Abalewi 26:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Emwe, mwebwe nzobashinga igitsure canje*, kandi ntimuzogenda mudatsinzwe imbere y’abansi banyu+. Ababanka bazobahonyangira hasi+, kandi muzohunga ata wubomye inyuma+. Gusubira mu vyagezwe 28:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Yehova azotuma utsindwa imbere y’abansi bawe+. Uzojana inzira imwe ugiye kubatera, ujane inzira indwi ubahunga. Kandi uzocika akumiza ku bwami bwose bwo kw’isi+. Gusubira mu vyagezwe 32:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Mbega umwe yokinagiza gute igihumbi,Babiri na bo bakomora ibihumbi cumi+,Gitandara cabo atabagurishije+,Yehova atabatanze? Yesaya 30:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Igihumbi bazojugumizwa n’uguhambara kw’umwe+; uguhambara kwa batanu kuzobahungisha gushika musigaye muri nk’inkingi y’ubwato kw’isonga ry’umusozi, nk’ikimenyetso ku murambi+. Yesaya 59:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Oya, ahubwo amakosa yanyu ni yo yabaye ibibatandukanya n’Imana yanyu+, kandi ibicumuro vyanyu ni vyo vyatumye muhishwa mu maso hayo ngo ntiyumve+.
17 Emwe, mwebwe nzobashinga igitsure canje*, kandi ntimuzogenda mudatsinzwe imbere y’abansi banyu+. Ababanka bazobahonyangira hasi+, kandi muzohunga ata wubomye inyuma+.
25 Yehova azotuma utsindwa imbere y’abansi bawe+. Uzojana inzira imwe ugiye kubatera, ujane inzira indwi ubahunga. Kandi uzocika akumiza ku bwami bwose bwo kw’isi+.
30 Mbega umwe yokinagiza gute igihumbi,Babiri na bo bakomora ibihumbi cumi+,Gitandara cabo atabagurishije+,Yehova atabatanze?
17 Igihumbi bazojugumizwa n’uguhambara kw’umwe+; uguhambara kwa batanu kuzobahungisha gushika musigaye muri nk’inkingi y’ubwato kw’isonga ry’umusozi, nk’ikimenyetso ku murambi+.
2 Oya, ahubwo amakosa yanyu ni yo yabaye ibibatandukanya n’Imana yanyu+, kandi ibicumuro vyanyu ni vyo vyatumye muhishwa mu maso hayo ngo ntiyumve+.