ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb22 Mukakaro rup. 13
  • Isekeza ridasanzwe ryo gutanguza inyigisho za Bibiliya muri Nyakanga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Isekeza ridasanzwe ryo gutanguza inyigisho za Bibiliya muri Nyakanga
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ivyo bijanye
  • Isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza agatabu gashasha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ingene twokoresha agatabu Inkuru nziza iva ku Mana
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Woba Uriko Urakoresha Agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? mu Gutanguza Inyigisho?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Isekeza ridasanzwe ryo gutangaza Ubwami bw’Imana muri Nyakanga!
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
mwb22 Mukakaro rup. 13
Udufoto: Abagize umuryango berekanywe mu kiganiro kivuga ngo “Niwishingire imigambi yo mu mwaka w’umurimo uza: Gukora ubutsimvyi” bariko barabwira abandi inkuru nziza. 1. Umwana na nyina bariko baraganira n’umunyamuhana bakoresheje agatabu “Urashobora kwiberaho ibihe bidahera.” 2. Nyokuru ariko arakoresha agatabu “Urashobora kwiberaho ibihe bidahera” mu kuyobora inyigisho kuri telefone. 3. Serugo na inarugo bahagaze iruhande ya ka kantu k’amapine kariko agatabu “Urashobora kwiberaho ibihe bidahera” n’icapa kimenyekanisha ingene twigisha abantu Bibiliya ku buntu.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Isekeza ridasanzwe ryo gutanguza inyigisho za Bibiliya muri Nyakanga

Muri Nyakanga tuzokwihatira gutanguza inyigisho za Bibiliya ku bo duhura bose dukoresheje agatabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera. Abamamaji boshobora kuzohitamwo gukora ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha 30. None iryo sekeza rizogenda gute?

  • Mugihura n’umuntu: Nukoreshe urupapuro rwa nyuma rw’ako gatabu kugira umuvyurire ugushimishwa, uce ugerageza kumwereka ukuntu twigisha abantu. Ntiwibagire n’abaheruka gushimishwa, harimwo n’amasubirayo. Naho boba baranse kwiga Bibiliya, hari aho boshimishwa n’ubwo buryo bushasha bwo kwiga hamwe n’ako gatabu gashasha. Ntidukwiye gusiga ako gatabu ku mihana tutasanzeko abantu canke ngo tukarungikire abantu batashimishijwe. Komite y’umurimo y’ishengero irashobora gutunganya ayandi makoraniro yo gusohoka mu ndimiro muri ukwo kwezi.

  • Utundi turyo two kwamamaza: Nimba ishengero ryanyu rikoresha twa tuntu tw’amapine, nimushireko icapa c’agatabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera. Nubwire abashimishijwe ko dukoresha ako gatabu mu kuganira n’abantu kuri Bibiliya ku buntu. Nuce ubereka muri make ingene iyo nyigisho ya Bibiliya igenda canke uzobibereke ikindi gihe. Umucungezi w’umurimo yoshobora gutunganya ivy’uko abamamaji bakwije ibisabwa baja mu bibanza vy’ubudandaji mu cibare canyu, bagasaba abantu kwiga Bibiliya. Woshobora kandi gusaba abo mukorana ngo mwige Bibiliya canke abo ubwira inkuru nziza akaryo kizanye.

Yezu yadutegetse ‘guhindura abantu abigishwa’ no ‘kubigisha.’ (Mt 28:19, 20) Ese iri sekeza ridasanzwe ryodufasha gushika kuri iyo ntumbero dukoresheje agatabu Urashobora kwiberaho ibihe bidahera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika