ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • th icigwa 13 rup. 16
  • Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha
  • Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ivyo bijanye
  • Intangamarara nziza
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Gukora ku mutima abakwumviriza
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Gushwashwanuka
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Gushikiriza amakuru yigisha
    Niwijukire gusoma no kwigisha
Ibindi
Niwijukire gusoma no kwigisha
th icigwa 13 rup. 16

ICIGWA CA 13

Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha

Icanditswe

Imigani 3:21

INCAMAKE: Nufashe abakwumviriza gutahura ukuntu ikiganiro cawe kiberekeye, ubereke n’ingene boshira mu ngiro ivyo bize.

UKO WOBIGIRA:

  • Nuzirikane abakwumviriza. Niwiyumvire igituma bakeneye amakuru uriko urabashikiriza, uzirikane n’ivyobagirira akamaro cane mu kiganiro cawe.

  • Nuze urabereka ico bokora. Kuva ugitangura ikiganiro cawe, umwe wese mu bakwumviriza akwiye kubona ko kimuraba. Nuze urabereka ingene boshira mu ngiro iciyumviro nyamukuru kimwekimwe cose. Nutomore, ntuvuge muri rusangi.

    Inama ngirakamaro

    Niwereke abakwumviriza ingene boshira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ubigiranye urukundo n’impuhwe. Aho gutuma biyagiriza, nubafashe gukomeza ukwizera kwabo n’urukundo bakunda Yehova, wizigire ko ivyo bizotuma bakora ibigororotse.

MU NDIMIRO

Igihe witegurira indimiro, nuzirikane ivyavuzwe mu makuru be n’ibindi bintu vyoshimisha abo mu cibare cawe. Ushitseyo, ntiwitinye guhuza ikiganiro cawe n’ibibaraje ishinga. Nubabaze utubazo kugira umenye ibibaraje ishinga n’ivyo bakunda. Niwumvirize inyishu, uce uhuza ikiganiro cawe n’ivyo bakubwiye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika