25 Yehu akirangiza guhereza ishikanwa riturirwa, aca abwira abirutsi n’ibisongerezi ati: “Injire mubasasike! Ntihagire n’umwe asohoka+.” Nya birutsi na nya bisongerezi+ batangura kubasasikisha ubugi bw’inkota no kubaterera hanze, babandanya kugenda gushika mu gisagara c’inzu ya Bayali.