Gusubira mu vyagezwe 28:65 Bibiliya y’isi nshasha 65 Kandi muri ayo mahanga nta gahengwe uzoronka+, eka nta n’ahantu na hamwe h’ukuruhukira ubworo bw’ikirenge cawe buzoronka; kandi hiyo Yehova azoguha koko umutima ujugumira+, ukugwabira kw’amaso+, n’umwiheburo w’umutima. Imigani 28:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Uwuremerewe n’ukwagirwa n’amaraso y’umuntu, ubwiwe azohunga agana icobo+. Ntihagire abamufata. Hoseya 9:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Imana yanje+ izobashibura, kuko batayumvirije+, kandi bazoba impunzi mu mahanga+.
65 Kandi muri ayo mahanga nta gahengwe uzoronka+, eka nta n’ahantu na hamwe h’ukuruhukira ubworo bw’ikirenge cawe buzoronka; kandi hiyo Yehova azoguha koko umutima ujugumira+, ukugwabira kw’amaso+, n’umwiheburo w’umutima.