenyeshakazoza wiwe n’uwumuserukira (Zaburi 90:10; Kuvayo 4:10-17). Ukwiterera mu myaka ntikwabujije umumenyeshakazoza Daniyeli gushinga intahe ijanye n’ubusegaba bwa Yehova abigiranye umutima rugabo. Daniyeli ashobora kuba yari mu myaka 90 y’amavuka igihe Belushaza yamuhamagaza kugira asobanure indome z’ikinyegezwa zari zanditswe n’ukuboko ku ruhome (Daniyeli, ikigabane ca 5). Bite ho ku vyerekeye intumwa Yohani yari igeze mu zabukuru? Amaja mu mpera y’umurimo wiwe yari amaze igihe kirekire arangura, yarapfungiwe mw’izinga Patimo ‘ahorwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yezu’ (Ivyahishuriwe 1:9). Ntubuze kuba wibuka n’abandi bantu bavugwa muri Bibiliya bamye “imbuto z’iminwa” mu myaka yabo yo mu busaza.—1 Samweli 8:1, 10; 12:2; 1 Abami 14:4, 5; Luka 1:7, 67-79; 2:22-32.
6. Yehova yakoresheje gute “abatāma” kugira amenyeshe ubuhanuzi muri ino misi y’iherezo?
6 Mu gusubiramwo amajambo y’umumenyeshakazoza w’Umuheburayo Yoweli, intumwa Petero yavuze ati: “Mu misi y’iherezo, ni kw Imana yagize, nzosuka [im]pwemu [y]anje ku bari n’umubiri bose [harimwo n’“abatāma”]: . . . ba[zo]vugishw[a]” (Ivyakozwe 2:17, 18; Yoweli 2:28). Mu buryo buhuye n’ayo majambo, muri ino misi y’iherezo Yehova yarakoresheje abo mu mugwi w’abasizwe be n’abo mu “zindi ntama” bageze mu zabukuru kugira bavuge imigambi yiwe (Yohana 10:16). Bamwebamwe muri abo baramaze imyaka mirongo bama ivyamwa vy’Ubwami badahemuka.
7. Niwerekane ukuntu abageze mu zabukuru babandanya kwama ivyamwa vy’Ubwami naho bafise amagara make.
7 Rimbura ivya Sonia, uwabaye umwamamaji w’Ubwami w’igihe cose mu 1941. Naho amaze igihe kirekire anyinyana n’indwara idakira, yararongoye ubudahorereza inyigisho za Bibiliya i muhira iwe. Yasiguye ati: “Kwamamaza inkuru nziza ni umuce w’ubuzima bwanje. Mbere, ni bwo buzima bwanje. Sinshobora guhagarika”. Nta gihe kirahaca Sonia na mukuruwe Olive babwiye Janet ubutumwa bwo muri Bibiliya butanga icizigiro, uwo Janet akaba yari umurwayi w’indembe bahuriye ku bitaro mu kibanza barindiriramwo kubonana na muganga. Nyina wa Janet, uwari umugatolika w’umunyamwete, yaratangajwe cane n’ukwo kuntu bitwararikanye urukundo umukobwa wiwe ku buryo yaciye yemera kugirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana, maze ubu akaba ariko aragira iterambere ryiza. Woba ushobora gukoresha uturyo nk’utwo kugira ngo wame ivyamwa vy’Ubwami?
8. Kalebu, uwari yitereye mu myaka, yagaragaje gute ko yizigira Yehova, kandi abakirisu bageze mu zabukuru bashobora gute kwigana akarorero kiwe?
8 Mu gukomera kw’ibanga babigiranye umutima rugabo mu gikorwa co kwamamaza Ubwami naho badashoboye gukora vyinshi bivanye n’uko bitereye mu myaka, abakirisu bageze mu zabukuru baba bariko barigana akarorero ka wa Mwisirayeli w’umwizerwa Kalebu, uwagendanye na Musa mu bugaragwa mu kiringo c’imyaka mirongo ine. Kalebu yari afise imyaka 79 igihe yajabuka Uruzi Yorodani akinjira mu Gihugu c’Isezerano. Kubera yuko yari amaze imyaka itandatu arwana mu ngabo zitaneshwa z’Abisirayeli, yari gushobora guca yiruhukira. Yamara, yarasavye abigiranye umutima rugabo igikorwa kitoroshe co kuja kwigarurira “ibisagara binini-binini bizitijwe inzitiro z’amabuye” vyari mu karere k’Ubuyuda ko mu misozi, kakaba kari akarere kabamwo Abanaki, abantu bari baninibanini bidasanzwe. Kalebu afashijwe na Yehova, ‘yarabanesheje nk’uko Yehova yari yaramubariye’ (Yosuwa 14:9-14; 15:13, 14). Numenye udakeka ko Yehova ari kumwe nawe nk’uko yari kumwe na Kalebu, uko ubandanya kwama ivyamwa vy’Ubwami mu busaza. N’ikindi kandi, ugumye uri umwizerwa, azoguha ikibanza mw’isi nshasha yasezeranye.—Yesaya 40:29-31; 2 Petero 3:13.
‘Bazobandanya kugira ubukame bwinshi n’itoto’
9, 10. Ni gute abageze mu zabukuru baguma bakomeye mu kwizera kandi bakagumana inkomezi zabo zo mu vy’impwemu (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 13.)?
9 Umwanditsi wa Zaburi yarerekeje ivyiyumviro ku kwama kw’abasavyi ba Yehova bageze mu zabukuru maze aririmba ati: “Umugororotsi azototahara nk’ikigazi, azoshirwa hejuru nk’igiti c’isederi c’i Lebanoni. No mu busāza bazoba bacāma; bazo[bandanya ku]gira ubukame bginshi n’itōto”.—Zaburi 92:12, 14.
10 Ushobora gute kuguma ufise inkomezi zo mu vy’impwemu naho woba witereye mu myaka? Akabanga ko kugira ngo ca kigazi kigumane ubwiza bwaco, ni uko kiguma kironka amazi apfutse. Mu buryo nk’ubwo, na wewe urashobora kuronka ibikubungabunga mu mazi yo mu kuri kwo muri Bibiliya mu kwiyigisha Ijambo ry’Imana no mu kwifatanya n’ishirahamwe ryayo (Zaburi 1:1-3; Yeremiya 17:7, 8). Inkomezi zawe zo mu vy’impwemu zituma uba ubutunzi bw’agaciro ku bo musangiye ukwizera. Rimbura ukuntu ivyo vyagaragaye ko ari ukuri ku bijanye n’Umuherezi Mukuru Yehoyada yari ageze mu zabukuru.
11, 12. (a) Ni uruhara ruhambaye uruhe Yehoyada yagize mu bijanye n’ubwami bw’Ubuyuda? (b) Yehoyada yakoresheje gute ubukuru yari afise kugira ngo ateze imbere ugusenga kw’ukuri?
11 Yehoyada ashobora kuba yari afise imyaka irenga ijana igihe wa Mwamikazi Ataliya ahahamira ubukuru yigarurira Ubuyuda mu kugandagura abuzukuru biwe bwite. None umutama Yehoyada yakoze iki? We hamwe n’umukenyezi wiwe baranyegeje mu rusengero mu kiringo c’imyaka itandatu samuragwa wo mu nda y’umwami umwe wenyene yari asigaye ari we Yowasi. Maze mu buryo butangaje, bagiye bumva Yehoyada amenyesha yuko Yowasi w’imyaka indwi abaye umwami yongera yicisha Ataliya.—2 Ngoma 22:10-12; 23:1-3, 15, 21.
12 Kubera ko Yehoyada yari umurinzi w’umwami, yarakoresheje ubukuru yari afise kugira ngo ateze imbere ugusenga kw’ukuri. “[Yar]ashin[ze] isezerano hagati yiwe n’abantu bose n’umwami, ngo babe abantu b’Uhoraho”. Bivuye kw’itegeko rya Yehoyada, abantu barasanganguye inzu y’imana y’ikinyoma Bayali bongera bakuraho n’ibicaniro vyayo n’ibishushanyo vyayo be n’umuherezi wayo. Yehoyada yarayoboye kandi Yowasi, uno arasubizaho ibikorwa vy’urusengero yongera arakora vyinshi mu bikorwa vyari bikenewe gukorwa bijanye n’ugusanura urusengero. “Yowasi [yabandanije gu]kora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza igihe cose Yehoyada umuherezi yar’akimwigisha” (2 Ngoma 23:11, 16-19; 24:11-14; 2 Abami 12:2). Igihe Yehoyada yapfa afise imyaka 130, yaratewe agateka kadasanzwe ko guhambanwa n’abami kubera yuko “yakoze neza mu Bisirayeli, no ku Mana, no mu vy’ingoro yayo”.—2 Ngoma 24:15, 16.
13. Abakirisu bageze mu zabukuru bashobora gute ‘gukora neza ku Mana no mu vy’ingoro yayo’?
13 Kumbure amagara mabi canke ibindi bintu biratuma udakora ivyo wari gukora kugira ngo uteze imbere ugusenga kw’ukuri. Naho vyoba ari ukwo biri, uba ugishoboye ‘gukora neza ku Mana no mu vy’ingoro yayo’. Urashobora kugaragaza umwete ufitiye ingoro yo mu vy’impwemu ya Yehova mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu no mu kuyagiramwo uruhara be no mu kugira uruhara mu busuku bwo mu ndimiro igihe cose bishoboka. Ukuba wemera n’umutima ukunze impanuro yo muri Bibiliya n’ukuba ushigikira udahemuka “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” be n’ishengero, bizoheza bikomeze ikivukano ca gikirisu (Matayo 24:45-47, NW). Urashobora kandi kwoherereza abo musangiye ugusenga ‘ku rukundo no ku bikorwa vyiza’ (Abaheburayo 10:24, 25; Filemoni 8, 9). Vyongeye, uzoba umuhezagiro ku bandi niwakora mu buryo buhuye n’impanuro y’intumwa Paulo igira iti: “Bgira abatāma boye kurenza urugero, babe inyankamugayo, badahugumba, babe abahangaye mu kwizera no mu rukundo no mu kwihangana. N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza”.—Tito 2:2-4.
14. Ni igiki abamaze igihe kirekire ari abacungezi bakirisu bashobora gukora kugira ngo bateze imbere ugusenga kw’ukuri?
14 Woba umaze imyaka myinshi uri umukurambere mw’ishengero? “Ubukerebutsi waronse gushika mu myaka yo mu butama nubukoreshe mu buryo buzira ubwikunzi”. Iyo ni impanuro itangwa n’uwumaze igihe kirekire ari umukurambere mw’ishengero. Abandanya ati: “Nushinge abandi amabanga amwamwe wari kurangura kandi usabikanye ubuhanga ufise n’abandi bafise umutima wo kwiga. . . . Nugerageze kubona ivyo abandi boshobora. Niwongereze kandi utsimbataze ubwo bushobozi bafise. Tegekanya kazoza” (Gusubira mu vyagezwe 3:27, 28). Ubwitwararitsi nyakuri ugira mu gikorwa c’Ubwami gitera caguka, buzoviramwo imihezagiro myinshi abandi bo mu kivukano cacu ca gikirisu.
‘Menyekanisha yuko Uhoraho atunganye’
15. Ni gute abakirisu bageze mu zabukuru ‘bamenyekanisha ko Uhoraho atunganye’?
15 Abasavyi b’Imana bageze mu zabukuru bararangurana umunezero ibanga bajejwe ryo ‘kumenyekanisha yuko Uhoraho atunganye’. Niba uri umukirisu ageze mu zabukuru, ivyo uvuga be n’ivyo ukora birashobora kwereka abandi yuko ‘Yehova ari we Gitandara cawe, atagiramwo ukugabitanya na gukeya’ (Zaburi 92:15). Ca kigazi kirashingira intahe itavuga kamere ntangere z’Umuremyi waco. Mugabo wewe, Yehova yaraguteye agateka ntangere ko kumushingira intahe ku baja mu gusenga kw’ukuri ubu (Gusubira mu vyagezwe 32:7; Zaburi 71:17, 18; Yoweli 1:2, 3). Ni kubera iki ivyo bihambaye?
16. Ni akarorero akahe ko muri Bibiliya kerekana ingene bihambaye ‘kumenyekanisha ko Uhoraho atunganye’?
16 Igihe ya ndongozi y’Abisirayeli Yosuwa yari “ashaje, ageze mu zabukuru . . . [yar]ahamaga[je] Abisirayeli bose, abashingantahe babo n’abakuru, n’abacamanza babo n’abagabisha b’ingabo”, hanyuma abibutsa ibikorwa bitunganye Imana yari yarabakoreye. Yavuze ati: “[N]ta kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye, nta kintu na kimwe muri vyo kitāshitse” (Yosuwa 23:1, 2, 14). Mu kiringo kinaka, ayo majambo yarakomeje umwiyemezo abantu bari bafise wo kuguma ari abizerwa. Ariko rero, Yosuwa amaze gupfa ‘hakurikiye urundi runganwe . . . rutari ruzi Yehova, canke ngo rumenye igikorwa yakoreye Abisirayeli. Maze Abisirayeli bakora ivyo Yehova abona kw’ari bibi, basaba za Bayali’.—Abacamanza 2:8-11.
17. Yehova yakoreye iki abasavyi biwe mu bihe vya none?
17 Ukutadohoka kw’abo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu gihe ca none ntikuvana n’amajambo abasavyi b’Imana bitereye mu myaka bavuga y’ivyo biboneye. Yamara, ukwizera dufise muri Yehova no mu mihango yiwe kurakomezwa igihe twumva inkuru zivugwa n’abiboneye ‘ibikorwa bihambaye’ yakoreye abasavyi biwe muri iyi misi y’iherezo (Abacamanza 2:7; 2 Petero 1:16-19). Niba umaze imyaka myinshi wifatanije n’ishirahamwe rya Yehova, woshobora kuba wibuka igihe hari abamamaji b’Ubwami bake cane mu ntara iwanyu canke mu gihugu iwanyu canke igihe igikorwa c’ukwamamaza carwanywa bikomeye. Uko igihe cagenda kirengana, warabonye ukuntu Yehova yagiye akuraho intambamyi zimwezimwe be n’ukuntu abamamaji b’Ubwami bongerekanye “n’ingoga” (Yesaya 54:17; 60:22). Warabonye ukuntu ukuri kwo muri Bibiliya kwagiye kuratomorwa wongera uribonera ukuntu igice kiboneka c’ishirahamwe ry’Imana cagiye kiraryohorwa (Imigani 4:18; Yesaya 60:17). Woba urondera kwubaka abandi mu gusangira na bo ivyo wiboneye bijanye n’ibikorwa bitunganye Yehova yakoze? Urazi ukuntu ivyo bishobora kugira ingaruka nziza kandi ikomeza ku kivukano ca gikirisu!
18. (a) Tanga akarorero kerekana ingaruka nziza z’igihe kirekire ziva ku ‘kumenyesha abandi yuko Uhoraho atunganye’. (b) Wewe ubwawe wiboneye gute ko Yehova atunganye?
18 Tuvuge iki none ku bijanye n’ibihe wiboneye ukuntu Yehova yakwitayeho kandi akakuyobora abigiranye urukundo mu buzima bwawe (Zaburi 37:25; Matayo 6:33; 1 Petero 5:7)? Hari umuvukanyikazi ageze mu zabukuru yitwa Martha yahora aremesha abandi mu kuvuga ati: “Naho hoshika iki, ntuze wigere uheba Yehova. Azokubungabunga”. Iyo mpanuro yaragize ico ikora gikomeye kuri Tolmina, umwe mu biganye Bibiliya na Martha, akaba yabatijwe mu ntango z’imyaka ya 1960. Tolmina yibuka ibi: “Igihe umunega wanje yapfa, numvise ncitse intege cane, mugabo ayo majambo yaratumye ngira umwiyemezo wo kutigera nsiba ikoraniro na rimwe. Kandi koko Yehova yarankomeje ndabandanya”. Mu myaka n’iyindi, Tolmina yarahaye iyo mpanuro nyene benshi mu bo bigana Bibiliya. Emwe, biciye ku ndemesho utanga be no mu kuyagira abandi ibikorwa bitunganye vya Yehova, urashobora gukora vyinshi kugira wubake ukwizera kw’abakirisu bagenzawe.
Yehova araha agaciro abageze mu zabukuru b’abizerwa
19, 20. (a) Yehova abona gute ibikorwa birangurwa n’abasavyi biwe bageze mu zabukuru? (b) Ni ibiki birimburwa mu kiganiro gikurikira?
19 Isi ya kino gihe irangwa n’ukubura ugukenguruka, yitaho buhoro abageze mu zabukuru (2 Timoteyo 3:1, 2). N’iyo bibutswe, akenshi biba vyavuye ku vyo bashitseko muri kahise, ni ukuvuga ico bari kera, si ico bari ubu. Bibiliya yoyo ivuga iti: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze” (Abaheburayo 6:10). Ni ivy’ukuri yuko Yehova Imana yibuka ibikorwa biranga ubwizerwe wakoze muri kahise. Ariko kandi, araguha agaciro kubera ivyo ubandanya gukora mu murimo wiwe. Vyemere, abona abageze mu zabukuru b’abizerwa ko ari abakirisu bama, bafise amagara meza be n’inkomezi vyo mu vy’impwemu, emwe ko ari igihinyuza kizima c’ububasha bwiwe.—Ab’i Filipi 4:13.
20 Woba ubona abo mu kivukano cacu ca gikirisu bageze mu zabukuru nk’uko Yehova ababona? Niba ari ukwo ubabona, uzokwumva uvyuriwe umutima wo kwerekana urukundo ubafitiye (1 Yohana 3:18). Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino uburyo ngirakamaro bumwebumwe bwo kwerekana urwo rukundo mu kwitaho ivyo bakeneye.
[Akajambo k’epfo]
a Umusoko w’ikigazi umwumwe wose ushobora kuba uriko ingazi zishika ku gihumbi, kandi ushobora gupima ibiro umunani canke birenga. Umwanditsi umwe agereranya yuko “[ikigazi] kimwekimwe cose cama, gishobora kuronsa nyeneco amatoni abiri canke atatu y’ingazi mu myaka yaco yose y’ukubaho”.
Wokwishura gute?
• Ni mu buhe buryo abageze mu zabukuru ‘bama imbuto’?
• Ni kubera iki inkomezi zo mu vy’impwemu z’abakirisu bageze mu zabukuru ari ubutunzi bw’agaciro?
• Abageze mu zabukuru bashobora gute ‘kumenyekanisha ko Uhoraho atunganye’?
• Ni kubera iki Yehova aha agaciro abasavyi biwe bamaze igihe kirekire bamusukurira?
[Uruzitiro ku rup. 13]
Ukuntu bagumye bakomeye mu kwizera
Ni igiki cafashije abakirisu bamaze igihe kirekire kuguma bakomeye mu kwizera no kugumana inkomezi zabo zo mu vy’impwemu? Ngibi ivyo bamwebamwe bavuze:
“Gusoma ivyanditswe bishimika ku bucuti dufitaniye na Yehova birahambaye rwose. Kenshi na kenshi mw’ijoro, ndasubiramwo Zaburi ya 23 n’iya 91”.—Olive, akaba yabatijwe mu 1930.
“Nariyemeje kuba ari ho ndi igihe cose hashikirizwa insiguro y’ibatisimu hanyuma nkumviriza nitonze, nk’aho nyene yoba ari je nza kubatizwa. Kuguma mfise ku muzirikanyi ukwiyegura kwanje ni ikintu cabaye intambwe ihambaye kugira ngume ndi umwizerwa”.—Harry, akaba yabatijwe mu 1946.
“Gusenga ku musi ku musi ni ngirakamaro. Ni ukuvuga kwama dusaba Yehova ko adufasha, adukingira akongera akaduhezagira, ‘tukamumenya mu ngendo zacu zose’” (Imigani 3:5, 6)—Antônio, akaba yabatijwe mu 1951.
“Kwumviriza ivyabonywe vyiganwa n’abamaze imyaka myinshi basukurira Yehova bituma umwiyemezo wanje wo kuguma ndi intahemuka n’umwizerwa kuri we usubira kuba mushasha”.—Joan, akaba yabatijwe mu 1954.
“Birahambaye yuko tutibona ko turi agahambaye. Ivyo dufise vyose tubikesha ubuntu Imana itugirira tutabibereye. Kubona ibintu muri ubwo buryo bituma tuguma turonderera ahantu habereye imfungurwa zo mu vy’impwemu dukeneye kugira ngo twihangane gushika kw’iherezo”.—Arlene, akaba yabatijwe mu 1954.
[Ifoto ku rup. 11]
Abageze mu zabukuru barama ivyamwa vy’Ubwami vy’agaciro
[Ifoto ku rup. 14]
Inkomezi zo mu vy’impwemu z’abageze mu zabukuru ni ubutunzi bw’agaciro