Itanguriro 35:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Nuko mu gihe Isirayeli yari acumbitse+ muri ico gihugu, igihe kimwe Rubeni aragenda aryamana na Biluha incoreke ya se wiwe, maze Isirayeli aravyumva+. Abahungu ba Yakobo rero bari cumi na babiri. Abalewi 20:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Umugabo aryamanye n’umugore wa se, aba apfukuye ubwambure bwa se+. Bompi ntibaze babure kwicwa. Amaraso yabo ari kuri bo. Gusubira mu vyagezwe 22:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 “Nta mugabo akwiye gutwara umugore wa se, ngo ntiyambure impuzu* se+. Gusubira mu vyagezwe 27:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 “‘Aravumwe umuntu aryamana n’umugore wa se, kuko aba yambuye impuzu* se+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’) 2 Samweli 16:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Maze Ahitofeli abwira Abusalomu ati: “Nuryamane n’incoreke za so+, izo yasize ngo zitwararike inzu+. Maze Isirayeli yose ntizobura kwumva ko wigize umunuko+ kuri so+, kandi amaboko+ y’abari kumwe nawe bose azokomera ata gukeka.” 1 Abakorinto 5:1 Bibiliya y’isi nshasha 5 Mu vy’ukuri haravugwa ubusambanyi+ muri mwebwe, kandi ubusambanyi butari no mu mahanga, yuko hariho umuntu afise umugore wa se+.
22 Nuko mu gihe Isirayeli yari acumbitse+ muri ico gihugu, igihe kimwe Rubeni aragenda aryamana na Biluha incoreke ya se wiwe, maze Isirayeli aravyumva+. Abahungu ba Yakobo rero bari cumi na babiri.
11 Umugabo aryamanye n’umugore wa se, aba apfukuye ubwambure bwa se+. Bompi ntibaze babure kwicwa. Amaraso yabo ari kuri bo.
20 “‘Aravumwe umuntu aryamana n’umugore wa se, kuko aba yambuye impuzu* se+.’ (Abantu bose baze bavuge bati: ‘Amen!’)
21 Maze Ahitofeli abwira Abusalomu ati: “Nuryamane n’incoreke za so+, izo yasize ngo zitwararike inzu+. Maze Isirayeli yose ntizobura kwumva ko wigize umunuko+ kuri so+, kandi amaboko+ y’abari kumwe nawe bose azokomera ata gukeka.”
5 Mu vy’ukuri haravugwa ubusambanyi+ muri mwebwe, kandi ubusambanyi butari no mu mahanga, yuko hariho umuntu afise umugore wa se+.