50 Ibi ni vyo Yehova avuze: “Kiri hehe none icete c’ukwahukana+ ca nyoko wanyu, uwo nirukanye+? Canke, ni nde mu bo mperaniye nabagurishijeko+? Raba! Amakosa yanyu+ ni yo yatumye mugurishwa, kandi ibigabitanyo vyanyu ni vyo vyatumye nyoko wanyu yirukanwa+.