Kuvayo 20:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 uzokora akazi kandi urangure igikorwa cawe cose mu misi itandatu+. Kuvayo 31:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “Nayo wewe, barira bene Isirayeli uti: ‘Canecane amasabato yanje mubwirizwa kuyubahiriza+, kuko ari ikimenyetso hagati yanje namwe mu mayaruka yanyu, kugira mumenye yuko jewe Yehova ndiko ndabeza+. Gusubira mu vyagezwe 5:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Kandi utegerezwa kwibuka yuko wacitse umushumba mu gihugu ca Misiri+ maze Yehova Imana yawe akagukuzayo ikiganza gikomeye n’ukuboko kuramvuye+. Ni co gituma Yehova Imana yawe yagutegetse kwubahiriza umusi w’isabato+. Yeremiya 17:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Ntihagire umutwaro mukura mu mihana yanyu ku musi w’isabato; kandi ntihagire igikorwa mukora+. Mubwirizwa kweza umusi w’isabato, nk’uko nategetse ba sogokuruza banyu+; Matayo 12:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Ku bw’ivyo vyose, ibaze ingene umuntu arusha agaciro intama+! Biremewe rero gukora ikintu ciza kw’isabato.” Luka 13:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Ariko Umukama aramwishura ati: “Mwa biyorobetsi+ mwe, mbega umwe wese muri mwebwe kw’isabato ntazitura ishūri yiwe canke indogobwa yiwe mu ruhongore akayishora ku mazi+?
13 “Nayo wewe, barira bene Isirayeli uti: ‘Canecane amasabato yanje mubwirizwa kuyubahiriza+, kuko ari ikimenyetso hagati yanje namwe mu mayaruka yanyu, kugira mumenye yuko jewe Yehova ndiko ndabeza+.
15 Kandi utegerezwa kwibuka yuko wacitse umushumba mu gihugu ca Misiri+ maze Yehova Imana yawe akagukuzayo ikiganza gikomeye n’ukuboko kuramvuye+. Ni co gituma Yehova Imana yawe yagutegetse kwubahiriza umusi w’isabato+.
22 Ntihagire umutwaro mukura mu mihana yanyu ku musi w’isabato; kandi ntihagire igikorwa mukora+. Mubwirizwa kweza umusi w’isabato, nk’uko nategetse ba sogokuruza banyu+;
12 Ku bw’ivyo vyose, ibaze ingene umuntu arusha agaciro intama+! Biremewe rero gukora ikintu ciza kw’isabato.”
15 Ariko Umukama aramwishura ati: “Mwa biyorobetsi+ mwe, mbega umwe wese muri mwebwe kw’isabato ntazitura ishūri yiwe canke indogobwa yiwe mu ruhongore akayishora ku mazi+?