ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 20:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 uzokora akazi kandi urangure igikorwa cawe cose mu misi itandatu+.

  • Kuvayo 31:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 “Nayo wewe, barira bene Isirayeli uti: ‘Canecane amasabato yanje mubwirizwa kuyubahiriza+, kuko ari ikimenyetso hagati yanje namwe mu mayaruka yanyu, kugira mumenye yuko jewe Yehova ndiko ndabeza+.

  • Gusubira mu vyagezwe 5:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Kandi utegerezwa kwibuka yuko wacitse umushumba mu gihugu ca Misiri+ maze Yehova Imana yawe akagukuzayo ikiganza gikomeye n’ukuboko kuramvuye+. Ni co gituma Yehova Imana yawe yagutegetse kwubahiriza umusi w’isabato+.

  • Yeremiya 17:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Ntihagire umutwaro mukura mu mihana yanyu ku musi w’isabato; kandi ntihagire igikorwa mukora+. Mubwirizwa kweza umusi w’isabato, nk’uko nategetse ba sogokuruza banyu+;

  • Matayo 12:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Ku bw’ivyo vyose, ibaze ingene umuntu arusha agaciro intama+! Biremewe rero gukora ikintu ciza kw’isabato.”

  • Luka 13:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Ariko Umukama aramwishura ati: “Mwa biyorobetsi+ mwe, mbega umwe wese muri mwebwe kw’isabato ntazitura ishūri yiwe canke indogobwa yiwe mu ruhongore akayishora ku mazi+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika