ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/10 rup. 5
  • Imana itunganya kurokora abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana itunganya kurokora abantu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Imana yasezeranye biciye ku ntumwa zayo
    Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
  • Mesiya! ni we Imana ikoresha kugira ngo iturokore
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Twabonye Mesiya”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Bararindiriye Mesiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/10 rup. 5

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA IVUGA IKI MURI MAKE?

Imana itunganya kurokora abantu

Imana yasezeraniye wa mwizigirwa Aburahamu yuko uwobaye rwa “ruvyaro” rwari rwaravuzwe yokomotse kuri we. Biciye kuri uwo muntu, abantu bo mu “mahanga yose” boronse imihezagiro. (Itanguriro 22:18) Yakobo umwuzukuru wa Aburahamu yahavuye yimukira mu Misiri, aho umuryango wiwe warondokeye ugacika ihanga rya kera rya Isirayeli.

Mu nyuma, Umufarawo umwe w’intwazamukazo wo mu Misiri yaragize abaja Abisirayeli gushika Imana ihagurukije umuhanuzi Musa, uno akaba ari we yakuye iryo hanga muri ico gihugu aricishije mu Kiyaga Gitukura cigabuyemwo kubiri ku gitangaro. Inyuma y’aho, Imana yarahaye Abisirayeli amategeko, dushizemwo na ya Mabwirizwa Cumi, kugira ngo abayobore yongere abakingire. Ayo mategeko yaratomora ibimazi botanze kugira ngo bababarirwe ivyaha. Musa ahumekewe n’Imana, yabwiye Isirayeli yuko Imana yobarungikiye uwundi muhanuzi. Uwo muhanuzi ni we yobaye rwa “ruvyaro” rwasezeranywe.

Haciye imyaka irenga 400, Imana yarasezeraniye Umwami Dawidi yuko uwo yoje, ari we rwa “ruvyaro” rwavugwa muri Edeni, yoganje ubwami bwokwamyeho ibihe bidahera. Uwo nyene ni we yobaye Mesiya, Umurokozi yagenywe n’Imana kugira ngo akize abantu yongere atume isi isubira kuba Iparadizo.

Imana yagiye irahishura n’ibindi bintu vyerekeye Mesiya ibicishije kuri Dawidi no ku bandi bahanuzi. Baramenyesheje ko Mesiya yobaye umuntu yicisha bugufi kandi w’umutima mwiza be n’uko intwaro yiwe yokuyeho inzara, akarenganyo be n’intambara. Abantu bose bobanye mu mahoro, mbere bakabana amahoro n’ibikoko. Indwara, imibabaro be n’urupfu vyokuweho, narirya bitari biri mu mugambi Imana yari ifise mu ntango. Vyongeye, abantu bapfuye bosubiye kuba bazima bakibera kw’isi.

Imana yaramenyesheje biciye ku muhanuzi Mika yuko Mesiya yovukiye i Betelehemu, biciye ku muhanuzi Daniyeli na ho imenyesha ko Mesiya yokwishwe. Ariko Imana yozuye Mesiya hanyuma ikamwimika ngo abe Umwami mw’ijuru. Daniyeli yareretswe kandi yuko impera n’imperuka Ubwami bwa Mesiya bwosubiriye intwaro z’abantu zose, bukaganza ibihe bidahera. None Mesiya yoba vy’ukuri yaraje nk’uko vyari vyaramenyeshejwe?

​—Iki kiganiro gishingiye kw’Itanguriro ikigabane ca 22-50, hamwe na Kuvayo, Gusubira mu vyagezwe, 2 Samweli, Zaburi, Yesaya, Daniyeli, Mika, Zekariya 9:9.

IZINA RYERANDA RY’IMANA

Muri Bibiliya, izina Yehova riboneka ari bwo bwa mbere mw’Itanguriro 2:4. Iryo zina ridasanzwe riboneka incuro nka 7.000 mu vyandikano vy’iminwe vyo mu ndimi Ivyanditswe Vyeranda vyanditswemwo mu ntango. Iryo zina risobanura ngo “Atuma biba.” Iyo nsobanuro iradukura amazinda yuko Imana ishoboye rwose gushitsa imigambi yayo yose be n’ivyo yasezeranye vyose.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika