Udukuru tw’irya n’ino
“Mu ntango z’umwaka wa 2011, kw’isi yose hari abantu 5.400.000.000 bakoresha telefone ngendanwa.”—UN CHRONICLE, AMERIKA.
Mu myaka cumi iheze, “ivyago vy’ivyaduka vyahitanye abantu barenga 780.000, hafi ibice 60 kw’ijana vyabo bakaba bahitanywe na vya nyamugigima.”—THE LANCET, UBWONGEREZA.
“Mu myaka 20 iheze, Abarusiya hafi 800.000 bariyahuye.”—ROSSIISKAYA GAZETA, UBURUSIYA.
Mu gihugu ca Filipine aho ukwahukana kutemewe, abagore benshi bafise imyaka iri hagati ya 15 na 49 usanga “bibanira n’abagabo mu buryo butemewe n’amategeko. [Igitigiri cabo] cariyongereye incuro zirenga zibiri hagati ya 1993 na 2008.”—THE PHILIPPINE STAR, FILIPINE.
Muri Republika ya Jeworojiya, “ibice [nka 80] kw’ijana vy’abanyagihugu baho . . . barashikirwa n’ingaruka z’umwotsi w’itabi batanyoye.” Ku murwa mukuru Tbilisi, “[hafi ibice 88] kw’ijana vy’abana barabangamiwe n’izo ngaruka.”—TABULA, JEWOROJIYA.
Ingenzi zija kwivuriza muri Aziya
Abarwayi benshi bo mu mihingo itandukanye y’isi baraja mu mahanga kugira bashobore kuvurwa mu buryo bwiza, akenshi bakariha amahera makeyi ugereranije n’ayo borishe iwabo. Ikinyamakuru kimwe (Business World) kivuga yuko mu 2015, igihugu ca Filipine citeze kwakira umuliyoni w’ingenzi zije kwivuza, ico gitigiri nyene kikaba ari co Koreya y’Epfo yiteze mu 2020. Ubuhindi, Maleziya, Singapour na Tayilande na vyo nyene ni ibihugu bihurumbirwa. Abajayo si Abanyaburaya gusa barondera kwivuza indwara zo mu ngingo n’uruti rw’umugongo be n’iz’umutima. Congerako yuko hari n’Abashinwa benshi bajayo kwibagisha kugira bahinduke ‘base n’abantu ba rurangiranwa,’ bakagenda bitwaje amafoto y’abo bantu.
Imigere ibiri ntitereka
Ubuhinga bwa none akenshi busaba abakozi gukorera icarimwe ubuzi bugoye bubiri canke burenga, muri uwo mwanya nyene bakaza barishura ibibazo. Ariko rero, uwitwa Clifford Nass, umuyobozi w’ikigo kimwe c’ubushakashatsi (Communication Between Humans and Interactive Media Laboratory) kuri Kaminuza y’i Stanford muri Amerika, avuga ko “abakozi bakora ibintu vyinshi icarimwe usanga babikora nabi.” Bivugwa yuko abo bantu akenshi usanga bata umutwe, bagasamazwa n’ubusa, ntibiyumvire bihagije, bigaca bituma ibintu bihambaye bibacika. Nass rero ahanura ati: “Igihe utanguye igikorwa, nucitunireko iminuta 20 ata kindi ubangikanije. Ivyo biragufasha kudasamara no kwiyumvira bihagije.”