Kuvayo 9:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Ariko mu vy’ukuri, iki ni co catumye ndakureka ukabaho+: ni ukugira nkwereke ububasha bwanje no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+. Kuvayo 15:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ni nde mu mana ameze nkawe ga Yehova+?Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko ukomeye mu bweranda+? Uwo gutinya+ no gushemeza mu ndirimbo+, Uwukora ibitangaza+. Kuvayo 18:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Ubu rero ndamenye koko yuko Yehova akomeye kuruta izindi mana zose+, kubera ivyo bintu bakoze bita imbere mu kubarwanya.” Yosuwa 2:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+, be n’ivyo mwakoreye ba bami babiri b’Abamori bari hakurya ya Yorodani, ari bo Sihoni+ na Ogi+, abo mwatikije+. Nehemiya 9:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kandi wasatuye ikiyaga+ imbere yabo, ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+; maze abariko barabakurikira ubaraririza ibwina+ nk’ibuye+ mu mazi akomeye+. Yesaya 2:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Amaso yibona y’umuntu yakuwe mw’ivu ategerezwa kuja hasi, n’ukwishira hejuru kw’abantu gutegerezwa kumanuka+; kandi Yehova wenyene ni we azotegerezwa gushirwa hejuru kuri uwo musi+. Abaroma 9:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Kuko Icanditswe kibwira Farawo giti: “Iki nyene ni co catumye nkureka: ni ukugira ngo nerekanire kuri wewe ububasha bwanje, no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+.”
16 Ariko mu vy’ukuri, iki ni co catumye ndakureka ukabaho+: ni ukugira nkwereke ububasha bwanje no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+.
11 Ni nde mu mana ameze nkawe ga Yehova+?Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko ukomeye mu bweranda+? Uwo gutinya+ no gushemeza mu ndirimbo+, Uwukora ibitangaza+.
11 Ubu rero ndamenye koko yuko Yehova akomeye kuruta izindi mana zose+, kubera ivyo bintu bakoze bita imbere mu kubarwanya.”
10 Kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+, be n’ivyo mwakoreye ba bami babiri b’Abamori bari hakurya ya Yorodani, ari bo Sihoni+ na Ogi+, abo mwatikije+.
11 Kandi wasatuye ikiyaga+ imbere yabo, ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+; maze abariko barabakurikira ubaraririza ibwina+ nk’ibuye+ mu mazi akomeye+.
11 Amaso yibona y’umuntu yakuwe mw’ivu ategerezwa kuja hasi, n’ukwishira hejuru kw’abantu gutegerezwa kumanuka+; kandi Yehova wenyene ni we azotegerezwa gushirwa hejuru kuri uwo musi+.
17 Kuko Icanditswe kibwira Farawo giti: “Iki nyene ni co catumye nkureka: ni ukugira ngo nerekanire kuri wewe ububasha bwanje, no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+.”