ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 14:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Nimba Yehova yarahimbawe natwe+, ntazobura kutuzana muri ico gihugu maze akiduhe, igihugu gitemba amata n’ubuki+.

  • Gusubira mu vyagezwe 7:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 “Kandi Yehova Imana yawe ata gukeka azohinda ayo mahanga agende arava imbere yawe buhorobuhoro+. Ntuzokwemererwa kuyaherengeteza ningoga, ngo ibikoko vyo mu gahinga ntibihave bigwira bikakugirira nabi.

  • Gusubira mu vyagezwe 33:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Urahiriwe, ewe Isirayeli+!

      Ni nde ameze nkawe+,

      Igisata cifitiye ubukiriro kuri Yehova+,

      Inkinzo y’ugutabarwa kwawe+,

      Akaba na we nkota yawe iminuje+?

      Abansi bawe rero bazohinda agashitsi imbere yawe+,

      Ariko wewe, ku bibanza vyabo bikirurutse ni ho uzogendera+.”

  • Yosuwa 13:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Iki ni co gihugu kigisigaye+: uturere twose tw’Abafilisitiya+ n’Abageshuri+ bose

  • Ivyakozwe 7:45
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 45 Kandi ba sogokuruza bacu barisigaranye, na bo nyene bararizanye bari kumwe na Yosuwa+ baryinjiza mu gihugu cagabwa n’amahanga+, ayo Imana yirukanye imbere ya ba sogokuruza bacu+. Aho ni ho ryagumye gushika mu misi ya Dawidi.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika