Abalewi 20:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “‘Nihagira umuntu uwo ari we wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, ntaze abure kwicwa+. Se na nyina ni bo azoba ahamagariyeko akabi. Amaraso yiwe ari kuri we+. Imigani 20:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Uwo wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, itara ryiwe rizozima umwiza wegereje+. Imigani 30:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Hari iyaruka rihamagarira akabi kuri se, ntirinahezagire nyina+. Imigani 30:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ijisho ritwengera se mw’ijigo kandi rigasuzugura ukugamburukira nyina+, ibikona vyo mu mwonga bizorinogora, abana b’inkona na bo barirotse. Matayo 15:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nk’akarorero, Imana yavuze iti: ‘Tera iteka so na nyoko+’; yongera iti: ‘Uwututse se canke nyina ntaze abure gupfa+.’
9 “‘Nihagira umuntu uwo ari we wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, ntaze abure kwicwa+. Se na nyina ni bo azoba ahamagariyeko akabi. Amaraso yiwe ari kuri we+.
17 Ijisho ritwengera se mw’ijigo kandi rigasuzugura ukugamburukira nyina+, ibikona vyo mu mwonga bizorinogora, abana b’inkona na bo barirotse.
4 Nk’akarorero, Imana yavuze iti: ‘Tera iteka so na nyoko+’; yongera iti: ‘Uwututse se canke nyina ntaze abure gupfa+.’