ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 35:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Abahungu yavyaye kuri Leya bari: Rubeni imfura ya Yakobo+, na Simeyoni na Lewi na Yuda na Isakari na Zebuloni.

  • Itanguriro 37:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Nuko Yuda abwira bene wabo ati: “Vyomara iki hamwe twokwica mwene wacu tugapfuka koko amaraso yiwe+?

  • Itanguriro 38:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Yuda amubonye, aca amufata nk’umumaraya+, kuko yari yipfutse mu maso+.

  • Itanguriro 44:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nuko Yuda aramwegera, avuga ati: “Ndagusavye databuja, ndakwinginze ureke umushumba wawe avuge ijambo databuja yumva+, kandi ishavu ryawe+ ntirirurumbire umushumba wawe, kuko wewe uri nka Farawo+.

  • Itanguriro 49:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “Nayo wewe Yuda+, bene wanyu bazoguhaya+. Ukuboko kwawe kuzoba ku gakanu k’abansi bawe+. Abana ba so bazokubita inkoro hasi imbere yawe+.

  • 1 Ngoma 2:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Bene Yuda bari Ere+ na Onani+ na Shela+. Abo batatu yabavyariwe n’umukobwa wa Shuwa, Umunyakananikazi. Mugabo Ere imfura ya Yuda aba mubi mu maso ya Yehova, ku buryo amwica+.

  • Ivyahishuwe 5:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mugabo umwe muri ba bakurambere ambwira ati: “Reka kurira. Ehe ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda+, wa muzi+ wa Dawidi+, yaratsinze+ kugira ngo azingurure uwo muzingo amature n’udushashara indwi twawo.”

  • Ivyahishuwe 7:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mu muryango wa Yuda+, ni ibihumbi cumi na bibiri badomweko ikidodo;

      mu muryango wa Rubeni+, ibihumbi cumi na bibiri;

      mu muryango wa Gadi+, ibihumbi cumi na bibiri;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika