ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 37:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Agira impuhwe kandi agatanga ingurane bukarinda bwira+,

      Bigatuma uruvyaro rwiwe rwitega umuhezagiro+.

  • Zaburi 112:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  5 Umuntu w’umunyempuhwe+ kandi aguranana ni mwiza+.

      י [Yodi]

      Ivyiwe abishigikiza ubutungane+.

  • Imigani 3:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Ntureke kugirira iciza abagikwiriye+ kandi ukuboko kwawe kuri n’ububasha bwo kugikora+.

  • Imigani 14:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Uwugunga umuntu mutoyi aba asize iceyi Uwamuhinguye+, mugabo uwumuninahaza ni uwugirira ubutoni umworo+.

  • Luka 6:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Ahubwo mubandanye gukunda abansi banyu no gukora iciza no gutanga ingurane+, mutizigiye kwishurwa ikintu na kimwe; kandi impembo yanyu izoba nini, kandi muzoba abana ba Musumbavyose+, kuko agirira ubuntu+ intashima n’ababisha.

  • Ivyakozwe 11:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Nuko rero abo mu bigishwa, umwe wese nk’uko ashoboye+, biyemeza kurungika imfashanyo yo gutabara+ abavukanyi baba i Yudaya;

  • 1 Timoteyo 6:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 ubategeke gukora ivyiza+, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza+, gutanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi+,

  • 1 Yohani 3:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Mugabo uwo wese afise uburyo bwo kwibeshaho bwo muri iyi si+ akabona mwene wabo ari mu mukeno+ yamara akamwugarirako impuhwe ziwe z’ikibabarwe+, mbega urukundo rw’Imana ruguma muri we gute+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika