Umuryango
Yehova ni we yatanguje umuryango
Abavyeyi
Raba «Abavyeyi»
Sebibondo
Raba «Sebibondo»
Inabibondo
Raba «Inabibondo»
Abagabo, abagore
Raba «Umubano w’ababiranye»
Abahungu n’abakobwa
Abana basabwa iki mu muryango?
Kubera iki abana bakwiye kwumvira abavyeyi babo?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Zb 78:1-8—Abisirayeli bariganira abana babo ivyo ba sekuruza bakoze kugira ngo abo bana bizigire Imana ntibagararize
Lk 2:51, 52—Naho Yezu yari atunganye, yagumye agamburukira abavyeyi biwe badatunganye igihe yari akiri muto
Kubera iki abana bishobora kubagora kwubaha abavyeyi babo?
Imana ibona gute abana bagarariza?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Gus 21:18-21—Amategeko ya Musa yahanisha urupfu umwana w’imborerwa, intagondwa n’umugarariji yanka guhanurwa
2Bm 2:23, 24—Igihe abana b’abahungu bacokora umuhanuzi Elisha bagasuzugura bimwe vyeruye uwo muntu yaserukira Imana, benshi muri bo barishwe n’idubu zibiri
Abavyeyi bakwiye kubona gute ibanga ryo kurera abana babo?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
Lw 26:9—Abisirayeli babona ko abana ari umuhezagiro wa Yehova
Yb 42:12, 13—Kubera ko Yobu yagumye ari intahemuka, Yehova yamuhaye we n’umukenyezi wiwe abandi bana cumi
Abavukana bofatana gute mu buryo butera iteka Yehova?
Ni ibanga irihe abana bakuze bajejwe ku bijanye n’abavyeyi babo, ba sekuru na ba inakuru?
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
It 11:31, 32—Igihe Aburahamu yava mu gisagara ca Uri, yagiye ajanye na se Tera, aramwitwararika gushika apfuye
Mt 15:3-6—Yezu yarakoresheje amategeko ya Musa mu kwerekana ko abana bakuze bakwiye kuronsa abavyeyi babo ivyo bakeneye
Ab’iwabo n’uwo mwubakanye
Raba «Ab’iwabo n’uwo mwubakanye»
Sokuru na nyokuru
Raba «Sokuru na nyokuru»