ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 9:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ariko mu vy’ukuri, iki ni co catumye ndakureka ukabaho+: ni ukugira nkwereke ububasha bwanje no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+.

  • Kuvayo 15:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ni nde mu mana ameze nkawe ga Yehova+?

      Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko ukomeye mu bweranda+?

      Uwo gutinya+ no gushemeza mu ndirimbo+, Uwukora ibitangaza+.

  • Kuvayo 18:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Ubu rero ndamenye koko yuko Yehova akomeye kuruta izindi mana zose+, kubera ivyo bintu bakoze bita imbere mu kubarwanya.”

  • Yosuwa 2:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+, be n’ivyo mwakoreye ba bami babiri b’Abamori bari hakurya ya Yorodani, ari bo Sihoni+ na Ogi+, abo mwatikije+.

  • Nehemiya 9:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kandi wasatuye ikiyaga+ imbere yabo, ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+; maze abariko barabakurikira ubaraririza ibwina+ nk’ibuye+ mu mazi akomeye+.

  • Yesaya 2:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Amaso yibona y’umuntu yakuwe mw’ivu ategerezwa kuja hasi, n’ukwishira hejuru kw’abantu gutegerezwa kumanuka+; kandi Yehova wenyene ni we azotegerezwa gushirwa hejuru kuri uwo musi+.

  • Abaroma 9:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Kuko Icanditswe kibwira Farawo giti: “Iki nyene ni co catumye nkureka: ni ukugira ngo nerekanire kuri wewe ububasha bwanje, no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika