ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 20:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Ku bw’ivyo nababwiye nti+: “Mwebwe muzokwigarurira ubutaka bwabo, nanje nzobubaha mubwigarurire, kikaba ari igihugu gitemba amata n’ubuki+. Ndi Yehova Imana yanyu, uwabashize ku ruhande mu kubatandukanya n’ibindi bisata vy’abantu+.”

  • Gusubira mu vyagezwe 33:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Isirayeli izokwiberaho mu mutekano+,

      Rya sôko rya Yakobo ryibere ukwa ryonyene+,

      Mu gihugu c’intete n’umuvinyu mushasha+.

      Egome, amajuru azoreka ikime gitonyange+.

  • 1 Abami 8:53
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 53 Kuko ari wewe wabatandukanije n’ibisata vy’abantu vyo kw’isi+ vyose kugira ngo babe intoranwa yawe, nk’uko nyene wavuze biciye kuri Musa+ umusavyi wawe, igihe wariko ukura ba sogokuruza bacu mu Misiri, ewe Mukama Segaba Yehova.”

  • Esiteri 3:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nuko Hamani abwira Umwami Ahasuwerusi ati: “Hariho igisata kimwe gisanzaye+ kandi kiri ukwaco mu bisata vyo mu ntara z’ubutware zose z’akarere utwara+; amategeko yaco aratandukanye n’ay’ikindi gisata cose, kandi amategeko y’umwami ntibayashira mu ngiro+, bikaba rero bitabereye ko umwami abareka gutyo.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika