Abalewi 20:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “‘Nihagira umuntu uwo ari we wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, ntaze abure kwicwa+. Se na nyina ni bo azoba ahamagariyeko akabi. Amaraso yiwe ari kuri we+. Gusubira mu vyagezwe 27:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 “‘Aravumwe umuntu akengera se canke nyina+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) Imigani 17:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Umwana w’ikijuju ni umwikomo kuri se+ be n’umururazi kuri nyina yamwibarutse+. Imigani 20:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Uwo wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, itara ryiwe rizozima umwiza wegereje+. Imigani 23:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Umviriza so yakuvyaye+, kandi ntusuzugure nyoko wawe ngo ni uko gusa ashaje+. Imigani 30:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Hari iyaruka rihamagarira akabi kuri se, ntirinahezagire nyina+. Imigani 30:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ijisho ritwengera se mw’ijigo kandi rigasuzugura ukugamburukira nyina+, ibikona vyo mu mwonga bizorinogora, abana b’inkona na bo barirotse. Mika 7:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko umuhungu asuzugura se, umukobwa agakurira hasi nyina+, umukazana agahagurukira inabukwe+; abansi b’umuntu ni abantu bo mu rugo rwiwe+. 2 Timoteyo 3:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi+, intashima, ibihemu+,
9 “‘Nihagira umuntu uwo ari we wese ahamagarira akabi kuri se na nyina+, ntaze abure kwicwa+. Se na nyina ni bo azoba ahamagariyeko akabi. Amaraso yiwe ari kuri we+.
17 Ijisho ritwengera se mw’ijigo kandi rigasuzugura ukugamburukira nyina+, ibikona vyo mu mwonga bizorinogora, abana b’inkona na bo barirotse.
6 Kuko umuhungu asuzugura se, umukobwa agakurira hasi nyina+, umukazana agahagurukira inabukwe+; abansi b’umuntu ni abantu bo mu rugo rwiwe+.
2 Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi+, intashima, ibihemu+,