12 Kandi mutegerezwa kunezerwa imbere ya Yehova Imana yanyu+, mwebwe n’abahungu banyu n’abakobwa banyu n’abashumba banyu n’abashumbakazi banyu n’Umulewi ari imbere mu marembo yanyu, kuko ata muturi canke intoranwa afise kumwe namwe+.
14 Umuryango w’Abalewi ni wo gusa atahaye intoranwa+. Amashikanwa ashikanishwa umuriro+ ya Yehova Imana ya Isirayeli ni yo ntoranwa yabo+, nk’uko nyene yabasezeraniye+.