ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr23 Munyonyo rup. 1-16
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’«Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’«Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu»
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2023
  • Udutwe
  • 6-12 MUNYONYO
  • 13-19 MUNYONYO
  • 20-26 MUNYONYO
  • 27 MUNYONYO–3 KIGARAMA
  • NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
  • UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 22-24
  • 12 Urabona rero yuko Yehova ashima kumenya ingendo uhitamwo. N’ikiruta ivyo, iragira ico imukozeko. Bibiliya iratomora yuko Yehova afise inyiyumvo zigera kure, zikaba zikaburwa n’ibikorwa vyiza canke bibi abantu bakora. Nk’akarorero, igihe Abisirayeli bagarariza bisubiriza, Yehova ‘vyaramutuntuje’ (Zaburi 78:​40, 41). Imbere y’uko umwuzure wo mu misi ya Nowa ushika, igihe ‘ibibi vy’abantu vyari vyinshi’, Yehova ‘yaratuntuye mu mutima’ (Itanguriro 6:​5, 6). Iyumvire ico ivyo bisobanura. Hamwe wofata ingendo itari yo, woshobora gutuma Umuremyi wawe yumva atuntuye. Ivyo ntibisobanura yuko Imana igoyagoya canke ko itwarwa n’akanyengetera. Ahubwo, iragukunda kandi irababaye ukumererwa neza kwawe. Ariko rero, igihe ukoze ibigororotse, umutima wa Yehova uranezerwa. Ikimuhimbara, si uko gusa aba aronse iyindi nyishu aha Shetani, ariko kandi ni kubera yuko ico gihe aba ashoboye kuba uwuguha impera. Kandi, ico ni co yipfuza kuba (Abaheburayo 11:6). Urumva ga ntuze ingene Yehova Imana ari Umuvyeyi ufise w’umunyarukundo!
  • Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
  • 25-31 KIGARAMA
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2023
mwbr23 Munyonyo rup. 1-16

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

© 2023 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania

6-12 MUNYONYO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 13-14

«Iyo umuntu apfuye, mbega yosubira kubaho?»

w99 15/10 3 ing. 1-3

Kurondera kuramba

NO MURI iki gihe ni bake bohakana ico ciyumviro c’uko ubuzima ari bugufi naho haciye nk’imyaka 3.500 canditswe. Abantu ntibigeze bahimbarwa no kubaho igihe gito maze bagasaza hanyuma bagapfa. Ku bw’ivyo, kuva kera na rindi, bagumye bagerageza kurondera ivyotuma baramba.

Mu gihe ca Yobu, Abanyamisiri bararya amatengatwa y’ibikoko kugira barabe ko boguma bakiri bato. Imwe mu ntumbero nyamukuru yatumye hatangura ivy’ubuhinga yari iyo guhingura umuti wo kunywa woshoboye gutuma umuntu aramba. Abahinga benshi bemera ko inzahabu yahinguwe yotumye umuntu adashobora gupfa kandi ko kurira ku masahani y’inzahabu vyatuma baramba. Abashinwa ba kera bo mw’idini rya Tao biyumvira ko kuzirikana, gufungura neza no kugira imyimenyerezo yo guhema vyotumye bagira ico bahinduye ku kuntu umubiri ukora maze bigatuma umuntu adapfa.

Umugenduzi w’uturere wo muri Espanye yitwa Juan Ponce de León yaramenyekanye kubera ukuntu yagira ubushakashatsi cane arondera icotuma abantu badasaza. Mu kinjana ca 18 hari umuganga yatanze iciyumviro (mu gitabu ciwe Hermippus Redivivus) c’uko bokwegeranya abakiri bato bakiri isugi bakabashira hamwe mu cumba gitoyi mu gihe c’urushana kugira ngo impemu zabo bazegeranirize mu macupa maze zizokoreshwe mu gutuma abantu baramba. Birumvikana ko muri utwo twigoro twose ata na kamwe kagize ico kavamwo.

w15 15/4 32 ing. 1-2

Igiti ciciwe coba cosubira kunaga?

IGITI c’umwelayo cihese kikagira n’amapfundo coshobora gusa n’ikidatangaje cane ukigereranije n’isederi y’ingazamarumpu y’i Libani. Mugabo ibiti vy’imyelayo birafise ubushobozi budasanzwe bwo kurindirako naho ikirere coba cifashe gute. Vyiyumvirwa yuko hariho ibimaze imyaka 1.000. Imizi miremire y’igiti c’umwelayo iratuma cisubiza itoto mbere n’igihe umutumba waco uba wariciwe. Igihe cose imizi yaco iba itarabora, kirasubira kunaga.

Umwe sekuruza w’imiryango Yobu yari yarajijutse ko naho yopfa, yosubiye kubaho. (Yobu 14:​13-15) Mu kwerekana neza ko yari yizigiye yuko Imana ifise ubushobozi bwo kumuzura, yatanze akarorero k’igiti, kumbure kibaba cari igiti c’umwelayo. Yobu yavuze ati: “Hari icizigiro no ku giti. Ciciwe, kizosubira kunaga.” Naho hoba haciye igihe haka uruzuba, igishitsi c’umwelayo cumye kirashobora guhembuka igihe imvura iguye maze kikagira iminago ku mizi yaco, kikazana “ishami [canke amashami] nk’igiterwa gishasha.”—Yobu 14:​7-9.

w11 1/3 22 ing. 5

“Uzoba ushashaye”

Ayo majambo ya Yobu aratwigisha iki kintu gikora ku mutima ku bijanye na Yehova: Aragiranira ubucuti budasanzwe n’abo bose bemera kuja mu maboko yiwe, nka kurya kwa Yobu, bakareka Yehova akababumbabumba akabagira abantu bamuhimbara. (Yesaya 64:8) Yehova araha agaciro abasavyi biwe b’abizigirwa. ‘Arashashaye’ kuzura abasavyi biwe b’intahemuka bapfuye. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “gushashara,” incabwenge imwe y’ivya Bibiliya ivuga yuko “vy’ukuri ari rimwe mu majambo akomeye kuruta ayandi aserura ukwumva wipfuza cane ikintu.” Egome, Yehova ntiyibuka gusa abasavyi biwe, ariko kandi arashashaye gutuma basubira kuba bazima.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-1 412

Umunyota

Umunyota kandi waragereranya ikintu ata co kimaze canke c’agaciro gato. Nk’akarorero, Aburahamu yariyemereye imbere ya Yehova ati: «Ndi umukungugu n’umunyota.» (It 18:27; raba kandi Yes 44:20; Yb 30:19.) Na Yobu yagereranije ivyo ba biruzi b’ikinyoma bavuze n’«imigani ata co imaze nk’iminyota.»—Yb 13:12.

13-19 MUNYONYO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 15-17

«Ntiwigane Elifazi igihe uremesha abandi»

w05 15/9 26 ing. 4-5

Nurwanye ivyiyumviro bitari vyo!

Mu ncuro zitatu zose Elifazi yafashe ijambo, yaseruye iciyumviro c’uko Imana isaba ibirenze ku buryo ata kintu na kimwe abasavyi bayo bokora ngo kiyishimishe bikwiye. Elifazi yabariye Yobu ati: “Rāba kw itizigira abasavyi bayo, n’abamarayika bayo kw ibabonakw amafuti” (Yobu 4:18). Elifazi mu nyuma yavuze ku vyerekeye Imana ati: “N’abera bayo nta ho ibizigira, mbere n’ijuru na ryo ntiritunganye mu nyonga zayo” (Yobu 15:15). Yaciye abaza ati: “Mbeg’ukugororoka kwawe kurahimbara Īshobora vyose?” (Yobu 22:3). Biludadi yaremeye ico ciyumviro kubera ko yavuze ati: “N’ukwezi ntigufise gukayangana, n’inyenyeri ntizitunganye mu nyonga z’[Imana]”.—Yobu 25:5.

Dutegerezwa kuba maso kugira ngo ntitwoshwe n’ukwiyumvira mwene ukwo. Vyohava bidushikana ku kwiyumvira ko Imana idusaba ibirenze. Ico ciyumviro kirabangamira ubucuti dufitaniye na Yehova. Vyongeye, hamwe twogondozwa n’iciyumviro nk’ico, mbega twovyakira gute mu gihe dutojwe indero ikenewe? Aho kwemera gukosorwa twicishije bugufi, umutima wacu wohava “ugirira Uhoraho umwikomo”, maze tukamugirira inzika (Imigani 19:3). Ese ukuntu ico kintu codukwegera akarambaraye mu vy’impwemu!

w15 15/2 9 ing. 16

Twigane ukwicisha bugufi kwa Yezu n’ikibabarwe ciwe

16 Amajambo aranga ikibabarwe tuvuga. Ikibabarwe tugaragariza abandi gituma “[tuyagisha] abadendebukiwe n’ijwi ryirura.” (1 Tes. 5:14) Twovuga iki kugira turemeshe abantu nk’abo? Twoshobora kubahumuriza mu kubereka ko tubitwararika vy’ukuri. Turashobora kubakeza tubikuye ku mutima kugira tubafashe kubona ko bafise kamere nziza be n’uko hari ivyo bashoboye. Turashobora kubibutsa yuko Yehova yabakwegereye ku Mwana wiwe, akaba rero abona ko bategerezwa kuba ari ab’agaciro. (Yoh. 6:44) Turashobora kubasubiriza umutima mu nda ko Yehova yitwararika cane abasavyi biwe bafise “umutima umenetse,” ni ukuvuga “bajanjaguritse mu mutima.” (Zab. 34:18) Amajambo aranga ikibabarwe tuvuga arashobora kwirura abakeneye guhozwa.—Imig. 16:24.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w06 15/3 14 ing. 11

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu

7:​9, 10; 10:21; 16:22—Ayo majambo yoba yerekana ko Yobu atari yizera izuka? Ayo ni amajambo yavuze ku bijanye na kazoza kiwe ka hafi. None yashaka kuvuga iki? Ikintu kimwe ashobora kuba yashatse kuvuga ni uko aramutse apfuye ata muntu n’umwe mu bo mu gihe ciwe yosubiye kumubona. Afatiye ku kuntu abo bantu bo mu gihe ciwe babona ibintu, ntiyogarutse mu nzu yiwe canke ngo abe acibukwa ukundi igihe Imana yashinze kitaragera. Yobu ashobora kandi kuba yashaka kuvuga yuko ata muntu n’umwe ashobora kwikura muri Sheoli . Muri Yobu 14:​13-15 harerekana neza yuko Yobu yari yizeye ko hobayeho izuka muri kazoza.

20-26 MUNYONYO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 18-19

«Ntiwigere uheba abo musangiye ukwizera»

w22.01 16 ing. 9

Ivyo twigira ku mosozi ya Yezu

9 Urashobora gushigikira abatuntuye. Yezu ntiyariranye gusa na Mariya na Marita, mugabo kandi yarabumvirije yongera arabahumuriza. Natwe turashobora kuremesha abatuntuye. Umukurambere umwe yitwa Dan wo muri Ostraliya, avuga ati: “Igihe nabura umugore wanje, nari nkeneye abonshigikira. Hari abubakanye batari bake bitanze ijoro n’umurango kugira gusa bantege ugutwi. Barandetse ndarira, kandi ntibigeze babibona nabi. Baramfashije n’ibindi bikorwa, nko kunyogereza imodoka, kuja kunsumira, no kuntegurira udufungurwa igihe ntaba nshoboye kwikorera ivyo bikorwa. Vyongeye, akenshi barasenga turi kumwe. Barambereye abagenzi nyakuri be n’abo tuvukana ‘bavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa’.”—Imig. 17:17.

w21.09 30 ing. 16

Igihe uwawe ahevye Yehova

16 Nubandanye gushigikira abo mu muryango urimwo uwaciwe. Ubu kuruta ikindi gihe cose, barakeneye ko ubagaragariza urukundo ukongera ukabaremesha. (Heb. 10:​24, 25) Abo mu muryango urimwo uwaciwe, vyarashitse na bo nyene barabona ko hari abo mw’ishengero babakumiriye. Ntitwipfuza ko ivyo bibashikira. Abakiri bato bafise abavyeyi bahevye ukuri, barakeneye canecane ko tubakeza tukongera tukabaremesha. Mushiki wacu yitwa Maria afise umugabo yigeze gucibwa agaheba n’umuryango, avuga ati: “Bamwebamwe mu bagenzi banje baraza imuhira bakamfasha guteka no kwigisha abana. Baratahura umubabaro mfise kandi bakarirana nanje. Igihe abantu baba bamvuzeko ibinyoma, baramvugira. Ntiworaba ingene bandemesheje cane!”—Rom. 12:​13, 15.

w90 1/9 22 ing. 20

Woba uriko uritangira igikorwa?

20 Inama y’abakurambere ikwiye kumenya ko uwahoze ari umukurambere canke umukozi w’ishengero yakuwe mu mabanga ashobora gucika intege naho yoba ari we yavyisabiye. Nimba ataciwe, ariko abakurambere bakabona ko uwo muvukanyi yihebuye, bakwiye kumuremesha babigiranye urukundo. (1 Abatesalonika 5:14) Bakwiye kumufasha kubona ko akenewe mw’ishengero. Naho vyoba vyasabwe ko ahabwa impanuro, ntihakwiye guca igihe kirekire umuntu yicisha bugufi kandi akenguruka ataraterwa utundi duteka mw’ishengero.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w94 1/10 32

Ijambo ryiza riri n’ububasha

Ariko, igihe Yobu ubwiwe yakenera indemesho, Elifazi na bagenziwe ntibamubwiye amajambo meza. Bavuze ko ivyashikiye Yobu ari we yavyiteye, berekana ko hari amakosa yakoze arayahisha. (Yobu 4:8) Igitabu kimwe (The Interpreter’s Bible) kivuga giti: «Ico Yobu akeneye ni umuntu amugaragariza impuhwe. Ariko ico bakora ni ukuguma bamusubiriramwo amajambo yo kumwemeza.» Yobu yarababajwe cane n’ivyo Elifazi na bagenziwe bamubwiye ku buryo yababwiye ati: «Muzogeza ryari kuguma muntera ishavu, mumbwira amajambo acumita?»—Yobu 19:2.

Ntidukwiye kwigera dutuma umusavyi w’Imana mugenzi wacu atakamba kubera umubabaro uvuye ku majambo mabi twamubwiye tutabanje kwiyumvira. (Gereranya na Gusubira mu vyagezwe 24:15.) Hari umugani wo muri Bibiliya utugabisha uti: «Urupfu n’ubuzima biri mu bubasha bw’ururimi. Abakunda kurukoresha bategerezwa kwemera ingaruka zarwo.»—Imigani 18:21.

27 MUNYONYO–3 KIGARAMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 20-21

«Ubugororotsi ntibubonekera ku butunzi»

w07 1/8 29 ing. 12

Woba uri “umutunzi ku Mana”?

12 Mu vyo Yezu yavuze, kuba umutunzi ku Mana abihushanya no kwirundaniriza amatungo y’umubiri. Yezu rero yariko avuga y’uko ukwirundaniriza amatungo y’umubiri canke ukunezererwa ivyo twoshobora kuba dutunze atari co kintu nyamukuru gikwiye kuturaza ishinga mu buzima. Ahubwo riho, dukwiye gukoresha ivyo dutunze dufise intumbero yo kwongereza canke gukomeza ubucuti dufitaniye na Yehova. Nta gukeka ko nitwabigira gutyo bizotuma tuba abatunzi ku Mana. Uti kubera iki? Kubera yuko bituma iduhunda imihezagiro myinshi. Bibiliya itubwira iti: “Umugisha w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo”.—Imigani 10:22.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w95 1/1 9 ing. 19

Gutsinda Shetani n’ibikorwa vyiwe

19 Urabona ko umusavyi w’Imana Yobu yabwirijwe kwihanganira “ivyiyumviro bimubuza amahoro” Shetani yacishije kuri Elifazi na Zofari. (Yobu 4:​13-18; 20:​2, 3) Yobu yaragize «umubabaro», ivyo bikaba vyatumye “avuga atabanje kwiyumvira”, avuga “ibintu biteye ubwoba” vyariko biradurumbanya umutima wiwe. (Yobu 6:​2-4; 30:​15, 16) Elihu yarumvirije Yobu yitonze yongera aramufasha abigiranye umutima mwiza kubona ukuntu Yehova yabona ibintu. No muri iki gihe, abakurambere batahura ibintu baritwararika abigorewe mu kutunyura ingorane bifitiye. Ahubwo cokimwe na Elihu, barabumviriza bihanganye maze bakabasiga amavuta aruhura y’Ijambo ry’Imana. (Yobu 33:​1-3, 7; Yakobo 5:​13-15) Rero, uwo wese afise ibimutera ubwoba, vyaba ari ivy’ukuri canke ivyo yiyumvira gusa, ni ukuvuga “afise ubwoba biciye ku ndoto, no ku vyo yerekwa” nka Yobu, arashobora kuronkera mw’ishengero uruhoza ruva mu Vyanditswe.—Yobu 7:14; Yakobo 4:7.

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

g 5/09 12-13

Imana yoba yipfuza ko uba umutunzi?

Twisunze Bibiliya

Imana yoba yipfuza ko uba umutunzi?

«Imana yanyongeye uwundi musi wo kubaho! Ngiye gutunga!»

«Nipfuza gutunga, kuko Imana n’abamarayika bose bipfuza ko mba umutunzi.»

«Imana iraduha ububasha bwo kuronka ubutunzi.»

«Ndiko ndaronka ibintu kubera ca Gitabu [Bibiliya].»

AYO majambo arerekana ko abanyamadini benshi bavuga ko ubutunzi ari umuhezagiro w’Imana. Bavuga ko ukoreye Imana, izogushoboza kuronka ibintu vyiza muri iki gihe, ikazoguhezagira no mu nyuma. Mwene izo nyigisho zarakwiragiye, kandi ibitabu zirimwo birakundwa cane. Ariko inyigisho mwene iyo yoba ihuye n’ivyo Bibiliya ivuga?

Nta gukeka ko Umuremyi wacu, uwo Bibiliya yita «Imana ihimbawe», yipfuza ko tugira ubuzima bwiza kandi buhimbaye. (1 Timoteyo 1:11; Zaburi 1:​1-3) Ariko, ihezagira abakora ivyo igomba. (Imigani 10:22) None muri iki gihe, uwo muhezagiro woba ugaragarira mu kuronka ubutunzi? Kugira dutahure inyishu y’ico kibazo, bisaba ko dutahura igihe tubayemwo twisunze umugambi w’Imana.

Iki coba ari igihe co gutunga?

Kera, Yehova Imana yarahezagiye abasavyi biwe bamwebamwe arabaha ubutunzi. Aho twovuga nk’umwe sekuruza w’imiryango Yobu n’umwami Salomo. (1 Abami 10:23; Yobu 42:12) Ariko, hari abandi bantu benshi batinya Imana batari batunze. Aho twovuga nka Yohani umubatizi na Yezu Kristu. (Mariko 1:6; Luka 9:58) None iciyumviro ni ikihe? Twisunze Bibiliya, Imana irakorera ibintu abasavyi bayo yisunze umugambi iba ibafitiye muri ico gihe. (Umusiguzi 3:1) None ivyo bitwerekeye gute muri iki gihe?

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekana ko tubayeho mu gihe c’«iherezo ry’ivy’iyi si», canke «mu misi ya nyuma» y’ino si. Iki kiringo coranzwe n’intambara, indwara, inzara, vya nyamugigima, n’abantu batumvikana. Ivyo vyose vyarabaye mu bantu kuva mu 1914 ku rugero bitari bwigere bishikako. (Matayo 24:3; 2 Timoteyo 3:​1-5; Luka 21:​10, 11; Ivyahishuwe 6:​3-8) Muri make, iyi si imeze nk’ubwato buriko buranyika. None twisunze ivyo vyose, vyoba vyokwumvikana ko Imana ihezagira umwe wese mu basavyi bayo ikamuha ubutunzi? Canke hariho ibindi bintu yipfuza ko dushira imbere?

Yezu Kristu yagereranije igihe tubayemwo n’imisi ya Nowa. Yavuze ati: «Imbere y’umwuzure, abantu bararya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjira mu bwato. Nta na kimwe bitayeho, gushika umwuzure uje ukabatwara bose. Ni ko nyene bizogenda mu gihe c’ukugaruka kw’Umwana w’umuntu.» (Matayo 24:​37-39) Yezu kandi yagereranije igihe tubayemwo n’imisi ya Loti. Ababanyi ba Loti i Sodomu na Gomora «bararya, bakanywa, bakagura, bakagurisha, bagatera kandi bakubaka. Ariko umusi Loti yava i Sodomu, haraguye umuriro n’amazuku bivuye mw’ijuru maze bibatikiza bose.» Yezu yongeyeko ati: «Ni ko bizoba bimeze ku musi Umwana w’umuntu azohishurwa.»—Luka 17:​28-30.

Mu vy’ukuri, nta kibi kiri mu kurya, kunywa, kurongorora, kugura no kugurisha. Igiteye akaga ni ugutwarwa n’ivyo bintu ku buryo tutabona ko ibihe tubayemwo vyihutirwa. Niwibaze rero uti: “Imana yoba iriko iratugirira neza hamwe yoduhezagiza ibintu nyene bituma dusamara?” Ahubwo yoba iriko iratugirira nabi, kandi ivyo Imana y’urukundo nta vyo yokora!—1 Timoteyo 6:17; 1 Yohani 4:8.

Iki ni igihe co kurokora ubuzima!

Muri iki gihe kigoye muri kahise k’abantu, abasavyi b’Imana barafise igikorwa cihutirwa co gukora. Yezu yavuze ati: «Iyi nkuru nziza y’Ubwami izokwamamazwa mw’isi yose kugira bibe intahe ku mahanga yose, maze iherezo rizoca riza.» (Matayo 24:14) Ivyabona vya Yehova barafatana uburemere ayo majambo. Ku bw’ivyo, bararemesha ababanyi babo kwiga ivyerekeye Ubwami n’ivyo Imana ibasaba kugira baronke ubuzima budahera.—Yohani 17:3.

Ariko ntiwumve, Imana ntiyiteze ko abasavyi bayo babaho ubuzima bwo kwibabaza. Ahubwo, yipfuza ko babaho babumbwa n’ibintu vya nkenerwa bafise mu buzima maze bakitunira ku kuyikorera. (Matayo 6:33) Na yo, izokwitwararika ko baronka ivyo bakeneye. Mu Baheburayo 13:5 hagira hati: «Mu buzima bwanyu ntimurangwe no gukunda amahera, ahubwo mubumbwe n’ibintu mufise ubu. Kuko Imana yavuze iti: “Sinzokwigera ndaguta, kandi sinzokwigera ndaguheba.”»

Imana izoshitsa neza ayo majambo mu buryo budasanzwe niyazigamira ubuzima «isinzi rinini» ry’abasavyi bayo b’ukuri gushika kw’iherezo ry’iyi si, mbere no gushika mw’isi nshasha y’amahoro n’ugusagamba nyakuri. (Ivyahishuwe 7:​9, 14) Yezu yavuze ati: «Naje kugira intama zironke ubuzima, kandi ziburonke ku bwinshi.» (Yohani 10:10) Ukwo “kuronka ubuzima ku bwinshi” ntibisigura kuronka ibintu vyinshi vy’umubiri muri iki gihe, ahubwo bisigura kuronka ubuzima budahera mw’Iparadizo izoba iyobowe n’Ubwami bw’Imana.—Luka 23:43.

Ntuhendwe n’inyigisho y’uko Imana itungisha abantu, kuko ata kindi igenewe atari ukudusamaza. Ahubwo, niwumvire impanuro iranga urukundo kandi yihutirwa Yezu yavuze, ati: «Mwiyubare kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurya birenze, ukunywa birenze hamwe n’amaganya y’ubu buzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako giturumbuka nk’umutego.»—Luka 21:​34, 35.

4-10 KIGARAMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 22-24

«Mbega umuntu hari ico yomarira Imana?»

w05 15/9 26 ing. 6-27 ing. 1-2

Nurwanye ivyiyumviro bitari vyo!

Iciyumviro gisa cane n’ico c’uko ngo Imana isaba ibirenze, ni ic’uko ngo ibona abantu nk’abatagira ico bayimariye. Ivyo Elifazi yavuze ku ncuro igira gatatu, birimwo iciyumviro kigira giti: “Mbeg’umuntu yoshobora kugirira Imana ikimazi? Ushime n’umunyabgenge nta wundi yokigirira shiti kucīgirira ubgiwe” (Yobu 22:2). Elifazi yashaka kuvuga ko umuntu ata co amariye Imana. Na Biludadi nyene yaravyemeje mu kuvuga ati: “Umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana? Cank’uwavyawe n’umugore yoshobora ate kuba ūtunganye?” (Yobu 25:4). Ufatiye kuri ivyo vyiyumviro, ubona Yobu, umuntu buntu, yari gushobora gute kuruha ngo aravuga ko agororotse imbere y’Imana?

Bamwebamwe muri kino gihe usanga bacika intege cane iyo biyumviriye ibiberekeye. Nk’akarorero, ukuntu baba bararezwe, ukuntu bageramirwa n’imikazo yo mu buzima, canke ukuba bankwa bahorwa ibara ryabo ry’urukoba canke ubwoko bwabo, bishobora kuba biri mu bituma bumva bacitse intege. Ariko rero Shetani n’amadayimoni yiwe na bo nyene bararyoherwa no kuvuna umuntu umutima. Iyo bashoboye gutuma umuntu yiyumvamwo yuko ata na kimwe yokora ngo gishimishe Imana Mushoboravyose bimwe bihagije, bica birushiriza kworoha yuko nya muntu adendebukirwa. Mu nyuma, mwene uwo muntu yoshobora kugenda akayombekere, no guheba Imana nzima akayiheba.—Abaheburayo 2:1; 3:12.

Ukwiterera mu myaka be n’ingorane z’amagara biratubuza gukora vyinshi. Uruhara tugira mu murimo w’Ubwami rwoshobora gusa n’aho ari rutoyi rwose turugereranije n’ivyo twakora tukiritera tukarisama. Ese ukuntu bihambaye kumenya ko Shetani n’amadayimoni yiwe bashaka ko twumva yuko ku Mana ivyo dukora bidahagije! Dutegerezwa kurwanya ivyiyumviro bene ivyo.

w95 15/2 27 ing. 6

Icigwa mu kuntu twotunganya ingorane

Abagenzi batatu ba Yobu baramuciye intege mu kuvuga ivyiyumviro vyabo aho kuvuga ibintu biranga ubukerebutsi biva ku Mana. Elifazi yarubahutse mbere aravuga ko “Imana itizera abasavyi bayo” kandi ko kuba Yobu ari umugororotsi canke atari umugororotsi ata co bivuze kuri Yehova. (Yobu 4:18; 22:​2, 3) Nta majambo aca intege kandi y’ikinyoma yoza aruta ayo! Ntibitangaje kuba Yehova yarahambariye Elifazi na bagenziwe kuri ukwo kuntu bamusize iceyi. Yababwiye ati: «[Ntimwavuze] ukuri ku binyerekeye.» (Yobu 42:7) Ariko Elifazi yagira avuge ayandi majambo ababaza kuruta.

w03 15/4 rup. 14-15 ing. 10-12

Hariho urwaruka runezereza umutima wa Yehova

10 Nk’uko vyerekanwa mu nkuru ya Bibiliya, Shetani ntiyaharirije ukudahemuka kwa Yobu gusa, ariko kandi yaharirije n’ukw’abandi bose basukurira Imana, ushizemwo n’ukwawe. Kukaba nkako, yabwiye Yehova ariko avuga umuryango w’abantu muri rusangi ati: “Ivy’umuntu [si Yobu gusa, ariko umuntu uwo ari we wese] atunze vyose yobitanga ku magara yiwe.” (Yobu 2:4). Woba ubona uruhara ufise muri ico kibazo gihambaye? Nk’uko vyerekanwa mu Migani 27:​11, Yehova ariko avuga yuko hari ikintu ushobora kumuha, kikaba ari ikintu cotuma aronka ico yishura uwumutuka, ari we Shetani. Ibaze nawe, Segaba w’ijuru n’isi ariko agusaba kugira uruhara mu kwishura ico kibazo gihambaye kuruta ibindi vyose vyigeze kubaho. Ese ukuntu ari ibanga be n’agateka ntangere ufise! Woba ushobora gushitsa ico Yehova ariko agusaba? Yobu yaragishikije (Yobu 2:​9, 10). Na Yezu hamwe n’abandi bantu badaharurwa muri kahise kose, ushizemwo n’abakiri bato benshi, baragishikije (Ab’i Filipi 2:8; Ivyahishuriwe 6:9). Nawe urashobora kugishitsa. Mugabo aho ntiwihende, nta vyo kuba ntahompagaze kuri ico kibazo. Mu vyo ukora, uzokwerekana yuko ushigikiye ibitutsi vya Shetani canke inyishu ya Yehova. None uzoshigikiramwo ikihe?

Yehova arakubabaye

11 Ico uhitamwo cose, hoba hari ico gitwaye koko kuri Yehova? Ntihariho none abantu bahagije bamaze kuguma ari abizerwa kuri we botuma aha Shetani inyishu ibereye? Ego ni ko, Shetani yivugishije yuko ata muntu n’umwe asukurira Yehova abitumwe n’urukundo, kikaba ari ikirego kimaze kugaragara ko ari ikinyoma. Mugabo, Yehova ashaka ko uja ku ruhande rwiwe ku vyerekeye ico kibazo c’ubusegaba kubera ko akubabaye wewe. Yezu yavuze ati: “[Ntibi]kundwa mu nyonga za So wo mw ijuru k’umwe mur’abo bato apfa rubi.”—Matayo 18:14.

12 Urabona rero yuko Yehova ashima kumenya ingendo uhitamwo. N’ikiruta ivyo, iragira ico imukozeko. Bibiliya iratomora yuko Yehova afise inyiyumvo zigera kure, zikaba zikaburwa n’ibikorwa vyiza canke bibi abantu bakora. Nk’akarorero, igihe Abisirayeli bagarariza bisubiriza, Yehova ‘vyaramutuntuje’ (Zaburi 78:​40, 41). Imbere y’uko umwuzure wo mu misi ya Nowa ushika, igihe ‘ibibi vy’abantu vyari vyinshi’, Yehova ‘yaratuntuye mu mutima’ (Itanguriro 6:​5, 6). Iyumvire ico ivyo bisobanura. Hamwe wofata ingendo itari yo, woshobora gutuma Umuremyi wawe yumva atuntuye. Ivyo ntibisobanura yuko Imana igoyagoya canke ko itwarwa n’akanyengetera. Ahubwo, iragukunda kandi irababaye ukumererwa neza kwawe. Ariko rero, igihe ukoze ibigororotse, umutima wa Yehova uranezerwa. Ikimuhimbara, si uko gusa aba aronse iyindi nyishu aha Shetani, ariko kandi ni kubera yuko ico gihe aba ashoboye kuba uwuguha impera. Kandi, ico ni co yipfuza kuba (Abaheburayo 11:6). Urumva ga ntuze ingene Yehova Imana ari Umuvyeyi ufise w’umunyarukundo!

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w04 15/7 21-22

Nukoreshe imigambi yo mu vy’impwemu kugira uninahaze Umuremyi wawe

Rimbura ukuntu Yehova yaremye ijuru. Amajambo ngo “buragoroba, buraca” yerekana ko Yehova yari yashinze ukuntu ibihe vy’irema vyogiye birakurikirana (Itanguriro 1:​5, 8, 13, 19, 23, 31). Mu ntango y’igihe kimwekimwe cose c’irema, yaba azi neza intumbero yiwe canke ico ashaka gushikako kuri uwo musi. Gutyo, Imana yarashikije umugambi wayo wo kurema ibintu (Ivyahishuriwe 4:11). Umwe sekuruza w’imiryango Yobu yavuze ati: “Ico umutima [wa Yehova] ugomvye ni co [a]kora” (Yobu 23:13). Ese ukuntu Yehova ategerezwa kuba yarahimbawe no kwitegereza “ivyo yaremye vyose”, maze akavuga ati: ni “vyiza cane”!—Itanguriro 1:31.

Kugira ngo imigambi yacu iranguke, na twebwe nyene dutegerezwa kuba dufise icipfuzo gikomeye co kuyishikako. Ni igiki kizodufasha gutsimbataza icipfuzo gikomeye nk’ico? N’igihe nyene isi itari bwagire imero kandi ata kintu na kimwe cari bwabe kuri yo, Yehova yarashobora kubona imbere y’igihe ukuntu yohavuye imera: yohavuye iba akabuyenge karyoheye ijisho kari mu kirere, gatuma aninahazwa kandi agaterwa iteka. Na twebwe nyene turashobora gukomeza icipfuzo cacu co kurangura ivyo twishingiye gukora, mu kuzirikana ku bizovamwo be no ku vyiza tuzoronka turamutse dushitse kuri uwo mugambi. Ivyo ni vyo Tony w’imyaka 19 yiboneye. Ntiyigeze yibagira iciyumviro ca mbere yagize igihe yagendera ari bwo bwa mbere ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Buraya bwo mu Burengero. Kuva ico gihe, ikibazo Tony yaguma yibaza cari iki: ‘Mbega yemwe nokwumva merewe gute hamwe noba ahantu nk’aho kandi akaba ari ho nkorera?’. Tony ntiyigeze areka kwiyumvira yuko ashobora kuhakorera, kandi yabandanije kugwa avyuka kugira ashike kuri iryo hangiro. Ese akamwemwe yagize igihe haciye imyaka itari mike yemererwa gukorera kw’ishami!

11-17 KIGARAMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 25-27

«Gutungana ntibisaba ko umuntu aba atagira agasembwa»

it-1 1194 ing. 5

Ugutungana

Yobu. Bishoboka ko Yobu yabayeho inyuma y’urupfu rwa Yozefu n’imbere y’igihe ca Musa. Adondorwa ko yari «umuntu w’umugororotsi [Heb., tam] kandi atunganye, atinya Imana kandi yirinda ikibi.» (Yb 1:1; raba JOB.) Ibijanye n’ugutungana kw’umuntu biri mu bigize ca kibazo kiri hagati ya Yehova Imana na Shetani. Ivyo biragaragarira ku kuntu Imana yabajije uwo mwansi wayo ivyerekeye Yobu igihe Shetani yarengukana n’abandi bamarayika bari bahagaze imbere ya Yehova mw’ijuru. Shetani yarabeshe ku bijanye n’imvo zituma Yobu akorera Imana. Yavuze ko Yobu atakorera Imana kubera yari yarayihebeye ahubwo ko yayikorera kubera imvo z’ubwikunzi. Aho yari avyuye ikibazo ku bijanye n’ugutungana kwa Yobu. Naho Shetani yatumye Yobu atakaza ibintu vyiwe vyose, mbere n’abana biwe, ntiyatumye Yobu atakaza ugutungana kwiwe. (Yb 1:6–2:3) Mu nyuma yaciye avuga ko Yobu yemeye gutakaza ivyo yari atunze hamwe n’abana biwe abigiranye ubwikunzi kugira gusa arokore igufa. (Yb 2:​4, 5) Igihe yafatwa n’indwara ibabaza cane kandi iteye ishishi, n’umugore wiwe akamubwira amajambo yo kumuca intege, abagenzi biwe na bo bakamutora amahinyu bongera bamutuka mu kugoreka ingingo ngenderwako z’Imana n’umugambi wayo (Yb 2:​6-13; 22:​1, 5-11), inyishu Yobu yatanze yarerekanye ko yagumye yumiye ku gutungana kwiwe. Yavuze ati: «Nzorinda mpfa ntarekuye ugutungana kwanje. Nzogumana ubugororotsi bwanje, sinzopfa ndaburekuye. Umutima wanje ntuzokwigera unyagiriza igihe cose nzoba nkiriho.» (Yb 27:​5, 6) Kuba yagumanye ugutungana, vyarerekanye ko Shetani ari umubeshi.

w19.02 3 ing. 3-5

Nugumane ugutungana kwawe!

3 Abasavyi ba Yehova bagaragaza gute ugutungana? Ni mu kumukunda n’umutima wabo wose, bakamwihebera baherejeko maze mu ngingo zose bafata bagashira imbere ivyo agomba. Rimbura amakuru amwamwe yo muri Bibiliya yodufasha kubitahura. Muri Bibiliya, ijambo ryahinduwe ngo “gutungana” risobanura: gukwira, kutagira agahonzi canke kwuzura. Nk’akarorero, mw’itegeko ryasaba Abisirayeli guha Yehova ibimazi vy’ibikoko, basabwa gutanga ibitagira agahonzi. (Lew. 22:​21, 22) Ntibari bemerewe gutanga igitungwa kitagira ukuguru, ugutwi canke ijisho canke ngo batange ikirwaye. Yehova yasaba ko kiba ikitagira agahonzi canke agahaze. (Mal. 1:​6-9) Ni kubera iki none Yehova yitwararika ko ikintu kiba ikitagira akanenge? Iyo tuguze ikintu, caba ari icamwa, igitabu canke ikindi gikoresho, ntitugura icononekaye, igifise intoboro canke ikiri n’ivyo gihajije. Tuba twipfuza igikwiye, kitagira agahaze. Na Yehova abona ibintu muri ubwo buryo nyene. Yipfuza ko urukundo rwacu n’ukudahemuka kwacu biba ibikwiye, bitagira agahaze.

4 Twoba none dukwiye kwiyumvira ko tubwirizwa kuba abatagira agasembwa kugira tugumane ugutungana? Habe namba. Nkako, turi abanyagasembwa kandi dukora amakosa menshi. Rimbura imvo zibiri zotuma tutiyumvira gutyo. Ubwa mbere Yehova ntiyibanda ku makosa yacu. Ijambo ryiwe rigira riti: “Iyaba amakosa ari yo ugumizako ijisho, ewe Ya, ewe Yehova, ni nde yohagaze?” (Zab. 130:3) Arazi ko tudatunganye be n’uko turi abacumuzi, maze akatubabarira abigiranye ubuntu. (Zab. 86:5) Ubwa kabiri, Yehova arazi ko turi n’aho tugeza, akaba atatwitegako ivyo tudashoboye. (Soma Zaburi 103:​12-14.) None dushobora gute kuba abatagira agahaze mu maso yiwe?

5 Urukundo ni rwo rudufasha kugumana ugutungana kwacu. Urwo dukunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru be n’ukuba twaramwihebeye duherejeko bikwiye kuguma bitagira agahaze. Iyo urukundo rwacu rugumye rukomeye n’igihe turi mu bigeragezo, biragaragaza ko turi intahemuka. (1 Ngo. 28:9; Mat. 22:37) Dusubire twihweze ivyerekeye vya Vyabona batatu twabona. Kubera iki bavyifashemwo ukuraho? Urya mwigeme yoba adakunda kuryoherwa kw’ishure? Urya muhungu yoba ashaka ko bamumaramaza adodoye? Urya mugabo we yoba yipfuza gutakaza akazi? Habe namba. Ahubwo ni kubera batahura ko Yehova afise ingingo ngenderwako zigororotse, bakaba barajwe ishinga no gukora ibimuhimbara. Urukundo bamukunda rutuma bamushira imbere mu ngingo bafata, gutyo bakaba berekanye ko ari intahemuka.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w16.11 9 ing. 3

Dutunganijwe hisunzwe Ijambo ry’Imana

3 Ivyaremwe birerekana ko Imana ari Ruheta mu gutunganya ibintu. Bibiliya ivuga iti: “Yehova mu bukerebutsi bwiwe yarashimangiye umushinge w’isi. Yarashinze amajuru araguma, akoresheje ugutahura.” (Imig. 3:19) Ivyo tuzi ni ‘udusunwa gusa tw’inzira z’Imana,’ kandi “ivyo twumva ku biyerekeye [ni] utwongoshwe gusa.” (Yobu 26:14) Ariko ntiwumve, ibintu bikeyi tuzi ku vyerekeye imibumbe, ibinyenyeri be n’ibigwibigwi vy’ibinyenyeri biratuma twemera ko ivyo bisyo vyo mu kirere birimwo urutonde rw’akumiza. (Zab. 8:​3, 4) Ikigwi c’ibinyenyeri kimwe gusa usanga kirimwo ibinyenyeri amamiliyoni n’amamiliyoni, vyose bikaguma bizunguruka mu kirere ku rutonde rudasanzwe. Nk’akarorero, ese ingene imibumbe izunguruka izuba iguma yisunga inzira zayo, nk’aho umengo ikurikiza amategeko y’ibarabara mu bwitonzi ntangere! Mu vy’ukuri, urutonde rusiga ubwenge twibonera mu vyaremwe ruratuma tubona ko Yehova, Umwe yahingura ijuru n’isi abigiranye ugutegera, abereye ko tumusenga kandi tukamushemeza tudahemuka.—Zab. 136:​1, 5-9.

18-24 KIGARAMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 28-29

«Woba uzwi neza nka Yobu?»

w02 1/6 rup. 20 ing. 19

Nugaragarize Ubuntu-Mvarukundo Abari n’Ivyo Bakeneye

19 Inkuru zo muri Bibiliya twaciye irya n’ino zirashimika kandi ku vy’uko ubuntu-mvarukundo bukwiye kugaragarizwa abari n’ivyo bakeneye badashoboye kwironsa ubwabo. Kugira ngo umuryango wa Aburahamu ubandanye kurondoka, yari akeneye ko Betuweli abimufashamwo. Kugira ngo ikiziga ciwe gitwarwe i Kanani, Yakobo yari akeneye gufashwa na Yozefu. Kandi kugira ngo aronke samuragwa, Nawomi yari akeneye gusahirizwa na Rusi. Yaba Aburahamu, Yakobo canke Nawomi, nta numwe yari gushobora gushitsa ivyo vyari bikenewe ata wubafashije. No muri iki gihe, ubuntu-mvarukundo bukwiye kugirirwa canecane abari n’ivyo bakeneye. (Imigani 19:17) Dukwiye kwigana umwe sekuruza w’imiryango Yobu, we yitwararika “impahazwa itakamba, . . . n’impfuvyi itagira gitabara” hamwe n’“umugorwa.” Yobu kandi ‘yaranezereza umutima w’umupfakazi’ akongera akaba ‘amaso y’impumyi n’ibirenge vy’uwucumbaragira.’—Yobu 29:​12-15.

it-2 1144 ing. 10

Inyambaro

Inyambaro irakoreshwa no mu bundi buryo bwinshi bw’ikigereranyo. Kurya nyene umwambaro w’akazi canke ivyambarwa bidasanzwe vyerekana ko umuntu ari umunywanyi w’ishirahamwe kanaka canke ashigikiye umugwi kanaka, n’inyambaro irakoreshwa muri Bibiliya mu buryo bw’ikigereranyo mu kudondora umuntu ifatiye ku mpagararo yiwe n’ivyo akora. Ivyo birabonekera mu kigereranyo Yezu yatanze c’ivyambarwa vy’umugeni. (Mt 22:​11, 12; raba COIFFURE; SANDALE.) Mu Vyahishuwe 16:​14, 15, Umukama Yezu Kristu arerekana akaga kari mu gusinzira mu buryo bw’impwemu no kwiyambura akaranga ko kuba icabona co kwizigirwa c’Imana y’ukuri. Ivyo vyoshobora gutera ingorane buca ya «ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose» iba.

w09 1/2 15 ing. 3-4

Izina riba rifise insobanuro

Si twe twihitiyemwo izina twahawe igihe twavuka. Ariko rero, ni twebwe ubwacu dushinga ukuntu abandi batubona. (Imigani 20:11) Ubona gute wibajije uti: ‘Hamwe Yezu canke intumwa ziwe boronka akaryo ko kumpitiramwo izina, bonyita ngw’iki? Izina ribereye ryodondora kamere yiganje muri jewe canke ukuntu nzwi, ryoba irihe?’

Turakwiye kuzirikana kuri ico kibazo ata gufyina. Uti kubera iki? Umwami w’inkerebutsi Salomo yanditse ati: “Izina ni iryo guhitamwo kuruta ubutunzi bugwiriye.” (Imigani 22:​1, NW) Ata gukeka, igihe twihesheje izina ryiza mu kibano, ni ukuvuga igihe tuvugwa neza, tuba turonse ikintu c’agaciro cane. Ariko rero igihambaye kuruta, twihesheje izina ryiza ku Mana, turaronka ubutunzi buramba. Uti gute? Imana isezerana yuko izokwandika mu ‘gitabu cayo c’icibutso’ amazina y’abayitinya, kandi izobaha icizigiro c’ubuzima budahera.—Malaki 3:16; Ivyahishuwe 3:5; 20:​12-15.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

g00 8/7 11 ing. 3

Kumwenyura birafise akamaro

Kumwenyura vyoba vy’ukuri bifise akamaro? Woba wibuka igihe umuntu yakumwenyuriye maze bigatuma wumva uruhuriwe canke umerewe neza? Canke na ho woba wibuka igihe wabura uwukumwenyurira maze bigatuma ubabara canke wumva umenga ntibakwitaho? Emwe, kumwenyura birafise akamaro. Biragira ico bikoze ku wumwenyuye no ku wo bamwenyuriye. Umuntu avugwa muri Bibiliya yitwa Yobu yabwiye abamurwanya ati: «Iyo ndabatwengeye, babona ko ari iteka ntangere. Babonye mpimbawe mu maso vyarabahumuriza.» (Yobu 29:24) Ukwo “guhimbarwa” mu maso kwa Yobu, gushobora kuba kwerekana ko akeye canke anezerewe.

25-31 KIGARAMA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | YOBU 30-31

«Ingene Yobu yagumye atanduye»

w10 15/4 21 ing. 8

Nuhindukize amaso yawe woye kuraba ibitagira ikimazi!

8 Abakirisu b’ukuri ntibatewe urucanco rubakingira icipfuzo c’amaso n’ic’umubiri. Ni co gituma Ijambo ry’Imana rituremesha kwicungera mu bijanye n’ivyo turaba be n’ivyo ducambirwa. (1 Kor. 9:​25, 27; soma 1 Yohani 2:​15-17.) Wa mugabo w’umugororotsi Yobu yaratahura isano rikomeye riri hagati yo kuraba no kwipfuza. Yavuze ati: “Nasezeranye isezerano n’amaso yanje; none noshobora nte gushira ijisho ku mwigeme?” (Yobu 31:1) Uretse ko Yobu yanka gukora ku mugore mu buryo burangwa ubuhumbu, ntiyareka mbere ngo umuzirikanyi wiwe ugire iciyumviro nk’ico. Yezu yarashimitse ku vy’uko dutegerezwa kurinda umuzirikanyi wacu ivyiyumviro vy’ubuhumbu igihe yavuga ati: “Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.”—Mat. 5:28.

w08 1/9 11 ing. 4

Niwiyumvire ivyerekeye “iherezo”

Imbere yo gutera intambwe ya mbere mu nzira nk’iyo, niwibaze uti: ‘Ibi biza kunshikana hehe?’ Gufata umwanya wo kuzirikana kw’“iherezo” rishobora kugushikira vyoshobora kuba bihagije kugira ngo bikurinde gufata ingendo yovamwo ingaruka zibabaje. Umugera wa SIDA be n’izindi ndwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka, gutwara inda utabishaka, gukorora inda, kwononekara kw’ubucuti wari ufitaniye n’abandi be no kugira ijwi ryo mu mutima rikwagiriza ikibi, ni vyo bintu bishikira abahitamwo kwirengagiza ingabisho Imana itanga. Iherezo ry’abantu bafata inzira y’ubuhumbu riravugwa mu buryo butomoye n’intumwa Paulo uwagize ati: “[Ntiba]zotorana ubwami bw’Imana.”—1 Abakorinto 6:​9, 10.

w10 15/11 6 ing. 15-16

Rwaruka, nimuyoborwe n’Ijambo ry’Imana

15 Wibaza yuko ari ryari ukudahemuka ku Mana kwawe kuzorushiriza kugeragezwa? Ni igihe uri kumwe n’abandi canke ni igihe uri wenyene? Mu bisanzwe igihe uri kw’ishure canke ku kazi, birashoboka rwose ko uba witeguriye kwirwanira mu vy’impwemu. Uba uri maso ku bintu vyoshobora kukugirira nabi mu vy’impwemu. Igihe uriko urisamaza ukaba utarikanuye, urarushiriza kworohera igitero kije kigeramira inyifato runtu yawe.

16 Ni kubera iki ukwiye kwipfuza kugamburukira Yehova mbere n’igihe uri wenyene? Niwibuke iki kintu: Urashobora kubabaza Yehova canke kunezereza umutima wiwe. (Ita. 6:​5, 6; Imig. 27:11) Ivyo ukora biragira ico bikoze kuri Yehova kubera ko ‘akubabara.’ (1 Pet. 5:7) Yipfuza ko umwumviriza kugira ngo uhungukire. (Yes. 48:​17, 18) Igihe bamwebamwe mu basavyi ba Yehova bo muri Isirayeli ya kera baba birengagije impanuro ziwe, vyaramubabaza. (Zab. 78:​40, 41) Ariko rero, Yehova yarakunda cane umuhanuzi Daniyeli, kubera ko umumarayika umwe yamwise ‘umuntu ahimbaye cane.’ (Dan. 10:11) Uti kubera iki? Daniyeli yaguma ari intahemuka ku Mana atari gusa igihe yaba ari mu bantu mugabo n’igihe yaba ari wenyene.—Soma Daniyeli 6:10.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 15/11 11 ing. 3

Ubuhanga bwo gutega ugutwi ubigiranye urukundo

Abagenzi ba wa mugabo Yobu barumvirije insiguro ziwe zitari munsi ya cumi. Ariko ico nticabujije ko Yobu avuga ngo: “Icompa hakagira ūnyumviriza!” (Yobu 31:35). Kubera iki? Kubera yuko naho bamwumvirije, bitamwiruye na gato. Ntibitayeho Yobu canke ngo batahure ukuntu yiyumva. Mu vy’ukuri, ntibumviye akagongwe mugenzi wabo mu kumutega ugutwi babigiranye impuhwe. Yamara, intumwa Petero aduhanura ati: “Mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima” (1 Petero 3:8). Dushobora gute kwerekana ko tubabara uwundi? Uburyo bumwe, ni mu kwerekana ko twitwararika ukuntu yiyumva kandi tukagerageza kumutahura. Kuvuga amajambo aranga impuhwe nk’aya ngo “ivyo bitegerezwa kuba vyari bibabaje yemwe”, canke ngo “utegerezwa kuba wiyumvisemwo ko watahuwe ukutariko”, ni uburyo bumwe bwo kwerekana ko tumwitwararika. Ubundi buryo dushobora kwerekana ko twitwararika nya muntu ni ugusubiramwo ivyo yavuze mu majambo yacu bwite, gutyo tukaba tumweretse ko twatahuye ivyo yavuze. Gutega ugutwi tubigiranye urukundo ntibisobanura gusa gutega yompi ivyo avuga, ariko kandi bisobanura kugerageza kubona uburyo yiyumva dufatiye ku vyo avuga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika