ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 28:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 “Kandi uze ukore akambarwa ko ku gikiriza k’uguca urubanza+, gahingurwe n’umudeshi. Uze ugakore gahinguwe nka efodi. Uzogakora mu nzahabu, inyuzi z’ubururu, ubwoya buzize ibara ry’umuyugubwe ugomba gutukura, igitambara c’ibara ry’agahama n’ilino nziza ihinzwe+.

  • Kuvayo 28:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 “Kandi Aroni aze yambare amazina ya bene Isirayeli kuri nya kambarwa ko ku gikiriza k’uguca urubanza, hejuru ku mutima wiwe igihe yinjiye Aheranda, kibe icibutso imbere ya Yehova nantaryo.

  • Kuvayo 28:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Kandi uze ushire Urimu+ na Tumimu* muri nya kambarwa ko ku gikiriza k’uguca urubanza, bize bibe hejuru ku mutima wa Aroni igihe yinjiye imbere ya Yehova; Aroni aze yambare nantaryo imanza+ za bene Isirayeli hejuru y’umutima wiwe imbere ya Yehova.

  • Kuvayo 39:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Hanyuma batangura gukora iminyororo itsivye kuri ka kambarwa ko ku gikiriza, ikozwe bwa mugozi, mu nzahabu itavanze+.

  • Kuvayo 39:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Amaherezo, bacishije mu bigōmbo vyako, babohera nya kambarwa ko ku gikiriza ku bigōmbo vya efodi hakoreshejwe akagozi k’ubururu, kugira kagume hejuru ya wa mukanda wa efodi kandi nya kambarwa ntigahave kava hejuru ya efodi, nk’uko Yehova yari yategetse Musa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika