ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 16:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Yehova abwira Musa ati: “Barira Aroni mwene wanyu, ntaze arinjira ibihe vyose ha hantu heranda+ inyuma y’irido+, imbere ya wa murumyo uri kw’Isandugu, kugira ntapfe+, kuko nzoseruka mu gicu+ hejuru ya nya murumyo+.

  • Guharura 9:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Nuko ku musi wo gushinga itaberenakulo+, igicu gipfuka itaberenakulo y’ihema ry’Igishingantahe+, mugabo ku mugoroba icasa n’umuriro+ kiguma hejuru y’itaberenakulo gushika mu gitondo.

  • Guharura 16:42
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 42 Ikoraniro rimaze gukoranira hamwe kurwanya Musa na Aroni, barahindukira baraba kw’ihema ry’ihuriro, maze igicu kiraripfuka, hanyuma ubuninahazwa bwa Yehova butangura kuboneka+.

  • 1 Abami 8:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Nuko abaherezi basohotse bavuye ahantu heranda, igicu+ cuzura inzu ya Yehova.

  • Ivyahishuwe 15:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Aheranda haca huzura umwotsi kubera ubuninahazwa bw’Imana+ no kubera ububasha bwayo, kandi nta n’umwe yashobora kwinjira aheranda gushika nya vyago indwi+ vya ba bamarayika indwi birangiye.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika