ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/5 rup. 16-rup. 19 ing. 11
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Kabiri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Kabiri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • DAWIDI “ARUSHIRIZA KUBA AGAHAMBAYE”
  • (2 Samweli 1:1–10:19)
  • YEHOVA AVYURIRA IVYAGO UWO YIMIKISHIJE AMAVUTA
  • (2 Samweli 11:1​—20:26)
  • NIDUPFUME “DUKOROKERA MU MABOKO Y’UHORAHO”
  • (2 Samweli 21:1–24:25)
  • Turashobora ‘kumera nk’uko umutima wa Yehova ugomba’
  • Niwiheke ku mpwemu y’Imana uko uhangana n’ibihinduka mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • 2 Samweli: ibirimwo
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • “Nyigisha gukora ukugomba kwawe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Abisirayeli basaba ko boronswa umwami
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/5 rup. 16-rup. 19 ing. 11

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Samweli wa Kabiri

KWEMERA ubusegaba bwa Yehova vyoba bisaba ko tugamburuka mu buryo butagira agahaze? Umuntu w’intadohoka yoba yama akora ibigororotse mu nyonga z’Imana? Umuntu Imana ibona ko ‘ameze nk’uko umutima wayo ugomba’ aba ameze gute (1 Samweli 13:14)? Igitabu ca Bibiliya ca Samweli wa Kabiri kiratanga inyishu zimara akanyota kuri ivyo bibazo.

Igitabu ca Samweli wa Kabiri canditswe na Gadi be na Natani, bakaba bari abahanuzi babiri bari bafitaniye ubucuti bwa hafi n’Umwami Dawidi wa Isirayeli ya keraa. Ico gitabu, icahejeje kwandikwa nko mu mwaka wa 1040 B.G.C., amaja mu mpera z’imyaka 40 Dawidi yamaze ku ngoma, kivuga ahanini ivyerekeye Dawidi be n’ubucuti yari afitaniye na Yehova. Iyo nkuru ikora ku mutima irigana ingene ihanga ryatabaguwe n’intambara rihinduka ubwami bwunze ubumwe, busagamvye, ku ngoma y’umwami w’umuhizi. Iyo nkuru y’ivyabaye ikwegera cane yuzuyemwo inyiyumvo z’abantu zaseruwe mu buryo bukomeye cane.

DAWIDI “ARUSHIRIZA KUBA AGAHAMBAYE”

(2 Samweli 1:1–10:19)

Ukuntu Dawidi avyifatamwo igihe yumva ivyerekeye urupfu rwa Sauli na Yonatani birerekana urukundo yabakunda be n’urwo yakunda Yehova. I Heburoni, Dawidi arimikwa akaba umwami ku muryango wa Yuda. Ishibosheti umuhungu wa Sauli arimikwa akaba umwami ku miryango ya Isirayeli isigaye. Dawidi “arushiriza kuba agahambaye”, maze haciye imyaka nk’indwi n’igice, aca agirwa umwami aganza Isirayeli yose.​—2 Samweli 5:10.

Dawidi arigarurira igisagara ca Yeruzalemu agikuye mu minwe y’Abayebusi, agaca akigira umurwa mukuru w’ubwami bwiwe. Igihe agerageje kwimurira isandugu ry’isezerano i Yeruzalemu ari bwo bwa mbere, birakwega akarambaraye. Ariko rero, ubugira kabiri biragenda neza, maze Dawidi akiginagura kubera umunezero. Yehova aragiranira na Dawidi isezerano ry’ubwami. Dawidi aratsinda abansi biwe kubera yuko Imana ibandanya kubana na we.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

2:18​—Ni kubera iki Yowabu na benewabo babiri bavuzwe ko ari abahungu batatu ba Seruwiya, nyina wabo? Mu Vyanditswe vy’igiheburayo, amamuko y’umuntu akenshi yamenyekanira kuri se. Umugabo wa Seruwiya ashobora kuba yapfuye hakiri kare, canke agashobora kuba yabonetse ko atabereye gushirwa mu Vyanditswe Vyeranda. Birashoboka ko Seruwiya ari we yashizwe mu rutonde rw’amazina kubera yuko yari mushiki wa Dawidi canke agashobora kuba yari mushikiwe basangiye nyina (1 Ngoma 2:15, 16). Ahantu hamwe gusa havuga se w’abo bahungu batatu, ni aherekana aho yahambwe i Betelehemu.​—2 Samweli 2:32.

3:29​—Imvugo ngo “umugabo afata agati kazunguruka kakazungurutsa n’urunyuzi” (NW) isobanura iki? Abagore ni bo bari basanzwe bakora igikorwa co kujisha impuzu. Ku bw’ivyo, iyo mvugo ishobora kwerekeza ku bagabo batari bashoboye gukora ibikorwa bimwebimwe nko kuja mu ntambara, gutyo bakaba baca babwirizwa gukora igikorwa cari kigenewe abagore.

5:1, 2​—Dawidi yagizwe umwami w’ihanga ryose rya Isirayeli haciye igihe kingana iki Ishibosheti agandaguwe? Bisa n’ivyumvikana dushitse ku ciyumviro c’uko Ishibosheti yatanguye ikiringo c’ingoma yiwe camaze imyaka ibiri, haciye igihe gitoya Sauli apfuye, nko mu gihe nyene Dawidi yatanguriye kuganza i Heburoni. Dawidi yamaze imyaka indwi n’igice atwara Ubuyuda ari i Heburoni. Haciye igihe gito abaye umwami w’ihanga ryose rya Isirayeli, Yeruzalemu ni ho yaciye agira umugwa mukuru w’ubwami bwiwe. Dawidi rero yabaye umwami w’ihanga rya Isirayeli ryose haciye imyaka nk’itanu Ishibosheti apfuye.​—2 Samweli 2:3, 4, 8-11; 5:4,5

8:2​—Hishwe Abanyamowabu bangahe inyuma y’intambara barwanye n’Abisirayeli? Igitigiri gishobora kuba camenyekanye bidaciye ku guharūra ahubwo biciye ku kugeresha umugozi. Bisa n’uko Dawidi yarambitse Abanyamowabu hasi mu mirongo, umwe akaza aramushira iruhande y’uwundi. Ubukurikira, yarageze iyo mirongo akoresheje umugozi. Biboneka ko imirongo ibiri, ni ukuvuga Abanyamowabu bangana na bibiri vya bitatu, bishwe, hanyuma umurongo umwe, ni ukuvuga ica gatatu cabo, kiba ari co kizigurizwa.

Ivyigwa tuhigira:

2:1; 5:19, 23. Dawidi yarabajije Yehova imbere y’uko aja kuba i Heburoni be n’imbere y’uko aja gutera abansi biwe. Na twebwe nyene dukwiye kurondera ubuyobozi bwa Yehova imbere y’uko dufata ingingo zigira ico zikoze kuri twebwe mu vy’impwemu.

3:26-30. Ukwihora bizana ingaruka zibabaje.​—Abaroma 12:17-19.

3:31-34; 4:9-12. Dawidi yaratanze akarorero keza mu kuba umuntu atarondera kwihora canke kubika inzika.

5:12. Ntidukwiye kwigera twibagira ko Yehova ari we yatwigishije mu nzira ziwe akongera agatuma dushobora kugiranira na we ubucuti bwiza.

6:1-7. Naho Dawidi yari afise imigabo myiza, kuba yaragerageje kwimura Isandugu ayitwaye mu mukogote vyari biteye kubiri n’itegeko ry’Imana, kandi ntivyagenze neza (Kuvayo 25:13, 14; Guharura 4:15, 19; 7:7-9). Kuba Uza yaratumye ukuboko ngo asame iyo Sandugu na vyo nyene birerekana yuko imigabo myiza idahindura ivyo Imana idusaba.

6:8, 9. Igihe ibintu vyari bikomeye, Dawidi yabanje gushavura, hanyuma agira ubwoba, kumbure aranagiriza Yehova ngo ni we yateje ico cago. Dutegerezwa kwirinda kwegeka kuri Yehova ingorane zidushikira zivuye ku kuba twirengagije amategeko yiwe.

7:18, 22, 23, 26. Ukwicisha bugufi kwa Dawidi, ukuntu yibanda kuri Yehova we musa, be n’ukuntu yarondera guhayagiza izina ry’Imana ni kamere dukwiye kwigana.

8:2. Ubuhanuzi bwari bumaze imyaka 400 bushikirijwe bwararangutse (Guharūra 24:17). Ivyo Yehova avuze vyama nantaryo bishika.

9:1, 6, 7. Dawidi yarashikije ivyo yasezeranye. Na twebwe nyene dutegerezwa kwihatira gushitsa ivyo twasezeranye.

YEHOVA AVYURIRA IVYAGO UWO YIMIKISHIJE AMAVUTA

(2 Samweli 11:1​—20:26)

Yehova abwira Dawidi ati: “Nzokuvyurira ivyago vyanduruka mu rugo rwawe; nzokunyaga abagore bawe ubona, mbahe umubanyi wawe, aryamane na bo ku murango” (2 Samweli 12:11). Ni igiki catumye Yehova avuga ayo majambo? Ni icaha Dawidi yakoranye na Batisheba. Naho Dawidi aharirwa kubera yigaye, inkurikizi z’icaha yakoze zozo ntizibura kumushikira.

Ubwa mbere, umwana Batisheba avyaye arapfa. Hanyuma Tamari umukobwa wa Dawidi w’isugi arononwa na musazawe Amunoni basangiye umuvyeyi umwe. Musazawe Abusalomu arihora mu kugandagura Amunoni. Abusalomu agīra umugambi se wiwe maze yigira umwami i Heburoni. Dawidi ategerejwe guhunga igisagara ca Yeruzalemu. Abusalomu araryamana na cumi mu ncoreke za se zasigaranye urugo. Dawidi asubira ku ngoma ari uko Abusalomu yishwe. Ubugarariji bw’Umubenyamini yitwa Sheba burangirana n’urupfu rwiwe.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

14:7​—Imvugo ngo “agakara nari nsigaranye” igereranya iki? Ukubengerana kw’ikara ririko rirazima kurakoreshwa mu kugereranya uruvyaro rusigaye.

19:29​—Ni kubera iki Dawidi yishuye gutyo ku vyo Mefibosheti amusiguriye? Dawidi amaze kwumviriza Mefibosheti, ategerezwa kuba yaratahuye yuko yihenze mu gupfa kwemera ivyo Ziba yamubariye (2 Samweli 16:1-4; 19:24-28). Bishoboka rwose yuko ivyo vyashavuje Dawidi, bigatuma adashaka gusubira kwumva ivy’ico kibazo.

Ivyigwa tuhigira:

11:2-15. Iyo nkuru ivuga amakosa Dawidi yakoze idaca ku ruhande, ni ikimenyamenya c’uko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe.

11:16-27. Igihe dukoze icaha gikomeye, ntidukwiye kugerageza kugihisha nk’uko Dawidi yagihishije. Ahubwo, dukwiye kwaturira Yehova icaha twakoze tukongera tukarondera gufashwa n’abakurambere mw’ishengero.​—Imigani 28:13; Yakobo 5:13-16

12:1-14. Natani yaratanze akarorero keza ku bakurambere bagenywe mw’ishengero. Bategerezwa gufasha abagwa mu caha kugira bakosore ingendo yabo. Abakurambere bategerezwa kurangura iryo banga babigiranye ubuhanga.

12:15-23. Kuba Dawidi yaratahura neza ivyamushikiye, vyaramufashije kuvyifatamwo neza mu ngorane.

15:12; 16:15, 21, 23. Igihe vyibonekeza ko Abusalomu yogiye ku ngoma, ubwibone be n’uguhahamira ubukuru vyatumye wa muhanuzi w’umunyabwenge Ahitofeli ahemuka. Igihe umuntu afise ubwenge ariko akabura ukwicisha bugufi be n’ukudahemuka, birashobora kumubera umutego.

19:24, 30. Mefibosheti yarakenguruka vy’ukuri ubuntu-mvarukundo Dawidi yamugiriye. Yaremeye n’umutima ukunze ingingo umwami yafashe ku bijanye na Ziba. Gukengurukira Yehova no gukenguruka ishirahamwe ryiwe bikwiye gutuma tuba abantu bayoboka.

20:21, 22. Ubukerebutsi bw’umuntu umwe burashobora gukingira abantu benshi icago.​—Umusiguzi 9:14, 15.

NIDUPFUME “DUKOROKERA MU MABOKO Y’UHORAHO”

(2 Samweli 21:1–24:25)

Haraba inzara mu kiringo c’imyaka itatu kubera amaraso Sauli yasheshe mu kwica Abanyagibeyoni (Yosuwa 9:15). Kugira ngo Abanyagibeyoni bahore ayo maraso yasesetse, barasaba ngo bahabwe abahungu indwi ba Sauli babice. Dawidi abagabura mu maboko y’Abanyagibeyoni, maze ikiringo c’uruzuba gica giherana n’ukugwa kw’imvura nyinshi. Abafilisitiya bane b’ibigatanya “bicwa na Dawidi n’abantu biwe”.​—2 Samweli 21:22.

Dawidi arakora icaha gikomeye mu gutegeka ko haba urusansuma rutemewe. Arigaya maze agahitamwo gukorokera “mu maboko y’Uhoraho” (2 Samweli 24:14). Ivyo bituma abantu 70.000 bahitanwa n’ikiza. Dawidi arakurikiza ivyo Yehova amutegetse, ikiza na co kigaca gihagarara.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

21:8, NW​—Bishobora gute kuvugwa yuko Mikali umukobwa wa Sauli yari afise abahungu batanu kandi muri 2 Samweli 6:23 havuga ko yapfuye atagira akana? Insobanuro yemerwa na benshi ni iy’uko abo bahungu bari aba Merabu mwenewabo na Mikali, Merabu akaba yari yubakanye na Aduriyeli. Merabu ashobora kuba yapfuye hakiri kare, maze Mikali uwutari afise abana agaca arera nya bahungu.

21:9, 10​—Risipa yamaze igihe kingana iki acunze abahungu biwe babiri n’abuzukuru ba Sauli batanu bari bishwe n’Abanyagibeyoni? Bose uko ari indwi bamanitswe “mw ishuza ry’igenya”, ni ukuvuga muri Ntwarante canke muri Ndamukiza. Imivyimba yabo bayirekeye ku musozi. Risipa yaraririye iyo mivyimba indwi ku murango no mw’ijoro gushika Yehova yerekanye ko uburake bwiwe bwahwamye mu guhagarika uruzuba. Bisa n’uko ata mvura nyinshi yari kugwa imbere y’uko igihe c’igenya kirangira muri Gitugutu. Ni co gituma Risipa ashobora kuba yamaze amezi atanu canke atandatu acunze iyo mivyimba. Inyuma y’ivyo, Dawidi yarahambishije amagufa y’abo bantu.

24:1​—Ni kubera iki guharura abantu cari icaha gikomeye kuri Dawidi? Guharura abantu ubwavyo ntivyari bibujijwe mu Vyagezwe (Guharūra 1:1-3; 26:1-4). Bibiliya ntivuga intumbero Dawidi yari afise mu guharura abantu. Ariko rero, muri 1 Ngoma 21:1 harerekana ko ari Shetani yamusunitse ngo abaharure. Uko biri kwose, umukuru w’ingabo ziwe ari we Yowabu, yari azi yuko ingingo Dawidi yafashe yo guharura abantu itari ibereye, ari co gituma yagerageje kubimubuza.

Ivyigwa tuhigira:

22:2-51. Ese ukuntu ururirimbo rwa Dawidi rudondora mu buryo bw’akaroruhore ko Yehova ari we Mana y’ukuri, ibereye ko tuyizigira tugaherezako!

23:15-17. Dawidi yarubaha rwose itegeko ry’Imana ryerekeye ubuzima n’amaraso ku buryo ico gihe yanse gukora n’ikintu casa n’ukurenga kuri iryo tegeko. Dutegerezwa gutsimbataza agatima nk’ako ku bijanye n’amategeko y’Imana yose.

24:10. Ijwi ryo mu mutima rya Dawidi ryaramuvyuriye umutima wo kwigaya. Ijwi ryacu ryo mu mutima ryoba rikora neza bihagije ku buryo rikora gutyo?

24:14. Dawidi yari yarajijutse yuko Yehova arusha abantu kuba umunyembabazi. Twoba dufise mwene ukwo kujijuka?

24:17. Dawidi yarababajwe n’uko igicumuro ciwe cakwegeye ihanga ryose ugucumukura. Umunyakibi yigaye akwiye kwumva ababajwe n’iceyi ivyo yakoze bishobora kuba vyasize ishengero.

Turashobora ‘kumera nk’uko umutima wa Yehova ugomba’

Umwami agira kabiri wa Isirayeli yarerekanye ko yari ‘umuntu ameze nk’uko umutima wa Yehova ugomba’ (1 Samweli 13:14). Dawidi ntiyigeze akekeranya ku ngingo mfatirwako za Yehova zigororotse, kandi ntiyarondeye gukurikirana ingendo yo kwigenga ngo ntiyisunge Imana. Igihe cose Dawidi yaba ahuvye, yariyemerera icaha yakoze, akemera gutozwa indero, hanyuma agakosora inzira ziwe. Dawidi yari intadohoka. Ntivyoba vyiza none tumwiganye, na canecane igihe duhuvye?

Inkuru y’ubuzima ya Dawidi irerekana mu buryo butomoye ko kwemera ukugaba n’ukuganza kwa Yehova birimwo kwemera ingingo mfatirwako ziwe zerekeye iciza n’ikibi no kwihatira kuzikurikiza tutadohoka. Ivyo turabishoboye. Ese ukuntu dukenguruka ivyigwa twigiye ku gitabu ca Samweli wa Kabiri! Emwe, ubutumwa bwahumetswe buri muri ico gitabu ni buzima, kandi burafise ubukuba canke ububasha.​—Abaheburayo 4:12.

[Akajambo k’epfo]

a Naho Samweli atari mu banditse ico gitabu, citirirwa izina ryiwe kubera ko ivyo bitabu bibiri vya Samweli mu ntango vyari umuzingo umwe wo mu bitabu vyemewe vy’igiheburayo. Samweli yanditse igice kinini c’igitabu ca Samweli wa Mbere.

[Ifoto ku rup. 16]

Kwibuka uwamugize umwami akomeye vyarafashije Dawidi kuguma yicisha bugufi

[Amafoto ku rup. 18]

“Nzokuvyurira ivyago vyanduruka mu rugo rwawe”

Batisheba

Tamari

Amunoni

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika