-
1 Abami 8:64Bibiliya y’isi nshasha
-
-
64 Kuri uwo musi, biba ngombwa ko umwami yeza igice co hagati c’ikigo kiri imbere y’inzu ya Yehova+, kuko ari ho yabwirizwa gutangira ikimazi giturirwa n’ishikanwa ry’intete n’ibikenye binuze vy’ibimazi vy’ugusangira; kuko igicaniro c’umujumpu+ kiri imbere ya Yehova cari gitoya cane ku buryo kitari gukwiramwo ico kimazi giturirwa, n’iryo shikanwa ry’intete, n’ivyo bikenye binuze+ vy’ibimazi vy’ugusangira.
-
-
Ezekiyeli 44:15Bibiliya y’isi nshasha
-
-
15 “‘Nayo abaherezi b’Abalewi+, bene Zadoki+, abitwararitse igikorwa bajejwe c’aheranda hanje igihe bene Isirayeli bata inzira bakayerera kure yanje+, abo ni bo bazonyegēra ngo bankorere, kandi bazohagarara imbere yanje+ kugira ngo banshikirize ikinure+ n’amaraso+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
-