URURIRIMBO RWA 107
Akarorero Imana yatanze k’urukundo
Integuro icapuwe
1. Yehova ni we karorero keza
Twoguma twisunga.
Yarerekanye ko kubera natwe
Tuvukana, twokundana.
Yatanz’Umwana wiwe w’ikinege
Ngo duharirwe, bitwonger’intege
Naho tutoca turiramwo mbege.
Urwo koko ni rwo rukundo.
2. Dufatiy’aho, gukundana cane
Bizoza ningoga.
Tuzokundana tutihitiramwo
Abo twumva ko twokunda.
Gukund’Imana be n’abavukanyi
Tubigumize mu muzirikanyi
Ek’udusembwa ntitub’intambamyi.
Urukundo rub’urukundo.
3. Urwo rukundo ni rwo ruduhuza
Tukama tubana
Nko mu muryango, kukw’itubwir’iti:
“Honje mwumve, ni bwo bumwe.”
Ijambo ryayo be n’impwem’itanga
Bitum’ari rwo rwama ruturanga.
No mw’ishengero ni rw’uzohasanga.
Egom’urwo ni rwo rukundo.
(Raba kandi Rom. 12:10; Ef. 4:3; 2 Pet. 1:7.)