Abalewi 20:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “‘Nihagira umuntu uwo ari we wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, ntaze abure kwicwa+. Se na nyina ni bo azoba ahamagariyeko akabi. Amaraso yiwe ari kuri we+. Gusubira mu vyagezwe 27:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 “‘Aravumwe umuntu akengera se canke nyina+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) Imigani 19:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Uwufata nabi se kandi akirukana nyina+ ni umwana akora ivy’akamaramaza n’ivy’agatetereza+. Imigani 20:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Uwo wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, itara ryiwe rizozima umwiza wegereje+. Mariko 7:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Mugabo mwebwe muvuga ngo: ‘Iyo umuntu abwiye se canke nyina ati: “Ico nari mfise cose nogufashisha ni korubani+ (ni ukuvuga ingabirano yeguriwe+ Imana),”’— 2 Timoteyo 3:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi+, intashima, ibihemu+,
9 “‘Nihagira umuntu uwo ari we wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, ntaze abure kwicwa+. Se na nyina ni bo azoba ahamagariyeko akabi. Amaraso yiwe ari kuri we+.
11 Mugabo mwebwe muvuga ngo: ‘Iyo umuntu abwiye se canke nyina ati: “Ico nari mfise cose nogufashisha ni korubani+ (ni ukuvuga ingabirano yeguriwe+ Imana),”’—
2 Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi+, intashima, ibihemu+,