ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 9
  • Impuhwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impuhwe
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Yezu yakoze
  • Twigira iki kuri Yezu?
  • Niwigane Yezu
  • Kugaragaza impuhwe
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2021
  • Nugaragaze impuhwe
    Be maso!—2020
  • «Bimutera ikigongwe»
    “Ingo unkurikire”
  • Umutima mwiza
    Nukunde abantu ubahindure abigishwa
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 9

GUKURIKIRANA ABASHIMISHIJWE

Yezu n’abigishwa biwe bavuye mu bwato baja mw’isinzi ry’abantu ribarindiriye ku nkengera.

Mrk. 6:​30-34

ICIGWA CA 9

Impuhwe

Icanditswe c’ishimikiro: «Munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.»—Rom. 12:15.

Ivyo Yezu yakoze

Yezu n’abigishwa biwe bavuye mu bwato baja mw’isinzi ry’abantu ribarindiriye ku nkengera.

IVIDEWO: Yezu yumvira impuhwe isinzi

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Mariko 6:​30-34. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1. Ni kubera iki Yezu n’intumwa ziwe bipfuza “kuba bonyene”?

  2. Ni igiki catumye Yezu yigisha isinzi?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Impuhwe ziratuma twitwararika abandi, aho kwitwararika inkuru nziza gusa.

Niwigane Yezu

3. Nutege ugutwi witonze. Nureke umuntu aserure iryo agona. Ntumuciremwo canke ngo wirengagize uko yiyumva, ibimuraje ishinga n’ivyo atemera. Iyo umwumvirije witonze, uba umweretse ko witaho ivyo yiyumvira.

4. Nuzirikane ivyo uwo umuntu akeneye. Wisunze ibiyago mugiranira, niwibaze uti:

  1. “Kubera iki akeneye kumenya ukuri?”

  2. “Kwiga Bibiliya bishobora gute gutuma arushiriza kubaho neza no kugira kazoza keza?”

5. Nuvuge ibintu vyoshobora kumufasha. Numwereke udatebaganye ukuntu kwiga Bibiliya bishobora kwishura ibibazo afise n’ukuntu vyomufasha mu buzima bwa misi yose.

NURABE KANDI

Rom. 10:​13, 14; Flp. 2:​3, 4; 1 Pet. 3:8

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika