Igihe uruyoya rwawe ruguma rurira
VYASHIKIRIJWE N’UMWANDITSI WA BE MASO! MURI KANADA
MUGANGA yaremeje ivyo nyina w’umwana yari amaze kwikeka. Uruyoya rwiwe rwararumatwa. Iyo ndwara ifata “nk’umwana umwe kuri bane”. Ivyo bivugwa n’ikinyamakuru kimwe (Globe and Mail) co muri Kanada. Ibimenyetso vy’iyo ndwara bibonekera ku kuntu umwana amara amasaha nk’angahe arira n’imiburiburi imisi itatu mu ndwi. None umuvyeyi yahagaritse umutima yogira iki? Abaganga b’abana bavuga yuko akatari gake abavyeyi hamwe n’umwana, borindira gusa bikijana. Mugabo none borindira igihe kingana iki?
Itohoza riherutse kugirwa muri Kanada ku bavyeyi bafise inzoya zirumatwa, ryerekana yuko ibice birenga 85 kw’ijana vy’inzoya zirumatwa, ukwo kurumatwa guhera zishikanye amezi atatu. Ubushakashatsi bwagizwe na Dogoteri Tammy Clifford ajejwe ivy’indwara z’ibiza ku Bitaro vy’abana bikukira Urwego rugira ubushakashatsi rwo mu Buseruko bwa Ontario, bwahishuye kandi yuko inabibondo afise uruyoya rurumatwa ata ngaruka bigira ku magara yo mu mutwe y’uwo muvyeyi. Dogoteri Clifford avuga ati: “Inyuma y’amezi atandatu umwana avutse, abo ba inabibondo usanga bameze kimwe n’abandi badafise abana barumatwa. Ni nk’aho baca bavyibagira ukurira kumaze guhera”.
Ku bijanye n’ubwo bushakashatsi buherutse kugirwa na Dogoteri Clifford be n’abo bakorana, ico kinyamakuru kivuga yuko “bwongera utundi tuntu duhambaye ku vyo siyansi imaze gushikako ku vyerekeye ukurumatwa, kubera bwerekana yuko uburyo inzoya zirumatwa buri gutatu: hari izirumatwa hanyuma bigahera nko mu kiringo c’amezi atatu; hari izibandanya kurumatwa mu kiringo c’amezi nk’angahe bidatezura; hamwe n’umugwi mutoyi w’izidashoka zirumatwa, ni ukuvuga zirumatwa haciye amezi makeyi zivutse”. Hari irindi tohoza ririko riragirwa ku bijanye n’ukuntu abana barumatwa uko bagenda barakura, kandi uwo mugwi duherejeko ni wo canecane bashaka kumenya ivyawo.
Ukurira ubudahorereza bivugwa ko bitumwa n’uko uruyoya ruba rwacekanguwe. Nk’uko bivugwa n’ico kinyamakuru, “ukurira ubwavyo nta co bigira umwana, mugabo gucekangura cane uruyoya, naho hoba ari mu kanya gatoyi, birashobora gutuma ubwonko bwononekara ubutakivayo mbere bikanatuma rupfa”.
Ku rundi ruhande, ukurira kw’umwana kurashobora kuba kwiza, naho kwoba ari ukurira kudahera. Ico kinyamakuru kivuga giti: “Ubushakashatsi bwarerekanye yuko abana bakunda kurira ku bwa ngingo bitwararikwa cane n’abababungabunga, mu kurushiriza kubakuyakuya, kubamwenyurira, kubaganiriza eka mbere no kubagumbira”.