ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 9:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ariko mu vy’ukuri, iki ni co catumye ndakureka ukabaho+: ni ukugira nkwereke ububasha bwanje no kugira ngo izina ryanje ryamamare mw’isi yose+.

  • Gusubira mu vyagezwe 28:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kandi ibisata vyose vy’abantu vyo kw’isi ntibizobura kubona ko witirirwa izina rya Yehova+, kandi bizogutinya koko+.

  • 1 Samweli 17:46
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 46 Uyu musi Yehova aragutanga mu kuboko kwanje+, nanje ndakwica ata kabuza, ndagukureko umutwe; kandi imivyimba y’ikambi y’Abafilisitiya uyu musi ndayiha koko ibiguruka vyo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi+; kandi abantu bo kw’isi yose bazomenya yuko hariho Imana ya Isirayeli+.

  • 1 Abami 8:42
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 42 (kuko bazokwumva ivyerekeye izina ryawe rihambaye+ n’ivyerekeye ikiganza cawe gikomeye+ be n’ivyerekeye ukuboko kwawe kuramvuye), akaza koko gusenga yerekeje kuri iyi nzu+,

  • 2 Abami 5:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Maze asubira kuri wa muntu w’Imana y’ukuri+, we hamwe n’ikambi yiwe yose; araza, ahagarara imbere yiwe araheza avuga ati: “Ehe ubu ndamenye koko yuko ata handi hantu hari Imana mw’isi atari muri Isirayeli+. None rero, ndakwinginze wemere ingabirano y’umuhezagiro+ ivuye ku musuku wawe.”

  • 2 Abami 19:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 None rero, ewe Yehova Mana yacu+, turakwinginze udukize+ mu kuboko kwiwe, kugira ngo ubwami bwose bwo mw’isi bumenye yuko wewe, ewe Yehova, ari wewe Mana wenyene+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika