Abalewi 20:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 “‘Mutegerezwa kugumya ivyagezwe+ vyanje vyose n’ingingo zanje zose z’ubutungane+, mukabishitsa, kugira ngo igihugu ndiko ndabajanamwo ngo mukibemwo ntikize kibadahwe+. Gusubira mu vyagezwe 4:1 Bibiliya y’isi nshasha 4 “Ubu rero, ewe Isirayeli, umviriza ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane* ndiko ndabigisha ngo muzishitse, kugira ngo mubeho+, kandi koko mwinjire, mwigarurire igihugu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu agira abahe. Gusubira mu vyagezwe 4:40 Bibiliya y’isi nshasha 40 Kandi utegerezwa kugumya ingingo nyobozi ziwe+ n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse uno musi, kugira bikugendere neza wewe+ n’abahungu bawe bo mu nyuma zawe, no kugira ngo urambire ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+, nantaryo.” Abaroma 2:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Nk’akarorero, abo bose bacumuye ata tegeko bazopfa ata tegeko nyene+; mugabo abo bose bacumuye bagabwa n’itegeko+ bazocirwa urubanza n’itegeko+.
22 “‘Mutegerezwa kugumya ivyagezwe+ vyanje vyose n’ingingo zanje zose z’ubutungane+, mukabishitsa, kugira ngo igihugu ndiko ndabajanamwo ngo mukibemwo ntikize kibadahwe+.
4 “Ubu rero, ewe Isirayeli, umviriza ingingo nyobozi n’ingingo z’ubutungane* ndiko ndabigisha ngo muzishitse, kugira ngo mubeho+, kandi koko mwinjire, mwigarurire igihugu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu agira abahe.
40 Kandi utegerezwa kugumya ingingo nyobozi ziwe+ n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse uno musi, kugira bikugendere neza wewe+ n’abahungu bawe bo mu nyuma zawe, no kugira ngo urambire ku butaka Yehova Imana yawe agira aguhe+, nantaryo.”
12 Nk’akarorero, abo bose bacumuye ata tegeko bazopfa ata tegeko nyene+; mugabo abo bose bacumuye bagabwa n’itegeko+ bazocirwa urubanza n’itegeko+.