ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/1 rup. 22-24
  • Ivyo Yehova avuga imbere y’igihe biraranguka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo Yehova avuga imbere y’igihe biraranguka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Amahanga ya kera
  • Amakuru y’ido n’ido atangaje
  • Igitabu wokwizigira—Igice ca 5
    Be maso!—2011
  • Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Niwige ubuhanuzi bwo muri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Ubwami bw’Imana buraganza
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/1 rup. 22-24

Ivyo Yehova avuga imbere y’igihe biraranguka

‘NI JEWE Mana, nta yindi; ni jewe Mana, nta yindi duhwanye. Mpera kw’itanguriro nkavuga ivy’iherezo, ngahera no mu bihe vya kera nkavuga ibitaraba’ (Yesaya 46:9, 10). Ukwo ni ko Yehova agira, umwe ashoboye kuvuga ivya kazoza ata kwihenda.

Birazwi ko ata muntu ashoboye kuvuga ivya kazoza ata kwihenda. Kuba Bibiliya ari igitabu c’ubuhanuzi, birakwiye rero gutuma abantu bose barondera ukuri bavyurirwa umutima wo kuyisuzuma bitonze, ngo barabe ko ivyo ivuga yuko ikomoka ku Mana ari ivy’ukuri. Nimuze dusuzume ubuhanuzi bumwebumwe bwo muri Bibiliya bwamaze kuranguka.

Amahanga ya kera

Imana yari yaravuze imbere y’igihe ko Babiloni, Edomu, Mowabu na Amoni vyosanganguwe ubutagisubira kubaho (Yeremiya 48:42; 49:17, 18; 51:24-26; Obadiya 8, 18; Zefaniya 2:8, 9). Kuba ayo mahanga atandukanye yarazimanganye, birerekana ko Ijambo ry’ubuhanuzi ry’Imana ritagiramwo amakosa.

Ego ni ko, hari uwoharira avuga ko umuntu uwo ari we wese ashobora kuvuga yuko ihanga rinaka, naho ryoba rikomeye, amaherezo rizozimangana. Ariko rero, umuntu yoshikiriza ico ciyumviro yoba yiyobagije ikintu gihambaye kijanye n’uko Bibiliya yatanze n’amakuru ashika kure. Nk’akarorero, yaratanze amakuru agera kure yerekana ukuntu igisagara ca Babiloni cotembagajwe. Bibiliya yari yaravuze imbere y’igihe ko ico gisagara cokwigaruriwe n’Abamedi, ko ingabo zene gutera zoyobowe na Kuro, kandi ko inzuzi zigikingiye zokamijwe.​—Yesaya 13:17-19; 44:27–45:1.

Bibiliya ntiyavuga ko igihe cose ihanga ritsinzwe ryociye rizimangana buhere. Ahubwo, igihe Imana yamenyesha imbere y’igihe ko Yeruzalemu yotembagajwe n’Abanyababiloni, yavuze ko ico gisagara cosubiye kwubakwa, naho Abanyababiloni batakunda kurekura abo baba batwaye inyagano (Yeremiya 24:4-7; 29:10; 30:18, 19). Ivyo vyararangutse, maze abakomoka ku Bayuda barabandanya kubaho bagize ihanga rizwi gushika n’uyu musi.

N’ikindi kandi, Yehova yari yaravuze imbere y’igihe yuko Misiri, iyari inganji nganzasi, yotembagajwe, mugabo ko “hanyuma y’ivyo muri Egiputa . . . [hosubiye] kubamw’abantu, nk’uko hamye mu misi ya kera”. Mu nyuma, iyo nganji ya kera yobaye “ubgami bg’inkēngērwa” (Yeremiya 46:25, 26; Ezekiyeli 29:14, 15). Ivyo na vyo nyene vyararangutse. Vyongeye, Yehova yari yaravuze imbere y’igihe ko Ubugiriki, ubwari inganji nganzasi, bwotembagajwe, ariko ntiyigeze avuga ko iryo hanga ritosubiriye kubaho. Ni ibiki none twigira ku kuzimangana kw’amahanga Yehova yari yaravuze imbere y’igihe ko yosanganguwe buhere, be no ku kuba ayo atavuze ko yosanganguwe akiriho? Ico tuhigira ni iki: Ijambo ry’Imana ririmwo ubuhanuzi bw’ukuri kandi bwo kwizigirwa.

Amakuru y’ido n’ido atangaje

Nk’ukwo vyamaze kuvugwa, Yehova yaravuze imbere y’igihe ibintu vyinshi vy’ido n’ido bijanye n’ukuntu Babiloni yotemvye. Mu buryo busa n’ubwo, mu kwerekana imbere y’igihe ukuntu igisagara ca Tiro cotemvye, igitabu ca Ezekiyeli cavuze ko amabuye, ibikozwe mu biti be n’umukungugu vyo muri ico gihugu vyoshizwe “mu kiyaga” (Ezekiyeli 26:4, 5, 12). Ubwo buhanuzi bwarangutse mu 332 B.G.C. igihe Alegizandere Mukuru yategeka ingabo ziwe gukoresha ibisigarira vy’igisagara c’imusozi, icari cafashwe, kugira ngo zironke inzira ishika ku gice ca Tiro co mu kiyaga, icahavuye na co nyene gifatwa.

Ubuhanuzi buri muri Daniyeli 8:5-8, 21, 22 n’ubwo muri Daniyeli 11:3, 4 na bwo nyene buravuga ibintu vy’ido n’ido bitangaje bijanye n’“umwami w’i Bugiriki” ahambaye bimwe bidasanzwe. Uwo mutware yokwishwe igihe yobaye akomeye cane, kandi ubwami bwiwe bwociye bugaburwamwo kane, mugabo ntibwogabanganijwe n’abo mu ruvyaro rwiwe. Haheze imyaka irenga 200 ubwo buhanuzi bwanditswe, vyaragaragaye ko Alegizandere Mukuru ari we yari uwo mwami ahambaye. Inkuru za kahise zitari izo muri Bibiliya zitubwira ko urupfu rwamukubiranije, be n’uko amaherezo inganji yiwe yagabanganijwe n’abajenerali biwe bane, bakaba batari abo mu ruvyaro rwiwe.

Abihweza utuntu n’utundi bavuze ko ubwo buhanuzi butegerezwa kuba bwanditswe ivyo buvuga bimaze kuba. Ariko rero, reka dusubire kwihweze iyo nkuru twamaze kuvuga dusanga mu gitabu ca Daniyeli. Igihe tuyihweje mu buryo bw’ubuhanuzi, amakuru y’ido n’ido itanga dusanga adasanzwe. Mugabo igihe tuyihweje nk’inkuru yitirirwa ko ari ubuhanuzi, ubwo ntibica bigaragara ko isa n’iyidatanga amakuru y’ido n’ido? Nimba hari umwangushi yabayeho inyuma ya Alegizandere yariko aragerageza kujijura abasomyi akoresheje inkuru yinaka yafashwe ko ari ubuhanuzi, ni kubera iki aterekanye ingene vyogenze ubwo nyene inyuma y’urupfu rwa Alegizandere, ko babiri mu bahungu biwe bogerageje gutwara mugabo bakaba bokwishwe? Ni kubera iki atavuze ko vyotwaye imyaka mirongo kugira ngo ba bajenerali bose uko ari bane bigarurire ibice bitandukanye vya ya nganji ya Alegizandere? Ni kubera iki none atavuze izina ry’uwo mwami ahambaye be n’ay’abo bajenerali biwe bane?

Iciyumviro c’uko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwanditswe ivyo buvuga bimaze kuraguka, kiramaze igihe kirekire cemezwa mugabo kidashobora gutangirwa ibimenyamenya. Ico ciyumviro cemezwa n’abantu bapfuye gushika ku ciyumviro c’uko kuvuga imbere y’igihe ibintu bizoba muri kazoza bidashoboka, ivyo bakaba babigize batabanje gusuzuma ibimenyamenya vy’ubwo buhanuzi. Kubera yuko banka kwemera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, basanga babwirizwa kurondera gusigura ikintu cose bafatiye ku kuntu umuntu abona ibintu. Ariko rero, Imana ibigiranye ubukerebutsi yarahumetse ubuhanuzi burimwo ibintu vy’ido n’ido bihagije kugira ngo yerekane ko ari yo bukomokakoa.

Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya burashobora gukomeza ukwizera kwawe hamwe wofata umwanya wo kuzirikana ku buhanuzi bunaka be no ku kuntu bwarangutse. Ubona gute wiyigishije ubuhanuzi bwo muri Bibiliya? Ibicapo biri ku rupapuro rwa 343 gushika ku rwa 346 mu gitabu “Toute Écriture est inspirée de Dieu et utile” vyoshobora kugira ico bigufashije muri uwo muceb. Nimba uhisemwo gukurikiza iyo nama ugiriwe, niwige ubwo buhanuzi ufise intumbero yo gukomeza ukwizera kwawe. Ntiwihutagize kugira ngo umare amayagwa gusa, ahubwo nyabuna, nuzirikane ku kuntu ikintu cose Yehova avuga kiranguka ata kwihenda.

[Utujambo tw’epfo]

a Nimba ukeneye ayandi makuru abeshuza abavuga ko ubwo buhanuzi bwo muri Bibiliya bwanditswe ivyo buvuga bimaze kuba, raba igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? ku rupapuro rwa 106-111, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiroe on page 24]

INGINGO NGENDERWAKO ZIJANYE N’UBURYO BWO KUBAHO

Raba ikindi ciyumviro co kuzirikanako. Iyo Mana yavuze ata makosa ibijanye n’uguhaguruka be n’ugutemba kw’inganji nganzasi, ni yo Soko ry’ingingo ngenderwako ziri muri Bibiliya zijanye n’uburyo bwo kubaho. Zimwe muri izo ni izi:

Ico ubiba ni co wimbura.​—Abagalatiya 6:7.

Gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa.​—Ibikorwa 20:35.

Umuntu agira agahimbare igihe aronse ivyo akeneye mu vy’impwemu.​—Matayo 5:3.

Ushize izo ngingo ngenderwako mu ngiro mu buzima bwawe, urashobora kwizigira udakeka ko uzogira agahimbare ukongera ukaroranirwa.

[Amafoto ku rup. 22, 23]

Ijambo ry’Imana ryaravuze imbere y’igihe ibijanye n’uguherengetera kw’aya mahanga . . .

EDOMU

BABILONI

. . . ariko ntiryavuze ko aya azoherengetera

UBUGIRIKI

MISIRI

[Abo dukesha amafoto]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.

Ifoto ya OMS yafashwe na Edouard Boubat

[Ifoto ku rup. 23]

Alegizandere Mukuru

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika