ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 11:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Yosuwa afata ico gihugu cose, akarere k’imisozi na Negebu+ yose n’igihugu ca Gosheni+ cose na Shefela+ na Araba+ n’akarere k’imisozi ka Isirayeli na Shefela yako+,

  • Yosuwa 21:44
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 44 Vyongeye, Yehova abaha akaruhuko+ impande zose, yisunze ivyo yari yararahiye+ ko azoha ba sekuruza babo vyose; nta n’umwe mu bansi babo bose yabahagaze imbere+. Abansi babo bose Yehova yabatanze mu kuboko kwabo+.

  • Nehemiya 9:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Abahungu babo+ barinjiye rero bigarurira ico gihugu+, maze utangura kumara igabo+ imbere yabo ababa muri ico gihugu, Abanyakanani+, no kubatanga mu kuboko kwabo, egome, abami babo+ n’ibisata vy’abantu vy’ico gihugu+, kugira ngo babagire uko bagomba+.

  • Zaburi 78:55
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 55 Kandi kubera bo, igenda irirukana amahanga+,

      Ibagabagurira intoranwa ikoresheje ikamba yo gupimisha+,

      Ku buryo ituma imiryango ya Isirayeli yibera mu mihana yayo bwite+.

  • Zaburi 105:44
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 44 Amaherezo abaha ibihugu vy’amahanga+,

      Baguma bigarurira ibiva mu gikorwa c’ubutame c’imiryango y’amahanga+,

  • Ivyakozwe 7:45
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 45 Kandi ba sogokuruza bacu barisigaranye, na bo nyene bararizanye bari kumwe na Yosuwa+ baryinjiza mu gihugu cagabwa n’amahanga+, ayo Imana yirukanye imbere ya ba sogokuruza bacu+. Aho ni ho ryagumye gushika mu misi ya Dawidi.

  • Ivyakozwe 13:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Imaze guhonya amahanga indwi mu gihugu ca Kanani, igabura igihugu c’ayo mahanga ku bupfindo+:

  • Abaheburayo 11:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Kubera ukwizera, impome za Yeriko zaratemvye zimaze kuzungurukwa imisi indwi+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika