ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/8 rup. 22-26
  • Turaruha mugabo ntitudendebukirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Turaruha mugabo ntitudendebukirwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubukirisu ntibucinyiza
  • “Twiyambure ibituremēra vyose”
  • Birahambaye ko tuba abagira ibitegereka kandi bifata ruto
  • Yehova Imana araduha inguvu
  • Ntuteshwe ngo ute
  • Turaronka ububasha bwo gutsinda ibigeragezo n’ugucika intege
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ingene worwanya ugucika intege
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Yehova Araha Inkomezi Uwurushe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ni kubera iki twokwitaba amakoraniro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/8 rup. 22-26

Turaruha mugabo ntitudendebukirwa

“Uhoraho. . . , Umuremyi w’impera z’isi; . . . aha inkomezi abadendebukiwe, kand’ūtagira intege amwongeramw’inkomezi”.—Yesaya 40:28, 29.

1, 2. (a) Ni ubutumire bukwegera ubuhe abagomba gukurikirana ugusenga gutyoroye bahabwa? (b) Ni igiki gishobora kudutera akaga mu vy’impwemu?

KUBERA ko turi abigishwa ba Yezu, turamenyereye cane ubutumire bukwegera yatanze bugira buti: “Ni muze kuri jewe mwese abananiwe n’abaremerewe, ndabaruhura. . . . Kukw [“ingogo”, NW] yanje itababaza, n’umutwaro wanje uhwahutse” (Matayo 11:28-30). Abakirisu basezeranirwa kandi “ibihe vyo guhēmbūka . . . bivuye mu nyonga z’Umwami Imana” (Ivyakozwe 3:19). Nta gukeka ko wiboneye ubwawe ingene biruhura kumenya ukuri kwa Bibiliya, kuba umuntu afise icizigiro gikayangana cerekeye kazoza, be n’ugushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Yehova mu buzima bwawe.

2 Yamara, bamwebamwe mu bambaji ba Yehova birashika bakumva umuruho mwinshi wo mu mutima. Rimwe na rimwe, ivyo bihe vy’ugucika intege usanga bimara akanya gatoyi. Mu bindi bihe na ho, uwo muruho ushobora kumara ibiringo birebire. Uko haca igihe, bamwebamwe boshobora kwumva umengo amabanga ya gikirisu bajejwe yacitse umuzigo uremereye aho kuba umutwaro uruhura nk’uko Yezu yabisezeranye. Mwene izo nyiyumvo zica intege zoshobora gutera akaga gakomeye ku bucuti umukirisu afitaniye na Yehova.

3. Ni kubera iki Yezu yatanze impanuro dusanga muri Yohana 14:1?

3 Gatoyi imbere y’uko Yezu afatwa hanyuma akicwa, yabwiye abigishwa biwe ati: “Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere” (Yohana 14:1). Yezu yavuze ayo majambo mu gihe intumwa zari zimirije guhangana n’ibintu vy’agacamutima. Ivyo vyokurikiwe n’iyaduka ry’uruhamo. Yezu yari azi yuko intumwa ziwe zotsitaye bivuye ku gucika intege rwose (Yohana 16:1). Baramutse badacungereye inyiyumvo z’umubabaro, izo nyiyumvo zoshoboye kubaca inkokora mu buryo bw’impwemu, maze zigatuma bareka kwizigira Yehova. Ivyo ni ko biri no ku bakirisu muri iki gihe. Ugucika intege kw’igihe kirekire kurashobora guteza amaganya menshi maze imitima yacu igahava iremerwa (Yeremiya 8:18). Umuntu wacu w’imbere yoshobora kugoyagoya. Igihe twoba turi muri uwo mukazo, twoshobora kumugara mu vy’akanyengetera no mu vy’impwemu, mbere tukanatakaza icipfuzo cacu co gusenga Yehova.

4. Ni igiki gishobora kudufasha kurinda imitima yacu y’ikigereranyo ngo ntiruhe?

4 Iyi mpanuro ya Bibiliya irabereye koko, na yo ikaba igira iti: “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose, kukw ari ho ubu[zima] bududubiriza” (Imigani 4:23). Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro zidufasha gukingira umutima wacu w’ikigereranyo ngo ntucike intege canke ngo uruhe mu buryo bw’impwemu. Ariko rero, turakeneye kubanza kumenya ibintu bituma turuha.

Ubukirisu ntibucinyiza

5. Ni ukwivuguruza ukuhe womenga kurahari ku biraba ivy’ukuba umwigishwa mukirisu?

5 Ni ivy’ukuri yuko kuba umukirisu bisaba ukwihata gukomeye (Luka 13:24). Yezu mbere yavuze ati: “Ūtikorera [“igiti ciwe c’ukubabarizwako”, NW] ngw ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje” (Luka 14:27). Ayo majambo umuntu ayarabiye inyuma atayinjiye mu mizi, yosa n’ayavuguruza ivyo Yezu yavuze yuko umutwaro wiwe uhwahutse be n’uko uruhura. Ariko mu vy’ukuri ayo majambo ntabivuguruza.

6, 7. Ni kubera iki vyovugwa yuko uburyo bwacu bw’ugusenga butaruhisha?

6 Ukwihata gukomeye be n’ugukora cane naho biruhisha umubiri, birashobora kuba ibimara akanyota bikaba n’ibiruhura igihe bikoranywe intumbero nziza (Umusiguzi 3:13, 22). None hari intumbero nziza yoza iruta kubwira abantu nkatwe ukuri kwiza igitangaza kwo muri Bibiliya? N’ikindi kandi, urugamba turwana kugira tubeho duhuza n’ingingo mfatirwako z’Imana ziri hejuru, ruca rucika rutoyi cane iyo urugereranije n’ivyiza duheza tukaronka (Imigani 2:10-20). Mbere n’iyo duhamwe, tubona ko kubabazwa duhorwa Ubwami bw’Imana ari agateka.—1 Petero 4:14.

7 Umutwaro wa Yezu uraruhura koko, canecane iyo uwugereranije n’umwiza wo mu vy’impwemu abaguma munsi y’ingogo y’idini ry’ikinyoma barimwo. Imana iradukunda n’ikibabarwe, kandi ntidusaba ivyo tudashobora. “Ivyagezwe [vya Yehova] ntibigora”, canke si umuzigo (1 Yohana 5:3). Ubukirisu nyakuri, nk’uko bwerekanwa mu Vyanditswe, ntibucinyiza. Biratomoye yuko ugusenga kwacu kutaruhisha kandi kudaca intege.

“Twiyambure ibituremēra vyose”

8. Ni igiki akenshi gitera umuruho wo mu buryo bw’impwemu?

8 Umuruho uwo ari wo wose dufise akenshi uva ku muzigo wiyongereye dushirwako n’iyi si yononekaye. Kubera yuko “isi yose iri muri wa Mubi”, dukikujwe n’inguvu zidukwegakwegera mu bibi, zishobora kutunaniza kandi zigatuma uburimbane bwacu bwa gikirisu buyama (1 Yohana 5:19). Ibintu bidahambaye mu buzima birashobora gutuma akamenyero dufise k’ugukora imirimo ya gikirisu kagora kandi bikagahungabanya. Iyo mizigo yiyongereye yoshobora kuturemera mbere ikanaducinya. Mu buryo bubereye, Bibiliya idukebura “[k]wiyambur[a] ibituremēra vyose”.—Abaheburayo 12:1-3.

9. Gukurikirana ibintu vy’amaronko bishobora gute kuturemera?

9 Nk’akarorero, ivyo isi yitwararika cane, ni ukuvuga ukuba rurangiranwa, amahera, ivy’ukwinezereza, ugufata ingendo ku bwo kwiryohera be n’ugukurikirana ibindi bintu vy’amaronko, birashobora kwosha ivyiyumviro vyacu (1 Yohana 2:15-17). Abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bakurikiye amatungo, baratumye ubuzima bwabo bugora cane. Intumwa Paulo asigura ati: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mutego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura. Kuko gukunda amahera ar’imizi y’ibibi vyose; ayo bamwe bifuje, bakazimira, bagata ukwizera, bītobekeranisha imibabaro myinshi”.—1 Timoteyo 6:9, 10.

10. Ni igiki dushobora kwiga ku vyerekeye amatungo dufatiye kuri ca kigereranirizo Yezu yatanga c’umubivyi?

10 Igihe twumva turushe kandi twacitse intege mu murimo turangurira Imana, vyoba bishobora kuba vyatumwe n’uko gukurikirana ibintu vy’umubiri biriko binyoha kamere yacu y’ivy’impwemu? Ivyo birashoboka koko, nk’uko vyerekanwa na ca kigereranirizo Yezu yatanga c’umubivyi. “Umwitwaririko w’ivy’isi n’uruhendo rw’ubutunzi no kwifuza ibindi”, Yezu yawugereranije n’amahwa ‘yinjira akanyoha’ imbuto y’ijambo ry’Imana iri mu mitima yacu (Mariko 4:18, 19). Ku bw’ivyo, Bibiliya iduhanura iti: “Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta”.—Abaheburayo 13:5.

11. Twoshobora gute gukuraho ibintu bishobora kuturemera?

11 Rimwe na rimwe, igituma ubuzima bwacu bugora si ukurondera ibintu vyinshi, ahubwo ni ico dukoresha ivyo dusanganywe. Bamwebamwe barashobora kuruha mu mutima biturutse ku ngorane zitoroshe z’amagara, ku kubura uwabo, canke ku zindi ngorane zitesha umutwe. Barabonye ko bakeneye kuza baragira ivyo bahinduye rimwe na rimwe. Hari umugabo n’umugore bubakanye bafashe ingingo yo gukuraho tumwetumwe mu dukorwa twabo tw’ukwisamaza be n’imigambi imwimwe idakenewe mu yo bari bafise. Barasuzumye koko ibintu vyabo bitonze hanyuma bakonganiriza hamwe ibintu vyose bijanye n’iyo migambi idakenewe maze babishira aho badasubira kubibona”. Uko haciye igihe, twese turashobora kuza turungukira ku gusuzuma urutonde rw’ivyo tumenyereye gukora canke rw’ivyo dutunze, tugakuraho imitwaro yose idakenewe kugira ngo ntituruhe hanyuma ngo tudendebukirwe.

Birahambaye ko tuba abagira ibitegereka kandi bifata ruto

12. Ni igiki dukwiye kwemera icese ku vyerekeye amakosa yacu bwite?

12 Amakosa dukora, naho hoba ari mu tuntu dutoduto, arashobora buhorobuhoro gutuma ubuzima bwacu bugora. Ese ukuntu aya majambo ya Dawidi ari ay’ukuri: “Ivyo nagabitanije bi[ra]ndengeye, bimeze nk’umutwaro uremereye umvuna” (Zaburi 38:4). Akenshi kugira ivyo duhinduye biboneka bizodukurako imizigo iremereye.

13. Ukuba abagira ibitegereka bishobora gute kudufasha kubona ubusuku bwacu mu buryo buri ku burimbane?

13 Bibiliya ituremesha gutsimbataza “ubukerebutsi ngirakimazi be n’ubushobozi bwo kwiyumvira” (Imigani 3:21, 22, NW). Bibiliya ivuga iti: “Ubgenge buva mw ijuru . . . burengenga [canke, “bukora ibitegereka”, NW]” (Yakobo 3:17). Bamwebamwe bumvise bari mu mukazo wo gukora nk’uko abandi bakora mu busuku bwa gikirisu. Ariko rero, Bibiliya iduhanura iti: “Umuntu wese asuzume igikorwa ciwe, ni ho azobona ico yirata ku mutumba wiwe bgite, atari kubga mugenzi we. Kuk’umuntu wese azokwiyikorerera uwiwe mutwaro” (Ab’i Galatiya 6:4, 5). Ni ivy’ukuri yuko akarorero keza k’abakirisu bagenzi bacu gashobora kuturemesha gukorera Yehova n’umutima wacu wose, mugabo ubukerebutsi ngirakimazi be n’ukuba abagira ibitegereka bizodufasha kwishingira amahangiro dushobora gushikako, ahuje n’uko ivyacu vyifashe.

14, 15. Dushobora gute kugaragaza ubukerebutsi ngirakimazi mu vy’ukwironsa ivyo dukeneye mu vy’umubiri no mu vy’akanyengetera?

14 Kuba abagira ibitegereka no mu mice yoba isa n’iyidahambaye birashobora kudufasha kwirinda inyiyumvo z’umuruho. Nk’akarorero, twoba dutsimbataza utumenyero tutarengeje urugero dutuma umuntu agira amagara meza y’umubiri? Rimbura akarorero k’umugabo n’umugore bubakanye, bakorera kuri bimwe mu biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova. Barabonye agaciro ubukerebutsi ngirakimazi bufise mu vy’ukurwanya umuruho. Umugore avuga ati: “Naho tuba dufise ibikorwa vyinshi gute, turagerageza kuja kuryama nko kuri nya saha nyene buri joro rimwerimwe ryose. Turagira imyimenyerezo y’ukwinonora ubudahorereza. Ivyo vyaradufashije koko. Twaramenye aho ubushobozi bwacu bugarukira, kandi tugakora twisunze nya bushobozi dufise. Turagerageza kutigereranya na barya baboneka ko umenga bafise inguvu zidahera”. Twoba twama dufungura imfungurwa zimeze neza kandi tukaruhuka bihagije? Kwitaho amagara yacu muri rusangi mu buryo butegereka, birashobora kugabanya ukwumva umuruho wo mu mutima n’uwo mu buryo bw’impwemu.

15 Bamwebamwe muri twebwe bari n’inkenero bisangije. Nk’akarorero, umuvukanyikazi mukirisu umwe yarakoreye ubusuku bw’igihe cose mu bikebere bitari bike bigoye. Yaragize ingorane zikomeye z’amagara, harimwo n’ukurwara kanseri. Ni igiki kimufasha kwihanganira ibintu bitesha umutwe? Avuga ati: “Mbona yuko bihambaye kuri jewe kuza ndarondera umwanya aho nshobora kuba ndi jenyene kandi ntekaniwe neza. Uko numva umukazo be n’umuruho vyiyongereye, ni ko nca nkenera kuba ndi ahantu hatekanye ndi jenyene, aho nshobora gusoma no kuruhuka”. Ubukerebutsi ngirakimazi be n’ubushobozi bwo kwiyumvira biradufasha kubona ivyo ubwacu dukeneye no kuvyironsa, gutyo tukaba twirinze ukuruha kwo mu buryo bw’impwemu.

Yehova Imana araduha inguvu

16, 17. (a) Ni kubera iki kubungabunga amagara yacu yo mu vy’impwemu bihambaye rwose? (b) Mu bikorwa vyacu vya misi yose, ni igiki dukwiye gushiramwo?

16 Birumvikana ko kubungabunga amagara yacu yo mu vy’impwemu bihambaye rwose. Igihe dufitaniye ubucuti bwa somambike na Yehova Imana, vyoshika tukaruha ku mubiri, mugabo ntituzokwigera turambirwa mu vy’ukumusenga. Yehova ni we “aha inkomezi abadendebukiwe, kand’ūtagira intege a[ka]mwongeremw’inkomezi” (Yesaya 40:28, 29). Intumwa Paulo, uwiboneye ingene ayo majambo ari ay’ukuri, yanditse ati: “N[titw]ihebura; ariko, nah’umuntu wacu wo ku rukoba arikw arabora, umuntu wacu w’imbere yama ahinduka musha uko bukeye”.—2 Ab’i Korinto 4:16.

17 Raba iyo mvugo ngo “uko bukeye”. Ivyo bishaka kuvuga ko dukwiye kwungukira ku musi ku musi ku vyo Yehova aturonsa. Hari umumisiyonari amaze imyaka irenga 43 asukura ari umwizerwa yagiye araruha rimwe na rimwe ku mubiri akongera agacika intege. Ariko ntiyarambiwe. Avuga ati: “Naragize akamenyero ko kuvyuka hakiri kare kugira ngo, imbere y’uko ntangura igikorwa ico ari co cose, nshobore gufata umwanya wo gusenga Yehova no gusoma Ijambo ryiwe. Ico kintu nama ngira ku musi ku musi caramfashije kwihangana gushika ubu”. Turashobora kwiheka ku bubasha bwa Yehova butuzigama mu gihe tumusenga tukongera tukazirikana kuri kamere ziwe ziri hejuru be n’imihango yiwe tudahorereza, emwe tukabigira “uko bukeye”.

18. Ni impumurizo iyihe Bibiliya iha abizerwa bitereye mu myaka canke bafise amagara mabi?

18 Ivyo ni ngirakamaro canecane ku bumva bacitse intege bitewe n’uko bitereye mu myaka canke bafise amagara mabi. Mwene abo bantu boshobora kudendebukirwa, atari kubera ko bigereranije n’abandi, ariko kubera bigereranya n’uko bahora bameze. Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko Yehova atera iteka abageze mu zabukuru! Bibiliya ivuga iti: “Imvi ku mutwe [ni] igitsibo c’icubahiro, kiboneka mu nzira y’ubugororotsi” (Imigani 16:31). Yehova arazi aho ubushobozi bwacu bugarukira kandi araha agaciro cane ugusenga tugirana umutima wacu wose, naho hari ivyo tunanirwa gukora kubera intege nke. Vyongeye, ibikorwa vyiza tumaze gukora biguma vyanditswe ubudahanagurika mu bwenge bw’Imana. Ivyanditswe bidusubiriza umutima mu nda biti: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze” (Abaheburayo 6:10). Ese ukuntu duhimbarwa kubona muri twebwe harimwo abamaze imyaka mirongo ari intahemuka kuri Yehova!

Ntuteshwe ngo ute

19. Twungukira gute ku kuguma dukora ivyiza?

19 Hari abatari bake bemera yuko ibikorwa vy’inguvu bikorwa ubudahorereza bishobora kugabanya ukuruha. Mu buryo nk’ubwo nyene, ibikorwa vyo mu vy’impwemu bidahorereza birashobora gufasha kuremurura umuruho uwo ari wo wose wo mu vy’akanyengetera no mu vy’impwemu. Bibiliya ivuga iti: “Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa. Nuko rero, iyo turonse uburyo, tugirire bose neza, cane-cane ab’inzu y’abizera” (Ab’i Galatiya 6:9, 10). Raba izi mvugo zakoreshejwe ngo “[g]ukora ivyiza” no ‘kugira neza’. Izo mvugo zerekana ko tubwirizwa kugira ico dukoze. Gukorera ivyiza abandi birashobora vy’ukuri kuturinda ukudendebukirwa mu murimo turangurira Yehova.

20. Kugira turwanye ugucika intege, dukwiye kwirinda kwifatanya na ba nde?

20 Igihushanye n’ivyo, kwifatanya n’abantu basuzugura amabwirizwa y’Imana no gukorana ibikorwa na bo birashobora kuba umuzigo uruhisha. Bibiliya ituburira iti: “Ibuye rirarivye, umusenyi uraremereye, arik’umwikomo w’igipfu urusha vyompi uburemerezi” (Imigani 27:3). Kugira turwanye inyiyumvo z’ugucika intege be n’ukuruha, vyoba vyiza twirinze kwifatanya n’abafise ivyiyumviro bigoramye kandi bahengamira ku gutora amahinyu abandi canke kubanebagura.

21. Dushobora gute kuba abaremesha abandi ku makoraniro ya gikirisu?

21 Amakoraniro ya gikirisu ni intunganyo Yehova yashizeho ishobora kudushiramwo inguvu zo mu vy’impwemu. Muri ayo makoraniro, turaronka akaryo keza ntangere ko kuremeshanya biciye mu nyigisho ziruhura no mu kwifatanya n’abandi kuruhura (Abaheburayo 10:25). Bose mw’ishengero bakwiye kwihatira kuba abubaka abandi igihe batanga insasanuro ku makoraniro canke igihe baba bariko barashikiriza ibiganiro ku mukiruruko. Abaja imbere abandi mu kwigisha ni bo canecane bategerezwa kuba abaremesha abandi (Yesaya 32:1, 2). N’igihe biba bikenewe gukebura canke gukangira, ijwi bakoresha mu gutanga impanuro rikwiye kuba iriruhura (Ab’i Galatiya 6:1, 2). Urukundo dukunda abandi ruzodufasha koko gukorera Yehova ata kurambirwa.—Zaburi 133:1; Yohana 13:35.

22. Naho dusanzwe turi abantu b’abanyagasembwa, ni kubera iki twogira umutima rugabo?

22 Gusenga Yehova muri iki gihe c’iherezo bisaba gukora, abakirisu na bo bakaba batabura gushikirwa n’ingaruka z’uburuhe bwo mu bwenge, z’umubabaro wo mu mutima, be n’iziterwa n’ibintu bitesha umutwe. Twebwe abantu b’abanyagasembwa dusanzwe tworoshe nk’ibumba. Yamara, Bibiliya ivuga iti: “Dufise ubgo butunzi mu nzavya z’ibumba, ng’ubushobozi buhebuje bube ubg’Imana, butavuye kuri twebge” (2 Ab’i Korinto 4:7). Egome, tuzoruha, mugabo nimuze ntitukigere tudendebukirwa canke ngo duteshwe dute. Ahubwo riho, nimuze “tuvuge dushize ubwoba, duti: ‘Yehova ni umutabazi wanje’”.—Abaheburayo 13:6.

Isubiramwo rigufi

• Ni imizigo imwimwe iremera iyihe twoshobora kwikurako?

• Dushobora gute kugira uruhara mu ‘kugirira neza’ abakirisu bagenzi bacu?

• Yehova atuzigama gute igihe twumva turushe canke twacitse intege?

[Ifoto ku rup. 23]

Yezu yari azi ko ugucika intege kw’igihe kirekire kwobujije amahoro intumwa

[Ifoto ku rup. 24]

Bamwebamwe barahevye udukorwa tw’ukwiruhura tumwetumwe be n’imigambi imwimwe idakenewe

[Ifoto ku rup. 26]

Naho hari ivyo tudashobora, Yehova araha agaciro cane ukumusenga tugirana umutima wacu wose

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika