ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/1 rup. 25-30
  • “Ukuzuka kwa mbere”, ubu kuriko kuraba!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ukuzuka kwa mbere”, ubu kuriko kuraba!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Bafise umubiri bwoko ki?’
  • Kwoba kuriko kuraba?
  • “Umuntu wese muri bo ahabga imvune yera”
  • Ico kuvuze kuri twebwe
  • Icizigiro c’Izuka Kirafise Ububasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ni Bande Bazurwa — kandi Bazukira Kuba he?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • ‘Urupfu Ruzorandurwa’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1998
  • Izuka ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/1 rup. 25-30

“Ukuzuka kwa mbere”, ubu kuriko kuraba!

“Abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka”.​—1 AB’I TESALONIKE 4:16.

1, 2. (a) Ni icizigiro ikihe kihari ku vyerekeye abapfuye? (b) Ni igiki gituma wemera izuka? (Raba akajambo k’epfo.)

“ABARIHO baba bazi ko bazopfa”. Ivyo ni ko vyamye biri kuva aho Adamu acumuriye. Kuva kera na rindi, abagiye baravuka bose bamye bazi yuko amaherezo bazopfa, kandi benshi baribaza bati: ‘Umuntu bimugendera gute iyo apfuye? Abapfuye bamerewe gute?’. Bibiliya yishura iti: “Abapfuye nta co baba bakizi”.​—Umusiguzi 9:5.

2 None, hoba hariho icizigiro ku vyerekeye abapfuye? Ego cane! Kukaba nkako, kugira ngo umugambi Imana yari ifitiye umuryango w’abantu mu ntango ushobore kuranguka, habwirizwa kubaho icizigiro. Mu binjana n’ibindi, abasavyi b’Imana b’intahemuka wasanga bizera umuhango Yehova yatanze werekeye Urubuto rwokuyeho Shetani be n’amabi yateje (Itanguriro 3:15). Benshi muri bo barapfuye. Kugira ngo baze babone iranguka ry’uwo muhango be n’iry’iyindi mihango Yehova yatanze, ni ngombwa ko bazurwa (Abaheburayo 11:13). Ikintu nk’ico coba gishoboka? Cane nyene! Intumwa Paulo yavuze ati: “Hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya” (Ivyakozwe n’intumwa 24:15). Paulo yarigeze kuzura umusore umwe yitwa Eyutuko yari yakorotse avuye kw’idirisha ryo kw’igorofa ya gatatu maze “bamuyora [y]ahwereye”. Iyo ni yo nkuru ya nyuma mu nkuru icenda zerekeye abantu bazuwe ziganwa muri Bibiliya.​—Ivyakozwe n’intumwa 20:7-12a.

3. Amajambo dusanga muri Yohana 5:28, 29 yaguhumurije gute wewe ubwawe, kandi kubera iki?

3 Izo nkuru icenda zigana ivyerekeye abantu bazuwe, ziratuma tugira imvo yumvikana yo kwemera ayo majambo Paulo yavuze. Ziratuma turushiriza kwizigira yuko aya majambo akura amazinda Yezu yavuze azoranguka, na yo akaba agira ati: “Igihe ki[giye] kuza, ah’abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe [ni ukuvuga irya Yezu], bakazivamwo” (Yohana 5:28, 29, ni twe dushimitse.). Ese ukuntu ayo majambo yeza umutima! Vyongeye, ntiworaba ukuntu ayo majambo ahumuriza abantu amamiliyoni, ababo basinziriye itiro ry’urupfu!

4, 5. Ni amazuka atandukanye ayahe avugwa muri Bibiliya, kandi ni izuka irihe duca irya n’ino muri iki kiganiro?

4 Benshi mu bazozurwa, bazozukira kw’isi izoba isigaye irangwamwo amahoro izoba itwarwa n’Ubwami bw’Imana (Zaburi 37:10, 11, 29; Yesaya 11:6-9; 35:5, 6; 65:21-23). Ariko rero, imbere y’uko ivyo biba, hariho ayandi mazuka yabwirizwa kuba. Ubwa mbere, Yezu Kristu yabwirizwa kuzurwa kugira ngo aje gushikiriza Imana agaciro k’inkuka yiwe ku bwacu. Yezu yapfuye yongera azurwa mu 33 G.C.

5 Ubugira kabiri, abasizwe bagize “Isirayeli y’Imana” bategerezwa gusanga Umukama Yezu Kristu mu buninahazwa bwo mw’ijuru, aho ‘bazokwamana’ na we (Ab’i Galatiya 6:16, NW; 1 Ab’i Tesalonike 4:17). Ico kintu kiba citwa “izuka rya kare” canke “ukuzuka kwa mbere” (Ab’i Filipi 3:10, 11, NW; Ivyahishuriwe 20:6). Iryo zuka rirangiye, hazoba hageze ko abantu amamiliyoni bazukira ng’aha kw’isi, bafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’Iparadizo. Rero, twaba dufise icizigiro co kuzoba mw’ijuru canke kw’isi, turitwararika cane ivyerekeye “ukuzuka kwa mbere”. Mbega ni ukuzuka bwoko ki? Kuba ryari?

‘Bafise umubiri bwoko ki?’

6, 7. (a) Ni igiki gitegerezwa kubanza kuba imbere y’uko abakirisu basizwe bashobora kuja mw’ijuru? (b) Ni umubiri bwoko ki bazuka bafise?

6 Mw’ikete rya mbere Paulo yandikiye Abanyakorinto, arabaza ikibazo kijanye n’ukuzuka kwa mbere, ati: “Abapfuye bazurwa bate, kandi baza bafise umubiri [bwoko] ki?”. Aca yishura ati: “Ic’ubiba ntikimera kitabanje gupfa. . . . Arikw Imana ig[i]ha umutumba, nk’uko yagomvye . . . Ubgiza bg’i[mitumba yo] kw ijuru bur’ukwabgo; n’ubg’i[mitumba yo] kw isi bur’ukwabgo”.​—1 Ab’i Korinto 15:35-40.

7 Ayo majambo Paulo yavuze yerekana yuko abakirisu basizwe impwemu yera bategerezwa gupfa imbere y’uko bahabwa impera yabo yo kuba mw’ijuru. Iyo bapfuye, umubiri wabo wo kw’isi uca usubira mu mukungugu (Itanguriro 3:19). Mu gihe cashinzwe n’Imana, barazurwa bafise umubiri ushobora kuba mw’ijuru (1 Yohana 3:2). Imana iratuma kandi bagira ukudapfa. Ico si ikintu bavukana, nk’aho boba barashizwemwo icitwa ngo ni ubugingo budapfa canke umutima w’ubwenge udapfa. Paulo avuga ati: “Uyu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa”. Ukudapfa ni ingabire itangwa n’Imana, kukaba ‘kwambarwa’ n’abazurwa mu kuzuka kwa mbere.​—1 Ab’i Korinto 15:50, 53; Itanguriro 2:7; 2 Ab’i Korinto 5:1, 2, 8.

8. Ni igiki kitwemeza yuko Imana itarobanura bamwe 144.000 mu madini atandukanye?

8 Bamwe 144.000 ni bo bonyene bazurwa mu kuzuka kwa mbere. Yehova yatanguye kubarobanura kuri Pentekote yo mu 33 G.C., haciye igihe gitoyi azuye Yezu. Bose bafise “izina [rya Yezu] n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo” (Ivyahishuriwe 14:1, 3). Bica rero vyumvikana yuko batarobanurwa mu madini menshi atandukanye. Bose ni abayoboke ba Kristu, kandi bose babona ko ari ikintu c’agaciro kuba bitirirwa izina rya Se wa Yezu, ari we Yehova. Igihe bazuwe, baraheza bagashingwa igikorwa barangurira mw’ijuru. Icizigiro co gukorera Imana bari kumwe na yo gutyo, emwe, kiratuma bagira akamwemwe ntangere!

Kwoba kuriko kuraba?

9. Mu Vyahishuriwe 12:7 na 17:14 hadufasha gute kugereranya igihe ukuzuka kwa mbere gutangurira?

9 Ukuzuka kwa mbere kuba ryari? Hariho ibimenyamenya bikomeye vyerekana yuko ubu kuriko kuraba. Nk’akarorero, gereranya ibigabane bibiri vyo mu gitabu c’Ivyahishuriwe. Ubwa mbere, raba mu Vyahishuriwe ikigabane ca 12. Muri ico kigabane dusoma yuko Yezu Kristu, uwuherutse kwimikwa, ari kumwe n’abamarayika biwe beranda arwana na Shetani be n’amadayimoni yiwe (Ivyahishuriwe 12:7-9). Nk’uko kino kinyamakuru gikunze kuvyerekana, iyo ntambara yatanguye mu 1914b. Ariko rero, urabona yuko ata n’umwe mu bayoboke basizwe ba Yezu Kristu avugwa yuko ari kumwe na we muri iyo ntambara ibera mw’ijuru. Ubu na ho, ca uraba mu Vyahishuriwe ikigabane ca 17. Muri ico kigabane dusoma yuko “Babuloni Hahambaye” nihamara gusangangurwa, wa Mwagazi w’intama uzoheza ukanesha amahanga. Maze haca hongerako hati: “Kand’abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazo[y]anesha” (Ivyahishuriwe 17:5, 14). Kugira ngo abo “bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse” baze bafatanye na Yezu mu kunesha buhere isi ya Shetani, bazotegerezwa kuba bamaze kuzurwa. Bica vyumvikana rero yuko abasizwe bapfa imbere ya Harumagedoni, bazurwa mu gihe kinaka kiri hagati y’umwaka wa 1914 n’umusi wa Harumagedoni.

10, 11. (a) Ba bakuru 24 ni bande, kandi umwe muri bo ahishurira iki Yohani? (b) Ivyo bituma dushobora gushika ku kihe ciyumviro?

10 Twoba none dushobora kurushiriza kudomako igihe ukuzuka kwa mbere gutangurira? Hariho ikintu gishimishije kibidufashamwo dusanga mu Vyahishuriwe 7:9-15, aho intumwa Yohani yigana ivyo yeretswe vyerekeye “ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra”. Umwe muri ba bakuru 24 ni we ahishurira Yohani abagize iryo shengero ryinshi abo ari bo, abo bakuru bakaba bagereranya bamwe 144.000 baraganwa na Kristu, bari mu buninahazwa bwabo bwo mw’ijuruc (Luka 22:28-30; Ivyahishuriwe 4:4). Yohani ubwiwe yari afise icizigiro co kuzoja mw’ijuru. Ariko, kubera ko Yohani yari akiri kw’isi igihe nya mukuru yavugana na we, muri iryo yerekwa ategerezwa kuba agereranya abasizwe bakiri kw’isi batararonka ya mpera yabo yo kuba mw’ijuru.

11 None, kuba umwe muri abo bakuru 24 ahishurira Yohani abagize ishengero ryinshi abo ari bo, bituma dushobora gushika ku kihe ciyumviro? Biboneka yuko abamaze kuzurwa bo mu bagize uwo mugwi w’abakuru 24, bashobora kuba bagira uruhara mu vyo kumenyekanisha ukuri kuva ku Mana muri iki gihe. Ni kubera iki ivyo bihambaye? Birahambaye kubera yuko mu 1935 ari ho abasavyi b’Imana basizwe bakiri kw’isi bahishurirwa abagize ishengero ryinshi abo ari bo vy’ukuri. Kugira ngo umwe muri abo bakuru 24 ashobore gukoreshwa mu kumenyekanisha ukwo kuri guhambaye, yategerezwa kuba mu 1935 yari amaze kuzurwa akaja mw’ijuru. Ivyo vyoca vyerekana rero yuko ukuzuka kwa mbere kwatanguye mu gihe kinaka hagati y’umwaka wa 1914 n’uwa 1935. Twoba none tworushiriza kandi kudomako?

12. Sigura igituma umuntu yoshobora kwiyumvira ko mu mpeshi yo mu 1918 ari ho ukuzuka kwa mbere kwoba kwaratanguriye.

12 Aha tugeze, vyodufasha twihweje icofatwa ko ari isano ry’ibintu vyabaye rishingiye kuri Bibiliya. Mu gatasi ko mu 29 G.C. Yezu Kristu yarasizwe ngo azobe Umwami w’Ubwami bw’Imana. Haciye imyaka itatu n’igice, ni ukuvuga mu mpeshi yo mu 33 G.C., yarazuwe ari ikiremwa c’impwemu c’ikinyabubasha. Ko none Yezu yimitswe mu gatasi ko mu 1914, twoba twoshobora guca dushika ku ciyumviro c’uko izuka ry’abayoboke biwe b’intahemuka basizwe ryatanguye imyaka itatu n’igice inyuma y’aho, ni ukuvuga mu mpeshi yo mu 1918? Ico ni ikintu gishimishije gishoboka. Naho ico ciyumviro Bibiliya itacemeza mu buryo budomako, kirahuje n’ibindi vyanditswe vyerekana yuko ukuzuka kwa mbere kwatanguye inyuma gato y’aho ukuhaba kwa Kristu gutanguriye.

13. Mu 1 Ab’i Tesalonike 4:15-17 hadufasha gute kubona ko ukuzuka kwa mbere kwatanguye mu ntango z’ukuhaba kwa Kristu?

13 Nk’akarorero, Paulo yanditse ati: “Twebge abazoba bakiriho, dusigaye gushitsa ku [“kuhaba”, NW] kw’Umwami wacu [atari gushitsa kw’iherezo ry’ukuhaba kwiwe], [ntitu]zokwitangira imbere y’abasinziriye na gatoya. Kuk’Umwami wacu ubgiwe azoza, amanutse avuye mw ijuru, aranguruye ijwi rirenga, hamwe n’akāmo k’umumarayika mukuru, n’inzamba y’Imana. Maz’abapfiriye muri Kristo ni bo bazobanza kuzuka; maze natwe abazoba bakiriho, dusigaye, tuzoca duteruranwa na bo mu bicu, dusanganirire Umwami mu kirēre. Ni ho tuzokwama tubana n’Umwami” (1 Ab’i Tesalonike 4:15-17). Ku bw’ivyo, abakirisu basizwe bapfuye imbere y’uko ukuhaba kwa Kristu gutangura ni bo bazuriwe kuba mw’ijuru imbere y’abari bakiri bazima mu gihe c’ukuhaba kwa Kristu. Ivyo bisobanura rero yuko ukuzuka kwa mbere gutegerezwa kuba kwatanguye mu ntango z’ukuhaba kwa Kristu, kukaba kandi kubandanya “mu gihe c’ukuhaba kwiwe” (1 Ab’i Korinto 15:23, NW). Ukuzuka kwa mbere, si ikintu kibera rimwe gusa abantu bakazurirwa icarimwe, ahubwo riho ni ikintu kimara ikiringo kinaka.

“Umuntu wese muri bo ahabga imvune yera”

14. (a) Ivyo Yohani yeretswe dusanga mu Vyahishuriwe ikigabane ca 6 biranguka ryari? (b) Ni ibiki bidondorwa mu Vyahishuriwe 6:9?

14 Rimbura n’ikimenyamenya dusanga mu Vyahishuriwe ikigabane ca 6. Muri ico kigabane, Yezu arabonwa ariko agendera kw’ifarasi ari Umwami agenda anesha (Ivyahishuriwe 6:2). Amahanga araja mu ntambara zikwiragiye cane hirya no hino kw’isi (Ivyahishuriwe 6:4). Haraba inzara izura inzara ikwiragiye hose (Ivyahishuriwe 6:5, 6). Ibiza ruhonyanganda biriha inkumbi (Ivyahishuriwe 6:8). Ivyo bintu vyose vyari vyaravuzwe ko vyobaye, birahuje neza na neza n’ukuntu ivyo kw’isi vyifashe kuva mu 1914. Ariko rero, hariho ikindi kintu kiba. Ubu na ho duca twerekezwa ku gicaniro c’ibimazi. Munsi yaco hari “[“ubugingo”, NW] [bw’]abishwe babahōra ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise” (Ivyahishuriwe 6:9). Kubera yuko “ubugingo [canke, ubuzima] bg’umubiri buba mu maraso”, mu vy’ukuri ubwo bugingo buvugwa ko buri munsi y’ico gicaniro bugereranya amaraso y’abasukurira Yezu b’intahemuka, bishwe kubera ko bashinga intahe bashize amanga kandi n’umwete.​—Abalewi 17:11.

15, 16. Sigura igituma amajambo dusanga mu Vyahishuriwe 6:10, 11 yerekeza ku kuzuka kwa mbere.

15 Nka kumwe kw’amaraso ya wa mugororotsi Abeli, amaraso y’abo bakirisu bapfuye rumaratiri ariko asemerera asaba ko ubutungane bwoshitswa (Itanguriro 4:10). “Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?”. Ni igiki gica kiba? “Umuntu wese muri bo ahabga imvune yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gushitsa ah’igitigiri c’abagurano bagenzi babo na bene Se, bagira bicwe nka bo, kizoshikira”.​—Ivyahishuriwe 6:10, 11.

16 Izo mvune zera zoba zahawe ibitenga vy’amaraso biri munsi y’igicaniro? Oya nawe nu! Izo mvune zahawe abantu amaraso yabo yasheshwe ku gicaniro, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. Baremeye guheba ubuzima bwabo ku bw’izina rya Yezu, ico gihe bakaba bari bahejeje kuzurwa ari ibiremwa vy’impwemu. Uti ivyo tuvyemezwa n’iki? Mu bigabane vyo mu Vyahishuriwe vy’imbere y’ico, dusoma duti: “Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubu[zima] na mba”. Niwibuke kandi ko ba bakuru 24 bari “bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo [hakaba] har’ibitsibo vy’izahabu” (Ivyahishuriwe 3:5; 4:4). Rero, inyuma y’aho intambara, ikigoyi be n’ibiza bitanguriye kwiha inkumbi kw’isi, abo muri bamwe 144.000 bari bamaze gupfa, ari na bo bagereranywa n’amaraso ari munsi y’igicaniro, baciye bazurirwa kuba mw’ijuru maze mu buryo bw’ikigereranyo bambikwa imvune zera.

17. Ni mu buryo ki abahabwa imvune zera bategerezwa ‘kuruhuka’?

17 Abo baba bahejeje kuzurwa bategerezwa ‘kuruhuka’. Bategerezwa kurindira bihanganye ko umusi w’Imana wo kwihora ushika. “Abagurano bagenzi babo”, ni ukuvuga abakirisu basizwe bakiri kw’isi, biracari ngombwa ko bagaragaza ko ari intadohoka mu gihe c’ibigeragezo. Igihe c’uko urubanza rw’Imana rushitswa kigeze, ukwo ‘kuruhuka’ kuzoba kurangiye (Ivyahishuriwe 7:3). Ico gihe, abazoba bamaze kuzurwa bazofatanya n’Umukama Yezu Kristu mu gusangangura abanyakibi, ushizemwo n’abasheshe amaraso y’abakirisu ata co bazira.​—2 Ab’i Tesalonike 1:7-10.

Ico kuvuze kuri twebwe

18, 19. (a) Ni ibiki bikujijura ko ukuzuka kwa mbere ubu kuriko kuraba? (b) Kuba utahura ibijanye n’ukuzuka kwa mbere bituma wumva umerewe gute?

18 Ijambo ry’Imana ntirihishura itariki canke igihe nyezina ukuzuka kwa mbere kuberako, yamara rirahishura yuko kuba mu kiringo kinaka, ni ukuvuga mu gihe c’ukuhaba kwa Kristu. Abatangura kuzurwa ni abakirisu basizwe bapfuye imbere y’uko ukuhaba kwa Kristu gutangura. Uko ukuhaba kwa Kristu kubandanya, abakirisu basizwe barangiza ubuzima bwabo kw’isi ari intahemuka baca bahindurwa “mu kanya nk’ako gukubita ingohe”, bagacika ibiremwa vy’impwemu vy’ibinyabubasha (1 Ab’i Korinto 15:52). Abasizwe bose boba bazoronka impera yabo yo kuja mw’ijuru imbere y’uko intambara ya Harumagedoni iba? Ivyo nta vyo tuzi. Ariko ico tuzi coco ni uko igihe Imana yashinze kigeze, bamwe 144.000 bose uko bangana bazoba bahagaze ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru.

19 Turazi kandi ko benshi muri abo 144.000 ubu bari kumwe na Kristu. Twovuga ko ubu hagisigaye bakeyi gusa kw’isi. Emwe, ico ni ikimenyamenya gikomeye cerekana yuko igihe c’uko urubanza rw’Imana rushitswa kiriko cegereza cihuta! Vuba, urunkwekwe rubi rwa Shetani rwose rugiye gusangangurwa, Shetani ubwiwe atererwe mu gisumanyenzi. Ico gihe, hazoca hatangura izuka ry’abantu muri rusangi, maze biciye ku nkuka y’incungu ya Yezu, abantu b’intahemuka bashikanwe ku kutagira agasembwa kumeze nka kumwe Adamu yatakaza. Ubuhanuzi Yehova yatanze buri mw’⁠Itanguriro 3:15 buriko buraranguka bimwe vy’agatangaza. Ese ukuntu ari agateka ntangere kuba tubayeho muri ibi bihe!

[Utujambo tw’epfo]

a Ushaka kumenya izindi nkuru umunani zigana ivyerekeye abantu bazuwe, raba mu 1 Abami 17:21-23; 2 Abami 4:32-37; 13:21; Mariko 5:35, 41-43; Luka 7:11-17; 24:34; Yohana 11:43-45; Ivyakozwe n’intumwa 9:36-42.

b Ugomba kumenya ibimenyamenya vyo mu Vyanditswe vyemeza yuko ukuhaba kwa Yezu kwatanguye mu 1914, raba mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, ku rupapuro rwa 215- 218, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

c Ugomba kumenya amakuru yerekana igituma tuvuga ko abo bakuru 24 bagereranya abakirisu basizwe bari mw’ijuru, raba igitabu La Révélation: le grand dénouement est proche!, ku rupapuro rwa 77, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woshobora kubisigura?

Ivyanditswe bikurikira bidufasha gute kubona igihe “ukuzuka kwa mbere” kuba?

• Ivyahishuriwe 12:7; 17:14

• Ivyahishuriwe 7:13, 14

• 1 Ab’i Korinto 15:23; 1 Ab’i Tesalonike 4:15-17

• Ivyahishuriwe 6:2, 9-11

[Amafoto ku rup. 26]

Ni amazuka ayahe aba imbere y’uko haba izuka ry’abantu muri rusangi?

[Ifoto ku rup. 29]

Ni mu buryo ki bamwebamwe mu bari basinziriye mu rupfu bahabwa imvune zera?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika